ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/2 rup. 10-14
  • Nukoreshe “inkota y’impwemu” ubigiranye ubuhanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe “inkota y’impwemu” ubigiranye ubuhanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ijambo ry’Imana riragira ububasha’
  • Nurikoreshe neza
  • Nurikoreshe ubigiranye ukwumvisha
  • Nubandanye kuyikoresha ubigiranye ubuhanga
  • ‘Nuramirize neza mw’Ijambo ry’Imana’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwumvishe abandi igihe ubigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Gusigura Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • ‘Ijambo ry’Imana rirafise ububasha’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/2 rup. 10-14

Nukoreshe “inkota y’impwemu” ubigiranye ubuhanga

“Mwemere . . . inkota y’impwemu, ni ryo jambo ry’Imana.”​—EF. 6:17.

1, 2. Ukuba hakenewe abandi bamamaji b’Ubwami bikwiye gutuma dukora iki?

YEZU amaze kubona ko amasinzi y’abantu yari akeneye ivy’impwemu, yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyimbura ni rinini mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” Yezu ntiyagarukirije aho. Amaze kuvuga ayo majambo, “[yaciye ahamagaza] abigishwa biwe cumi na babiri,” arabarungika ngo baje kwamamaza, ari kwo ‘kwimbura.’ (Mat. 9:35-38; 10:1, 5) Mu nyuma, Yezu “[yaratoye] bandi mirongo irindwi, hanyuma abatuma babiribabiri” gukora ico gikorwa nyene.​—Luka 10:1, 2.

2 Abamamaji b’Ubwami barakenewe cane no muri kino gihe. Abitavye Icibutso kw’isi yose mu mwaka w’umurimo wa 2009 bari 18.168.323. Ico gitigiri kingana n’igitigiri cose c’Ivyabona vya Yehova wongeyeko abantu barenga imiliyoni 10. Imirima irageze kwimbura koko. (Yoh. 4:34, 35) Ku bw’ivyo rero, turakwiye gusenga dusaba abandi bakozi. Ariko none, dushobora gute gukora duhuza n’ivyo tuba dusavye? Dushobora kubigira mu kurushiriza kuba abasuku kirumara, uko tugira uruhara tubigiranye umwete muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.​—Mat. 28:19, 20; Mrk. 13:10.

3. Impwemu y’Imana irangura gute uruhara ruhambaye mu bijanye no kudufasha kurushiriza kuba abasuku kirumara?

3 Ikiganiro c’imbere y’iki caraciye irya n’ino ingene ukuyoborwa n’impwemu y’Imana bidufasha “[ku]vuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi.” (Ibik. 4:31) Iyo mpwemu irashobora kandi kudufasha kuba abasuku b’abahanga. Uburyo bumwe bushobora kudufasha kurushiriza kuba kirumara mu busuku ni ugukoresha neza igikoresho ciza cane Yehova Imana yaturonkeje, ni ukuvuga Ijambo ryiwe ryanditse, ari ryo Bibiliya. Ico gitabu cabonetse biciye ku mpwemu nyeranda. (2 Tim. 3:16) Ubutumwa buri muri co bwahumetswe n’Imana. Ku bw’ivyo rero, igihe dusigura ukuri gushingiye ku Vyanditswe tubigiranye ubuhanga mu busuku turangura, bisobanura ko tuba tuyoborwa n’impwemu nyeranda. Imbere y’uko turimbura ingene ivyo twobigira, nimuze tuzirikane ku kuntu iryo Jambo rifise ububasha.

‘Ijambo ry’Imana riragira ububasha’

4. Ubutumwa bw’Imana buri muri Bibiliya bushobora gutuma umuntu agira ihinduka nyabaki?

4 Ese ukuntu ijambo ry’Imana, ni ukuvuga ubutumwa bwayo, rifise ububasha! (Heb. 4:12) Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ubutumwa buri muri Bibiliya burakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose yakozwe n’abantu, kubera yuko mu buryo bw’ikigereranyo bwinjira gushika n’aho butandukanya amagufa n’umusokoro wayo. Ukuri kwo mu vyanditswe kurashika i bwina mu muntu, maze kukinjira mu vyiyumviro vyiwe no mu nyiyumvo ziwe, ivyo bigaca bishira ahabona ukuntu ameze vy’ukuri imbere muri we. Ukwo kuri kurashobora gukoresha ububasha gufise, kugatuma umuntu ahinduka vy’ukuri. (Soma Abakolosayi 3:10.) Vyemere, Ijambo ry’Imana rirashobora guhindura ubuzima!

