Nugumane ubutoni ku Mana naho hoba amahinduka mu buzima
WOBA uriko urashikirwa n’amahinduka mu buzima bwawe? Woba ubona ko bigoye kwemera ayo mahinduka? Abenshi muri twebwe baramaze gushikirwa n’ico kintu canke na ho kizobashikira. Hariho uburorero bw’ibintu vyabaye koko muri kahise bwodufasha kumenya kamere zishobora kuba ngirakamaro mu bihe nk’ivyo.
Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Dawidi hamwe n’amahinduka atari make yabwirijwe kwihanganira. Igihe Samweli yamurobanuza amavuta kugira ngo azobe umwami, yari akiri agahungu gatoyi karagira intama. Akiri muto, yaritanze avyishakiye kugira ngo aje kurwana na ca kigatanya c’Umufilisitiya citwa Goliyati. (1 Sam. 17:26-32, 42) Uwo musore Dawidi yaratumiwe ku kirimba c’Umwami Sauli kugira ngo aje kubayo, maze aragenwa ngo abe umukuru w’ingabo. Dawidi ntiyari yarigeze yiyumvira yuko mu buzima bwiwe hobaye amahinduka nk’ayo; eka mbere ntiyashobora kwiyumvira imbere y’igihe ivyobaye mu nyuma.
Ubucuti Dawidi yari afitaniye na Sauli bwahavuye butosekara bimwe bikomeye. (1 Sam. 18:8, 9; 19:9, 10) Kugira ngo Dawidi akize agatwe, yabwirijwe kumara imyaka itari mike aza aranyegera. N’igihe mbere yaganza ari umwami wa Isirayeli, ivyiwe vyarahindutse bimwe bikomeye, na canecane aho amariye kurenga ibigo hanyuma akicisha umuntu kugira ngo agerageze gupfukapfuka ico gicumuro. Ibicumuro vyiwe bwite vyaratumye agira ivyago mu muryango wiwe. Kimwe muri ivyo vyago ni ic’uko umuhungu wiwe Abusalomu yamugararije. (2 Sam. 12:10-12; 15:1-14) Naho ari ukwo, Dawidi amaze kwigaya igicumuro yakoze co kurenga ibigo be n’ico kwica, Yehova Imana yaramubabariye hanyuma asubira kumutonesha.
Ukuntu ivyawe vyifashe, na vyo nyene vyoshobora guhinduka. Ingorane z’amagara, ingorane z’ivy’ubutunzi canke ingorane zo mu muryango, eka mbere n’ivyo dukora ubwacu, biratuma haba amahinduka mu buzima bwacu. None ni kamere izihe zishobora kudufasha kwitegura neza kugira ngo duhangane n’izo ngorane?
Ukwicisha bugufi kuradufasha
Kwicisha bugufi bisaba kugaragaza agatima ko kugamburuka. Ukwicisha bugufi nyakuri kuradufasha kubona uko twebwe ubwacu tumeze vy’ukuri, kukadufasha no kubona uko abandi bameze vy’ukuri. Mu gihe tutosuzugura kamere z’abandi be n’ivyo bashoboye, turashobora kurushiriza kubaha agaciro no guha agaciro ivyo bakora. Muri ubwo buryo nyene, ukwicisha bugufi kurashobora kudufasha gutahura igituma ikintu kinaka cadushikiye be n’ingene twovyifatamwo muri ico gihe.
Yonatani umuhungu wa Sauli, ni akarorero keza muri ivyo. Ukuntu ivyiwe vyari vyifashe kwarahindutse bivuye ku bintu vyabaye ata co yari gushobora kubihindurako. Igihe Samweli yabwira Sauli yuko Yehova yomwatse ubwami, ntiyavuze ko Yonatani ari we yomusubiriye ku ngoma. (1 Sam. 15:28; 16:1, 12, 13) Kuba Imana yari yahisemwo Dawidi ngo abe ari we aba umwami wa Isirayeli, vyatumye Yonatani ata co ahanoba. Hari ukuntu ubugarariji bwa Sauli bwagize ingaruka mbi kuri Yonatani. Naho Yonatani ata ruhara yari yarabigizemwo, ntiyosubiriye se. (1 Sam. 20:30, 31) None Yonatani yavyifashemwo gute? Yoba yaragize umujinya kubera ako karyo yari atakaje, akagirira ishari Dawidi? Habe na buhoro. Naho Yonatani yari akuze kuruta Dawidi kandi akaba yari azi utuntu n’utundi kumurusha, yaramushigikiye adahemuka. (1 Sam. 23:16-18) Ukwicisha bugufi kwaramufashije kubona uwo Imana yari yarahezagiye uwo ari we, kandi ‘ntiyiyumviriye ko ahambaye kuruta uko yabwirizwa kwiyumvira.’ (Rom. 12:3) Yonatani yaratahura ivyo Yehova yari amwitezeko kandi yaremeye ingingo yafashe ku bijanye n’ico kintu.
