Rwaruka, nimuyoborwe n’Ijambo ry’Imana
“Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.”—IMIG. 4:5.
1, 2. (a) Ni igiki cafashije intumwa Paulo gutsinda urugamba yanyinyana na rwo muri we? (b) Ushobora gute kuronka ubukerebutsi n’ugutahura?
“IYO nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” Woba uzi uwavuze ayo majambo uwo ari we? Nta wundi atari intumwa Paulo. Naho Paulo yakunda Yehova, vyarashika akabona ko gukora ikigororotse ari urugamba. None yiyumva gute ku bijanye n’urwo rugamba yanyinyana na rwo muri we? Yanditse ati: “Ewe jewe ndagowe!” (Rom. 7:21-24) Woba ushobora gutahura ukuntu Paulo yiyumva? Vyoba bishika ukabona yuko bigoye gukora ikintu kigororotse? Ivyo vyoba bikubabaza nk’uko vyababaza Paulo? Nimba ari ukwo biri, ntucike intege. Paulo yarashoboye kuvyifatamwo neza muri izo ngorane zamushikira, kandi na wewe wobishobora.
2 Paulo yaroraniwe kubera yuko yareka akayoborwa n’“amajambo ngirakamaro.” (2 Tim. 1:13, 14) Ivyo vyatumye aronka ubukerebutsi n’ugutahura yari akeneye kugira ngo atsinde ingorane yongere afate ingingo nziza. Yehova Imana arashobora kugufasha kuronka ubukerebutsi n’ugutahura. (Imig. 4:5) Yaratanze impanuro nziza kuruta izindi zose mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. (Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.) Rimbura ingene ushobora kwungukira ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe mu migenderanire ufitaniye n’abavyeyi bawe, igihe urondera kumenya ingene wokoresha neza amahera be n’igihe uri wenyene.
Nuyoborwe n’Ijambo ry’Imana mu muryango
3, 4. Ni kubera iki woshobora kubona ko bigoye kugamburuka amategeko abavyeyi bawe bagushingira, mugabo ni igiki gituma abavyeyi bashinga amategeko?
3 Woba ubona ko ari urugamba kubaho wisunga amategeko abavyeyi bawe bagushingira? Ni kubera iki ivyo vyoshobora kuba ari ukwo biri? Imvo imwe yoshobora kuba ari iy’uko wipfuza kurushiriza kuronka umwidegemvyo. Kugira icipfuzo nk’ico ni ibisanzwe. Ni kimwe mu bintu bigushikana ku kuba umuntu akuze. Ariko rero igihe ukiri i muhira, ubwirizwa kugamburukira abavyeyi bawe.—Ef. 6:1-3.
4 Kubona mu buryo bubereye amategeko abavyeyi bawe bagushingira be n’ivyo bagusaba birashobora gutuma urushiriza kworoherwa no kubaho uvyisunga. Ego ni ko, vyoshobora gushika ukumva umerewe nk’uko uwitwa Briellea w’imyaka 18 yumva amerewe, uno akaba yavuze ku vyerekeye abavyeyi biwe ati: “Baribagiye rwose ukuntu ibintu biba vyifashe igihe umuntu ari mu rugero rwanje. Ntibashaka ko ngira ico mvuze, ko mfata ingingo, canke ko mba umuntu akuze.” Nk’ukwo kwa Brielle, woshobora kubona yuko abavyeyi bawe banka kuguha umwidegemvyo nk’uwo wiyumvira ko bari bakwiye kuguha. Ariko rero, ikintu nyamukuru gituma abavyeyi bawe bagushingira amategeko ni uko barajwe ishinga n’ibikwerekeye. Vyongeye, abavyeyi bawe bakirisu barazi yuko hari ico Yehova azobabaza ku bijanye n’ukuntu bakwitwararika.—1 Tim. 5:8.