5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Bibiliya ishobora kutuyobora, kandi ivyo bishobora kuvamwo iki?

5 Vyongeye, Bibiliya ni igitabu kirimwo ubukerebutsi ntangere. Kirimwo amakuru ngirakamaro ashobora kwereka abantu ukuntu bobaho muri iyi si igoye kubamwo. Ijambo ry’Imana ntirimurikira gusa intambwe tuba duteye ariko kandi riramurikira inzira iba iri imbere yacu. (Zab. 119:105) Riradufasha bimwe bikomeye igihe tuba turi mu ngorane canke igihe tuba turiko turafata ingingo ku bijanye no guhitamwo abagenzi, ukwinezereza, akazi, inyambaro be n’ibindi. (Zab. 37:25; Imig. 13:20; Yoh. 15:14; 1 Tim. 2:9) Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana biratuma dushobora guhuza n’abandi. (Mat. 7:12; Flp. 2:3, 4) Igihe turetse inzira iba iri imbere yacu, mu buryo bw’ikigereranyo ikamurikirwa neza, bica bituma dushobora kurimbura ingaruka z’igihe kirekire ziva ku ngingo dufata. (1 Tim. 6:9) Ivyanditswe kandi biravuga imbere y’igihe ibijanye n’umugambi w’Imana werekeye kazoza, ivyo bikaba bidufasha kubaho duhuza n’uwo mugambi. (Mat. 6:33; 1 Yoh. 2:17, 18) Ese ukuntu umuntu ashobora kugira ubuzima buri n’ico buvuze aramutse aretse ingingo ngenderwako ziva ku Mana zikayobora ubuzima bwiwe!

6. Bibiliya ni ikirwanisho gikomeye ku rugero rungana gute mu ntambara turwana yo mu buryo bw’impwemu?

6 Zirikana kandi ukuntu Bibiliya ari ikirwanisho gikomeye mu ntambara turwana yo mu buryo bw’impwemu. Ijambo ry’Imana Paulo yaryise “inkota y’impwemu.” (Soma Abanyefeso 6:12, 17.) Igihe ubutumwa bwo muri Bibiliya bushikirijwe mu buryo ngirakamaro, burashobora gutuma abantu bava mu mvuto za Shetani zo mu buryo bw’impwemu. Ni inkota ikiza ubuzima aho kuba iyibuhonya. None wumva tudakwiye kwihatira kuyikoresha tubigiranye ubuhanga?

Nurikoreshe neza

7. Ni kubera iki bihambaye ko twiga gukoresha neza “inkota y’impwemu”?

7 Umusoda ashobora gukoresha mu buryo ngirakamaro ibirwanisho vyiwe mu ntambara, igihe gusa aba yarimenyereje akongera akiga kubikoresha. Ni ko biri no mu bijanye n’ugukoresha “inkota y’impwemu” mu ntambara turwana yo mu buryo bw’impwemu. Paulo yanditse ati: “Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize nk’uwemewe n’Imana, umukozi atagira ikimutetereza, akoresha neza ijambo ry’ukuri.”​—2 Tim. 2:15.

8, 9. Ni igiki kizodufasha gutahura ibivugwa muri Bibiliya? Tanga akarorero.

8 None ni igiki kizodufasha ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri’ mu busuku turangura? Imbere y’uko dushikiriza abandi mu buryo butomoye ivyo Bibiliya ivuga, twebwe ubwacu turakwiye kubanza kubitahura. Ivyo bisaba ko turimbura amakikuro y’umurongo kanaka canke y’icanditswe kanaka. Twisunze igitabu kimwe c’inyizamvugo, “amakikuro y’ijambo, y’iryungane canke y’igisomwa kanaka agizwe n’amajambo, amungane canke igisomwa usanga biza imbere be n’inyuma yavyo, maze bigafasha umuntu gutahura neza insobanuro bifise.”