Mu vy’ukuri, amahinduka atari make aratuma haba ingorane zitari zimwe. Vyarashitse aho Yonatani agira ivyo akoranye n’abantu babiri yiyumvamwo cane. Umwe yari umugenzi wiwe Dawidi yari yagenywe na Yehova ngo abe umwami. Uwundi na we yari Sauli, se wiwe, uwari yanswe na Yehova mugabo akaba yari akiganza ari umwami. Ivyo bintu bitegerezwa kuba vyaratumye Yonatani ashuha umutwe magingo yariko agerageza kugumana ubutoni kuri Yehova. Amahinduka tubwirizwa kwihanganira yoshobora gutuma twiganyira kandi tukagira ubwoba. Ariko mu gihe twogerageza gutahura ukuntu Yehova abona ibintu, twoshobora kubandanya tumusukurira tudahemuka naho nyene twoshikirwa n’amahinduka mu buzima.
Igituma kwifata ruto bihambaye
Ukwifata ruto bisigura ko umuntu atahura neza ko hari ivyo adashoboye. Ukwifata ruto ntigukwiye kwitiranywa n’ukwicisha bugufi. Umuntu yicisha bugufi yoshobora kutamenya neza ko hari ivyo adashoboye.
Dawidi yarifata ruto. Naho Yehova yari yaramutoye kugira ngo abe umwami, yaramaze imyaka itari mike atarashikira ingoma. Nta ho dusoma yuko Yehova yoba yarasiguriye Dawidi igituma gushikira iyo ngoma vyasa n’uko bitevye. Yamara, ivyo ntivyamubujije amahoro, naho vyasa n’ibitesha umutwe. Yari azi neza ko hari ivyo adashoboye, kandi yaratahura yuko Yehova, We yari yaretse bikaba, yari afise ibintu mu minwe. Ni co gituma mbere Dawidi atishe Sauli kugira ngo akize ubuzima bwiwe, akabuza n’umugenzi wiwe Abishayi gukora ico kintu.—1 Sam. 26:6-9.
Rimwe na rimwe, mw’ishengero turimwo hoshobora kuba ikintu tudatahura canke tukabona umengo nticatunganijwe mu buryo bwiza kuruta kibure mu buryo buri ku rutonde kuruta ubundi. Twoba tuzokwemera tubigiranye ukwifata ruto ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero be n’uko akora biciye ku nama y’abakurambere bagenywe ngo baje imbere abandi? Twoba tuzokwifata ruto, tuzi yuko kugira ngo tugume dutoneshwa na Yehova dukeneye kumuhanga amaso ngo atuyobore biciye kuri Yezu Kristu? Twoba tuzorindira tubigiranye ukwifata ruto n’igihe ivyo vyoba ari urugamba?—Imig. 11:2.
Ugutekereza kuradufasha kubona ibintu mu buryo bwiza
Ugutekereza ni ukwitonda. Ugutekereza kuradufasha kwihanganira ukugirirwa nabi, tutarinze gushavura, kugira inzika canke kwihora. Ugutekereza ni kamere itoroshe gutsimbataza. Birashimishije kubona mu canditswe kimwe co muri Bibiliya, “abatekereza bo kw’isi” baterwa akamo ko “[kurondera] ubutekereji.” (Zef. 2:3, NW) Ugutekereza kurafitaniye isano n’ukwicisha bugufi hamwe n’ukwifata ruto. Mugabo kandi ugutekereza kurimwo izindi kamere, nk’ukumera neza be n’ubwitonzi. Umuntu atekereza arashobora gutera imbere mu vy’impwemu kuko aba ari umuntu yemera kwigishwa kandi akemera kubumbabumbwa.
None ugutekereza gushobora gute kudufasha kwihanganira amahinduka ashika mu buzima bwacu? Ngira ngo uramaze kubona ko abantu benshi batakira neza amahinduka. Mu vy’ukuri, amahinduka arashobora kutubera uturyo two kurushiriza kumenyerezwa na Yehova. Ivyo biragaragazwa n’ivyabaye mu buzima bwa Musa.