5. Kugamburukira abavyeyi bawe vyoshobora gute kukugirira akamaro?
5 Mu vy’ukuri, kugamburuka amategeko abavyeyi bawe bagushingira bimeze nko kuriha ideni ufitiye ibanki; uko urushiriza kuba umwizigirwa mu bijanye no kuriha ayo mahera, ni ko iyo banki irushiriza kugira agatima ko kuguha ideni. Muri ubwo buryo nyene, abavyeyi bawe urabafitiye ideni ryo kububaha no kubagamburukira. (Soma Imigani 1:8.) Uko urushiriza kugamburukira abavyeyi bawe, ni ko bishoboka rwose ko barushiriza kuguha umwidegemvyo. (Luka 16:10) Ariko rero, ubandanije kurenga ku mategeko abavyeyi bawe bagushingira, ntuze utangare nibagabanya ico twokwita ingurane baguha canke mbere bakayihagarika.
6. Abavyeyi bashobora gute gufasha abakiri bato kugamburuka?
6 Uburyo bumwe abavyeyi bashobora gufasha abana babo kugamburuka amategeko bashinga, ni mu kubaha akarorero. Kuba bo ubwabo bafise umutima ukunze wo kugamburuka ivyo Yehova asaba bikwiye kwerekana ko amategeko Imana ishinga ategereka. Ivyo bizofasha abakiri bato gutahura yuko kugamburuka amategeko abavyeyi babo bashinga ari ikintu gitegereka. (1 Yoh. 5:3) Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko hari igihe vyashika mbere Yehova agaha abasavyi biwe akaryo ko kuvuga ico biyumvira ku bibazo binaka. (Ita. 18:22-32; 1 Bm. 22:19-22) Hoba hoshobora kubaho ibihe abavyeyi boha abana babo akaryo ko kugira ico bavuze ku bintu bitandukanye?
7, 8. (a) Ni ingorane iyihe abakiri bato bamwebamwe bahangana na yo? (b) Ni ibiki wotahura vyogufasha kwungukira ku ndero utozwa?
7 Abakiri bato boshobora kandi guhangana n’ingorane ijanye no kwihanganira ico babona ko ari ukunebagurwa kurangwa akarenganyo kugirwa n’abavyeyi babo. Vyoshobora kuba vyarashitse ukumva umerewe nk’uko umusore umwe yitwa Craig yumvise amerewe, uno akaba yavuze ati: “Mawe yari ameze nk’umupolisi ajejwe iperereza, ni ukuvuga yuko yama ariko ararondera aho ntakoze neza.”
8 Akenshi usanga abavyeyi bakosora abana babo canke babatoza indero mu buryo bwo kubanebagura. Bibiliya iremera icese yuko ugutozwa indero, n’igihe nyene kuba kwumvikana rwose, kugoye kwemera. (Heb. 12:11) Ni igiki cogufasha kwungukira ku ndero utozwa? Ikintu nyamukuru ukwiye kwibuka ni uko bishoboka rwose ko abavyeyi bawe baguhanura babitumwe n’urukundo bagukunda. (Imig. 3:12) Bipfuza kugufasha kwirinda ingeso mbi no kugufasha gutsimbataza ingeso nziza. Abavyeyi bawe bashobora rwose kuba babona yuko mu gihe batagukosoye, ari nk’aho baba bakwanka! (Soma Imigani 13:24.) Vyongeye, uramenya yuko gukora amakosa biri mu bigize ukwiga kwawe. Ku bw’ivyo igihe ukosowe, ubona gute urondeye ubukerebutsi wokura mu biba biriko biravugwa? Bibiliya ivuga iti: “[Kwunguka ubukerebutsi ni] vyiza kuruta kwunguka ifeza, kandi kubwimbura ni vyiza kuruta kwimbura inzahabu.”—Imig. 3:13, 14.
9. Abakiri bato bokora iki aho kuguma biyumvira ivyo babona ko ari akarenganyo?
9 Ariko rero, abavyeyi na bo nyene barakora amakosa. (Yak. 3:2) Igihe bariko baragutoza indero, vyoshobora gushika bakavuga batiyumviriye. (Imig. 12:18) Ni ibiki vyoshobora gutuma abavyeyi bawe bavuga muri ubwo buryo? Boshobora kuba bari mu mukazo, canke bagashobora kuba babona yuko amakosa wakoze yerekana ko hari ico batashikije. Aho kuguma wiyumvira ivyo ubona ko ari akarenganyo, ubona gute werekanye ko ukenguruka icipfuzo gikomeye bafise co kugufasha? Ubushobozi bwo kwemera gutozwa indero buzokugirira akamaro niwakura.