9 Kugira ngo dutahure neza umurongo wo mu Vyanditswe bisaba ko turimbura amajambo awukikuje. Ivyavuzwe n’intumwa Paulo mu Bagalatiya 5:13 birerekana igituma ivyo bikenewe. Yanditse ati: “Kukaba nkako, mwahamagariwe umwidegemvyo, bavukanyi; kimwe gusa ntimukoreshe uwo mwidegemvyo bwa karyo ko gukora ivyo umubiri wipfuza, mugabo biciye ku rukundo, mushumbiranire.” None ni umwidegemvyo bwoko ki Paulo yariko aravuga? Yoba yariko avuga umwidegemvyo wo kubohorwa mu caha n’urupfu, wo kuva mu mvuto z’inyigisho z’ikinyoma, canke wo kubohorwa ikindi kintu? Amakikuro yerekana ko Paulo yariko avuga ibijanye n’umwidegemvyo uva ku ‘kubohorwa umuvumo w’itegeko.’ (Gal. 3:13, 19-24; 4:1-5) Yariko avuga umwidegemvyo wo kuba umukirisu. Abantu wasanga baha agaciro uwo mwidegemvyo barashumbiranira babitumwe n’urukundo. Abatagira urukundo na bo wasanga baja mu vyo kwambika ibara abandi no mu vyo gushihana.​—Gal. 5:15.

10. Kugira ngo dutahure neza insobanuro y’Ivyanditswe ni amakuru bwoko ki dukwiye kurimbura, kandi twoyaronka gute?

10 Kugira ngo dutahure neza insobanuro y’icanditswe kanaka, turakwiye kurimbura amakuru yerekeye ibiba biriko biravugwa, nk’uwanditse ico gitabu co muri Bibiliya, igihe candikiweko, be n’ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe candikwa. Kumenya icatumye ico gitabu candikwa na vyo nyene ni ngirakamaro; kandi bishobotse, kumenya ivyerekeye imico kama y’abantu b’ico gihe, ingene bigenza mu bijanye n’inyifato runtu, be n’imigenzo y’ivy’idini yagirwa ico gihe na vyo nyene vyofasha.a

11. Ni ukwiyubara nyabaki dukwiye kugira igihe dusigura ivyanditswe?

11 “[Gu]koresha neza ijambo ry’ukuri” birimwo n’ibindi uretse ugusigura ukuri kwo muri Bibiliya mu buryo butagira amakosa. Turakwiye kwiyubara kugira ngo ntidukoreshe Bibiliya ku bwo gutera abantu ubwoba. Naho dushobora gukoresha Ivyanditswe kugira ngo tuburanire ukuri nka kumwe Yezu yabigira igihe yageragezwa na wa Mubesheranyi, Bibiliya si ubuhiri twokoresha kugira ngo dutume abatwumviriza bemera ku gahato ivyo tuvuga. (Gus. 6:16; 8:3; 10:20; Mat. 4:4, 7, 10) Turakwiye kwumvira impanuro intumwa Petero yatanze igira iti: “Mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu, mwama nantaryo mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”​—1 Pet. 3:15.

12, 13. Ni “ibintu bihamangiye” ibihe ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana gushobora gutembagaza? Tanga akarorero.

12 None igihe dukoresheje neza ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, ni ibiki gushobora kurangura? (Soma 2 Abakorinto 10:4, 5.) Ukuri kwo mu Vyanditswe kurashobora gutembagaza “ibintu bihamangiye,” ni ukuvuga gushira ahabona inyigisho z’ikinyoma, imigenzo yonona be n’amafilozofiya ashingiye ku bukerebutsi bw’abantu b’abanyagasembwa. Turashobora gukoresha Bibiliya kugira ngo turandurane n’imizi ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose biba “[b]ihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.” Turashobora gukoresha inyigisho zo muri Bibiliya kugira ngo dufashe abandi guhuza ivyiyumviro vyabo n’ukuri.