Igihe Musa yari afise imyaka 40, yari amaze kugira kamere nziza cane. Yari yarerekanye yuko yitaho ivyo abasavyi b’Imana bari bakeneye yongera aragaragaza agatima ko kwitanga. (Heb. 11:24-26) Yamara, imbere y’uko Yehova amushinga igikorwa co gukura Isirayeli mu Misiri, Musa yabwirijwe gushikirwa n’amahinduka yatumye ugutekereza kwiwe gutyororwa. Yabwirijwe kuva mu Misiri ahungira mu gihugu c’Abamidiyani abayo imyaka 40 ari umwungere, aho atashobora kuvugangwa. None vyavuyemwo iki? Iryo hinduka ryaratumye arushiriza kuba umuntu mwiza. (Guh. 12:3) Yarize gushira imbere ivy’impwemu aho gushira imbere ivyiwe bwite.
Kugira ngo tubone ugutekereza kwa Musa, reka turimbure ivyabaye igihe Yehova yavuga yuko agomba gushibura ihanga rya Isirayeli ryagambarara, hanyuma agatuma abakomoka kuri Musa bacika ihanga rikomeye. (Guh. 14:11-20) Musa yaratakamvye asabira iryo hanga. Amajambo yavuze arerekana yuko atari arajwe ishinga n’inyungu ziwe bwite, ahubwo ko yari arajwe ishinga n’uko Imana yovugwa neza be n’uko abavukanyi biwe bomererwa neza. Ibanga Musa yari ajejwe ryo kuba indogozi akaba n’umuhuza w’iryo hanga ryasaba umuntu aterekeza. Naho Miriyamu na Aroni bamwidogeye, inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko Musa yari “uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose.” (Guh. 12:1-3, 9-15, NW) Biboneka yuko Musa yihanganiye ibitutsi vyabo abigiranye ugutekereza. None ibintu vyari kugenda gute iyo Musa ataza kuba ari umuntu atekereza?
Ikindi gihe, impwemu ya Yehova yaraje ku bagabo nka bangahe, maze ituma bavuga ubuhanuzi. Yosuwa umusuku wa Musa yiyumviriye yuko abo Bisirayeli bariko bakora ibitabereye. Ariko Musa we, abigiranye ugutekereza yarabonye ibintu nk’uko Yehova abibona, ntiyahagarikwa umutima n’ivyerekeye ugutakaza ubukuru yari afise. (Guh. 11:26-29) Iyo Musa ataza kuba atekereza, none yari kwemera iryo hinduka ryabaye mu bijanye n’indinganizo ya Yehova?
Ugutekereza kwaratumye Musa akoresha neza ubukuru buhambaye yari yarahawe yongera arangura neza ibanga Imana yari yaramujeje. Yehova yaramusavye kuduga ku Musozi Horebu, agahagarara imbere y’igisata ciwe. Imana yaravuganye na Musa biciye ku mumarayika, imugena kuba umuhuza w’isezerano. Ugutekereza kwa Musa kwaratumye yemera iryo hinduka rikomeye mu bijanye n’ubukuru, kandi agumana ubutoni ku Mana.
Tweho bite? Ugutekereza ni ntahara mu bijanye n’iterambere ryacu. Abashinzwe amabanga bose mu basavyi b’Imana kandi bagahabwa n’ubukuru, barakeneye kuba abatekereza. Iyo kamere iratuma tutagira ubwibone igihe haba hari ibihindutse kandi iratuma dushobora guhangana n’ibintu bidushikira, tubigiranye agatima keza. Ukuntu tuvyifatamwo birahambaye. Twoba tuzokwemera ayo mahinduka? Twoba tuzoyabona nk’akaryo ko kugira ivyo turyohoye? Hari aho wosanga ari ko karyo rudende turonse ko gutsimbataza kamere y’ugutekereza!
Tuzokwama duhangana n’amahinduka mu buzima. Rimwe na rimwe usanga bitoroshe gutahura igituma ibintu kanaka bishika. Kuba hari ivyo tudashoboye be no kugira umukazo mu mutima vyoshobora gutuma bitugora kuguma tubona ibintu mu buryo bw’impwemu. Ariko ntiwumve, kamere nk’ukwicisha bugufi, ukwifata ruto be n’ugutekereza, zizodufasha kwemera amahinduka kandi tugumane ubutoni ku Mana.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Ukwicisha bugufi nyakuri kuradufasha kubona uko twebwe ubwacu tumeze vy’ukuri
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Ugutekereza ni ntahara mu bijanye n’iterambere ryacu
[Ifoto ku rup. 5]
Musa yabwirijwe kwihanganira ingorane zatumye ugutekereza kwiwe gutyororwa