10. Ushobora gute kurushiriza kworoherwa no kwemera amategeko abavyeyi bawe bashinga be no gukosorwa na bo?
10 Woba wipfuza ko birushiriza kukworohera kwemera amategeko abavyeyi bawe bashinga no kwemera gukosorwa na bo? Nimba ari ukwo biri, urakeneye kuryohora ukuntu userura akari ku mutima. Ivyo none wobigira gute? Ikintu ca mbere wokora ni ukwumviriza. Bibiliya ivuga iti: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yak. 1:19) Aho kwihutira kwisigura, nugerageze kwigumya maze wumvirize witonze ivyo abavyeyi bawe bakubwira. Niwibande ku biriko biravugwa, aho kwibanda ku kuntu bivugwa. Nuce ubereka yuko watahuye ivyo bavuze mu kwemera ikosa ubigiranye icubahiro. Kubigenza gutyo bizobakura amazinda yuko wumvise ivyo bavuze. Bite hoho mu gihe wipfuza gusigura ivyo wavuze canke ivyo wakoze? Akenshi usanga biranga ubukerebutsi ‘kugumya iminwa yawe’ gushika umaze kwemeranya n’ivyo abavyeyi bawe bipfuza. (Imig. 10:19) Abavyeyi bawe nibamara kubona ko wabumvirije, bazorushiriza kugira umutima wo kukwumviriza nawe. Kwuvyifatamwo muri ubwo buryo bwerekana ko uhumuye, biragaragaza ko uriko urayoborwa n’Ijambo ry’Imana.
Nuyoborwe n’Ijambo ry’Imana igihe urondera kumenya ingene wokoresha neza amahera
11, 12. (a) Ku bijanye n’amahera, Ijambo ry’Imana rituremesha gukora iki, kandi kubera iki? (b) Abavyeyi bawe boshobora gute kugufasha kumenya ingene wokoresha neza amahera?
11 Bibiliya ivuga iti: “Amahera a[ra]kingira umuntu.” Mugabo uwo murongo nyene urerekana yuko ubukerebutsi mbere burusha agaciro amahera. (Umus. 7:12) Ijambo ry’Imana rituremesha guha agaciro amahera, aho kuyakunda. Ni kubera iki ukwiye kwirinda agatima ko gukunda amahera? Rimbura iki kigereranyo: Imbugita ikarishe ni igikoresho ngirakamaro igihe ifiswe n’umutetsi w’umuhanga. Mugabo iyo mbugita nyene ifiswe n’umuntu atitwararika ibintu canke asamara, irashobora kwonona ibintu cane. N’amahera nyene igihe akoreshejwe neza arashobora kuba ngirakamaro. Ariko rero, “abiyemeje kuba abatunzi” akenshi usanga baheba ubugenzi bafitaniye n’abandi, ubwo bafitaniye n’abo mu muryango, eka mbere n’ubwo bafitaniye n’Imana. Ivyo biratuma bitobekeranisha “hose imibabaro myinshi.”—Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.
12 Ushobora gute kumenya ingene wokoresha neza amahera? Ubona gute usavye abavyeyi bawe bakaguha impanuro ku bijanye n’ukuntu wogira urutonde rw’ingene ukoresha amahera? Salomo yanditse ati: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga.” (Imig. 1:5) Umwigeme umwe yitwa Anna yarasavye abavyeyi biwe ngo bamuronse ubuyobozi bw’ubuhanga. Avuga ati: “Dawe yaranyigishije ingene nogira urutonde rw’ukuntu nkoresha amahera, arongera aranyereka ingene bihambaye kuba umunyarutonde mu bijanye no gukoresha amahera y’umuryango.” Nyina wa Anna na we nyene yaramwigishije ivyigwa ngirakamaro. Anna avuga ati: “Yaranyeretse akamaro ko kugereranya ibiciro imbere yo kugura ikintu.” Uti none Anna yavyungukiyeko gute? Yishura ati: “Ubu ndashobora kwitwararika ukuntu nkoresha amahera yanje. Kubera yuko ncungera neza ivyo ngura, ndafise umwidegemvyo n’amahoro yo mu muzirikanyi biva ku kuba nirinda amadeni adakenewe.”
13. Ushobora gute kwigumya ku bijanye n’ukuntu ukoresha amahera?
13 Woshobora gusanga uriko urisuka mu madeni ningoga na ningoga mu gihe ugura ibintu utabitegekanije canke mu gihe ukoresha amahera kugira gusa utangaze abagenzi bawe. Ni igiki cogufasha kwirinda kugwa muri iyo mitego? Ku bijanye no gukoresha amahera, utegerezwa kwiga kwigumya. Ivyo ni vyo uwitwa Ellena arengeje gatoyi imyaka 20 agira. Avuga ati: “Iyo njanye n’abagenzi, ndategekanya imbere y’igihe igitigiri ntarengwa c’amahera nza gukoresha. . . . Nsanga kandi biranga ubukerebutsi kuja gusuma ndi kumwe gusa n’abagenzi banje biyubara mu kuntu bakoresha amahera yabo, kandi bazondemesha kurondera aho ibintu bizimbutse simpfe kugura ikintu nshikiyeko.”
14. Ni kubera iki ukwiye kuba maso ku “bubasha buhendana bw’ubutunzi”?
14 Kurondera amahera no kuyakoresha neza ni kimwe mu bintu bihambaye bigize ubuzima. Ariko rero, Yezu yavuze yuko “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” ari bo bahiriwe vy’ukuri. (Mat. 5:3) Yagabishije yuko ibintu bimwebimwe nk’“ububasha buhendana bw’ubutunzi” bishobora kunyoha umuntu ntabe acitwararika ivy’impwemu. (Mrk. 4:19) Ese rero ukuntu bihambaye yuko wemera kuyoborwa n’Ijambo ry’Imana kandi ukaguma ubona ibijanye n’amahera mu buryo buri ku rugero!
Nuyoborwe n’Ijambo ry’Imana igihe uri wenyene
15. Ni ryari bishoboka rwose ko ukudahemuka ku Mana kwawe kugeragezwa?
15 Wibaza yuko ari ryari ukudahemuka ku Mana kwawe kuzorushiriza kugeragezwa? Ni igihe uri kumwe n’abandi canke ni igihe uri wenyene? Mu bisanzwe igihe uri kw’ishure canke ku kazi, birashoboka rwose ko uba witeguriye kwirwanira mu vy’impwemu. Uba uri maso ku bintu vyoshobora kukugirira nabi mu vy’impwemu. Igihe uriko urisamaza ukaba utarikanuye, urarushiriza kworohera igitero kije kigeramira inyifato runtu yawe.
16. Ni kubera iki ukwiye kwipfuza kugamburukira Yehova mbere n’igihe uri wenyene?
16 Ni kubera iki ukwiye kwipfuza kugamburukira Yehova mbere n’igihe uri wenyene? Niwibuke iki kintu: Urashobora kubabaza Yehova canke kunezereza umutima wiwe. (Ita. 6:5, 6; Imig. 27:11) Ivyo ukora biragira ico bikoze kuri Yehova kubera ko ‘akubabara.’ (1 Pet. 5:7) Yipfuza ko umwumviriza kugira ngo uhungukire. (Yes. 48:17, 18) Igihe bamwebamwe mu basavyi ba Yehova bo muri Isirayeli ya kera baba birengagije impanuro ziwe, vyaramubabaza. (Zab. 78:40, 41) Ariko rero, Yehova yarakunda cane umuhanuzi Daniyeli, kubera ko umumarayika umwe yamwise ‘umuntu ahimbaye cane.’ (Dan. 10:11) Uti kubera iki? Daniyeli yaguma ari intahemuka ku Mana atari gusa igihe yaba ari mu bantu mugabo n’igihe yaba ari wenyene.—Soma Daniyeli 6:10.
17. Ni ibibazo ibihe wokwibaza igihe uriko urahitamwo uburyo bwo kwisamaza?
17 Kugira ngo ugume uri intahemuka ku Mana igihe uri wenyene, utegerezwa gutsimbataza ‘ububasha bwawe bwo gutegera kugira ngo utandukanye iciza n’ikibi’ maze umenyereze ubwo bubasha ‘biciye ku kubukoresha’ mu kwisunga ico uzi ko ari ciza. (Heb. 5:14) Nk’akarorero, igihe uriko urahitamwo umuziki wumviriza, amasenema uraba, canke imihora yo kuri Internet urondererako amakuru, ng’iki ikintu kizogufasha guhitamwo iciza no kwirinda ikibi. Niwibaze ibibazo bikurikira: ‘Aya mayagwa yoba azondemesha kuba umunyabuntu canke azonyosha kunezererwa “icago c’uwundi”?’ (Imig. 17:5) ‘Yoba azomfasha “gukunda iciza” canke azotuma bingora “kwanka ikibi”?’ (Am. 5:15) Ivyo ukora igihe uri wenyene birahishura ivyo uha agaciro vy’ukuri ivyo ari vyo.—Luka 6:45.
18. Ukwiye gukora iki nimba umaze igihe ukora mu kinyegero ikintu uzi ko ari kibi, kandi kubera iki?
18 Ukwiye gukora iki nimba umaze igihe ukora mu kinyegero ikintu uzi ko ari kibi? Niwibuke yuko “uwupfuka ibigabitanyo vyiwe [a]tazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.” (Imig. 28:13) Ese ukuntu vyoba bitaranga ubukerebutsi ubandanije gukora ikintu kibi, gutyo “[ugatuntuza] impwemu nyeranda y’Imana”! (Ef. 4:30) Mu vy’ukuri urafise ibanga ryo kwaturira Imana n’abavyeyi bawe ikibi ico ari co cose wakoze. Niwabigenza gutyo, bizokugirira akamaro. “Abagabo b’inararibonye b’ishengero” barashobora kugufasha cane muri ivyo. Umwigishwa Yakobo avuga ati: “[Nibasengere uwo yakoze ikibi], bamusige amavuta mw’izina rya Yehova. Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak. 5:14, 15) Tuvugishije ukuri, ivyo vyoshobora gutuma ugira ubuyega kandi kumbure ugashikirwa n’ingaruka zibabaje. Mugabo niwarya umutima amenyo ugasaba gufashwa, uzoba wirinze izindi ngorane kandi uzokwumva uruhuriwe kubera yuko uzoca ugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi.—Zab. 32:1-5.
Nunezereze umutima wa Yehova
19, 20. Yehova akwipfuriza iki, mugabo utegerezwa gukora iki?
19 Yehova ni “Imana ihimbawe,” kandi yipfuza ko na wewe uhimbarwa. (1 Tim. 1:11) Arakwitwararika cane. N’igihe nyene ata wundi muntu abona akigoro ugira kugira ngo ukore iciza, we arakabona. Nta kintu na kimwe amaso ya Yehova adashobora kubona. Aguma akwitegereza, atari kugira ngo agutore amakosa, mugabo kugira ngo agushigikire mu twigoro ugira urondera gukora iciza. “Amaso [y’Imana] anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi [zayo] ku bw’abafise umutima ukwiye kuri [yo].”—2 Ngo. 16:9.
20 Ku bw’ivyo rero, niwemere kuyoborwa n’Ijambo ry’Imana, wongere ushire mu ngiro impanuro ziri muri ryo. Niwabigenza gutyo, uzoronka ubukerebutsi n’ugutahura ukeneye kugira ngo utsinde ingorane zikomeye wongere ufate ingingo zigoye mu buzima. Uretse ko uzohimbara abavyeyi bawe na Yehova, uzogira kandi ubuzima buhimbaye vy’ukuri.
[Akajambo k’epfo]
a Si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.
Wokwishura gute?
• Abakiri bato bokora iki kugira ngo bemere amategeko abavyeyi babo babashingira no gukosorwa na bo maze bavyungukireko?
• Ni kubera iki bihambaye kubona ibijanye n’amahera mu buryo buri ku rugero?
• Ushobora gute kuguma uri intahemuka kuri Yehova mbere n’igihe uri wenyene?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 6]
Woba uzoguma uri intahemuka ku Mana igihe uzoba uri wenyene?