13 Nk’akarorero, rimbura ibijanye n’umugore umwe afise imyaka 93 aba mu Buhindi. Kuva akiri umwana mutoyi yarigishijwe inyigisho ivuga ko iyo umuntu apfuye asubira kuvukira mu kindi kiremwa. Igihe yatangura kwigana Bibiliya n’umuhungu wiwe yaba mu kindi gihugu biciye ku kuza barandikiranira amakete, yaremeye n’umutima ukunze ivyo yariko ariga ku bijanye na Yehova be n’imihango yiwe. Yamara, inyigisho yuko ngo iyo umuntu apfuye asubira kuvukira mu kindi kiremwa yari yaratsimbataye cane mu bwenge bwiwe ku buryo yahakanye ivyo umuhungu wiwe yamwandikiye amubwira ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Yavuze ati: “Sinshobora gutahura ukwo kuri kwo mu Vyanditswe vyanyu. Amadini yose yigisha ko muri twebwe hariho ikintu kibandanya kubaho iyo dupfuye. Namye nantaryo nemera yuko ikibiribiri gipfa maze igihimba kitaboneka kiri mu muntu kigaca kivukira mu bindi biremwa, ivyo bikazoza biraba gushika ku ncuro nka 8.400.000. None wombwira gute ko ivyo atari ukuri? Amadini nka yose none, yoba yihenda?” Ubwo koko “inkota y’impwemu” yoba ishobora gutembagaza mwene iyo nyigisho yahamangiwe? Inyuma y’amayinga nk’angahe, bamaze kugiranira ibindi biganiro ku bijanye n’ico kibazo, uwo mugore yanditse ati: “Ubu rero nza natangura gutahura ukuri nyakwo ku vyerekeye urupfu. Kumenya yuko nihaba izuka tuzoshobora kubonana n’abacu bapfuye, biratuma ngira umunezero mwinshi. Ndizigiye yuko Ubwami bw’Imana bugiye kuza vuba.”

Nurikoreshe ubigiranye ukwumvisha

14. Kwumvisha abatwumviriza bisobanura iki?

14 Gukoresha Bibiliya mu buryo ngirakamaro mu busuku ntibigarukira gusa ku gusubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe. Paulo yaravuganye “ukwumvisha,” kandi ukwo ni ko natwe dukwiye kubigenza. (Soma Ibikorwa 19:8, 9; 28:23.) “Kwumvisha” bisigura “kwemeza.” Umuntu yumvishijwe “arajijuka cane ku buryo yizigira ikintu kanaka adakekeranya.” Igihe twumvisha umuntu ngo yemere inyigisho kanaka yo muri Bibiliya, tuba turiko turamwemeza kugira ngo yizigire iyo nyigisho. Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye kujijura uwutwumviriza yuko ivyo tuvuga ari ukuri. Ivyo dushobora kubigira mu buryo butandukanye bukurikira.

15. Ushobora gute kwerekeza ivyiyumviro vy’umuntu kuri Bibiliya mu buryo butuma ayubaha?

15 Niwerekeze ivyiyumviro vy’umuntu kw’Ijambo ry’Imana mu buryo butuma aryubaha. Igihe ugomba gusomera umuntu icanditswe, nushimike ku kuntu bihambaye kumenya ingene Imana ibona ico kintu muba muriko muraganirako. Umaze kubaza ikibazo no kuronka inyishu y’umunyamuhana, hari aho woshima kuvuga uti: ‘Reka turabe uko Imana ibona ibijanye n’ico kibazo.’ Kibure woshobora kubaza uti: ‘Mbega Imana ivuga iki ku bijanye n’iki kintu?’ Gucira inzira icanditswe muri ubwo buryo birashimika ku vy’uko Bibiliya iva ku Mana bikongera bigatuma uwumviriza arushiriza kuyiha agaciro. Kubigenza gutyo birahambaye na canecane igihe tuba turiko turabwira inkuru nziza umuntu yemera Imana ariko akaba atazi neza ivyo Bibiliya yigisha.​—Zab. 19:7-10.

16. Ni ibiki bizogufasha gusigura neza ivyanditswe?

16 Uretse gusa ugusoma ivyanditswe, nubisigure. Paulo yari afise akamenyero ko ‘gusigura’ ivyo yigisha no ‘kuvyemeza akoresheje ibintu vyanditswe’. (Ibik. 17:3) Kubera ko akenshi usanga umurongo wo mu Vyanditswe utarimwo iciyumviro kimwe gusa, hari aho wokenera kurobanuramwo ivyiyumviro nyamukuru bihuje n’ivyo muba muriko muraganira. Ivyo woshobora kubigira mu gusubiramwo amajambo aserura ivyo vyiyumviro, canke mu kubaza utubazo twofasha umunyamuhana gutora ayo majambo. Mu nyuma, nusigure ico ako gace ko mu canditswe gasobanura. Ivyo biheze, nufashe uwukwumviriza kubona ukuntu ico canditswe kimwerekeye ubwiwe.

17. Ushobora gute kuzirikana n’umuntu mu buryo bujijura ufatiye ku Vyanditswe?

17 Nuzirikane n’umuntu mu buryo bujijura ufatiye ku Vyanditswe. Paulo akoresheje ukwinginga kuvuye ku mutima be n’ivyiyumviro vyumvikana, ‘yarazirikaniye hamwe n’abandi’ mu buryo bujijura ‘afatiye ku Vyanditswe.’ (Ibik. 17:2, 4) Nk’ukwo kwa Paulo, niwihatire gushikira umutima w’uwukwumviriza. ‘Nuvome’ ibiri muri wo ukoresheje utubazo tutababaza twerekana ko umwitwararitse. (Imig. 20:5) Niwirinde kuvuga mu buryo butaranga urupfasoni. Nushikirize ivyiyumviro mu buryo butomoye kandi bwumvikana. Ivyo vyiyumviro bikwiye kuba bishigikiwe n’ibimenyamenya bijijura. Ivyo uvuga bikwiye kuba bishingiye cane kw’Ijambo ry’Imana. Gukoresha neza icanditswe kimwe, ukagisigura kandi ukagitangira ikigereranyo usanga ari vyiza kuruta gusoma ivyanditswe bibiri canke bitatu umuntu acishako. Gukoresha ibimenyamenya bishigikira ivyo uvuga birashobora kandi ‘kwongera ugushwirura ku minwa yawe.’ (Imig. 16:23, NW) Rimwe na rimwe, vyoshobora gukenerwa ko ugira ubushakashatsi kugira ngo utange amakuru yiyongereye. Wa mugore w’imyaka 93 twavuga yari akeneye kumenya igituma ya nyigisho ivuga y’uko ubugingo (canke umutima w’ubwenge) budapfa ikwiragiye cane hirya no hino. Kugira ngo uwo mugore yumvishwe maze yemere ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ico kibazo, vyari bikenewe cane ko uwamwigisha atahura aho iyo nyigisho yakomotse be n’ingene yinjiye mu madini nka yose yo muri iyi si.b

Nubandanye kuyikoresha ubigiranye ubuhanga

18, 19. Ni kubera iki dukwiye kubandanya gukoresha “inkota y’impwemu” tubigiranye ubuhanga?

18 Bibiliya ivuga iti: “Ibintu vyo kuri iyi si biriko birahindagurika.” Abantu babi bagenda burushiriza kuba babi. (1 Kor. 7:31; 2 Tim. 3:13) Ni co gituma bihambaye ko tubandanya gutembagaza “ibintu bihamangiye” dukoresheje “inkota y’impwemu, [ari] ryo jambo ry’Imana.”

19 Ese ukuntu duhimbarwa no kuba dufise Ijambo ry’Imana Bibiliya be no kuba dukoresha ubutumwa bukomeye buri muri yo, kugira ngo turandurane n’imizi inyigisho z’ikinyoma twongere dushikire abantu b’imitima nziraburyarya! Nta kintu na kimwe gihamangiye gikomeye kuruta ubwo butumwa. Nimuze rero turushirize kugira akigoro ko gukoresha iyo “nkota y’impwemu” tubigiranye ubuhanga mu gikorwa twashinzwe n’Imana co gutangaza Ubwami.

[Utujambo tw’epfo]

a Ibikoresho vyiza cane vyodufasha kuronka amakuru yerekeye ibitabu vyo muri Bibiliya ni twa dutabu “Ivyanditswe vyose ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro” be n’igitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” igitabu Étude perspicace des Écritures be n’ibiganiro bivuga ngo “Ijambo rya Yehova ni rizima” dusanga mu Munara w’Inderetsi.

b Raba agatabu Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? urupapuro rwa 5-16.

Wize iki?

• Ijambo ry’Imana rifise ububasha bungana iki?

• Dushobora gute ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri’?

• Ubutumwa buri muri Bibiliya bushobora kurangura iki ku bijanye n’“ibintu bihamangiye”?

• Woshobora gute kuryohora uburyo ukoresha mu kwumvisha mu busuku?

[Uruzitiro ku rup. 12]

Ukuntu twokoresha Ijambo ry’Imana tubigiranye ukwumvisha

▪ Nutume abantu bubaha Bibiliya

▪ Nusigure Ivyanditswe

▪ Nuzirikane n’abantu mu buryo bujijura kugira ngo ushikire umutima

[Ifoto ku rup. 11]

Utegerezwa kwiga gukoresha “inkota y’impwemu” mu buryo ngirakamaro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika