Imana yarerekanye ivyo mu karere k’impwemu
SHAKA ufate umwanya ungana gute witegereze ijuru witonze, ntugenda ubonye ikiremwa c’impwemu. Shaka ubange amatwi, nta kiremwa c’impwemu ugenda wumvise. Naho ari ukwo, ico womenya co ni uko ibiremwa vy’impwemu biriho. Ivyo biremwa vy’ubwenge bwinshi n’ububasha buhambaye, birafise amazina bikagira na kamere zavyo. Bimwe muri vyo bidukorera ivyiza, ibindi na vyo bikipfuza kutugirira nabi. Ariko vyose bidushinze ijisho.
Imana y’ukuri ubwayo ni Impwemu. (Yohani 4:24) Irafise izina ata ho rihuriye n’ayandi riyitandukanya n’imana z’ikinyoma zisanzwe ari nyinshi. Iryo zina ryiwe ni Yehova. (Zaburi 83:18) Umwanditsi umwe w’amazaburi yanditse ati: “Yehova a[ra]hambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose. Arateye ubwoba hejuru y’izindi mana zose. Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze; ariko Yehova we, ni we yakoze amajuru. Iteka n’ubwiza bwakaka biri imbere yiwe; inkomezi n’ubwiza biri aheranda hiwe.”—Zaburi 96:4-6.
Ivyo Imana y’ukuri yeretse abasavyi bayo
Bibiliya itubwira iti: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yohani 1:18) Ntitworuha dutahura ukuntu Imana isa be n’ubwiza bwayo bwakaka, nka kurya nyene umuntu yavutse ari impumyi atoruha atahura ibijanye n’amabara. Mugabo nka kurya umwigisha mwiza ashobora gusigurira abanyeshure ibintu bigoye gutahura akoresheje amajambo bashobora kwumva, ni ko n’Imana, biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya, idondora ibintu tudashobora kubona ikoresheje ibintu dushobora kubona. Yehova akoresheje ivyo yeretse abasavyi biwe ba kera b’abizigirwa mu kubahumekera, aradufasha kubona mu bwenge ingene mu majuru hameze, akanadufasha gutahura imigenderanire iri hagati yacu n’ababayo.
Nk’akarorero, mu vyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe igihe kimwe, ubuninahazwa bwa Yehova busanishwa n’umuriro, bugasanishwa n’ukwakaka, ibuye rya safiro be n’umunywamazi. Mu vyo intumwa Yohani na we yeretswe, yarabonye Yehova avyagiye ku ntebe maze avuga yuko Imana “uravye ishusho y[ayo], yasa n’ibuye ryitwa yasipi be n’ibuye ry’agaciro ry’ibara ritukura,” aca yongerako yuko “hirya no hino ya nya ntebe . . . ha[ri] umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode.” Mwene ayo majambo adondora ibintu aratwereka yuko aho Yehova yibereye harangwa ubwiza ntangere bw’akumiza, hateye igomwe kandi hatekanye.—Ivyahishuwe 4:2, 3; Ezekiyeli 1:26-28.
Umuhanuzi Daniyeli na we nyene hari ivyo yeretswe na Yehova, akaba yarabonye abamarayika “ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere [ya Yehova].” (Daniyeli 7:10) Ibaze nawe kubona ishusho nk’iyo! Kubona honyene umumarayika umwe, naho hoba ari nko mu ndoto, coba ari ikintu giteye akoba. Ca wibaza rero kubona abamarayika batunganye ibihumbi n’ibihumbi!
Abamarayika baravugwa muri Bibiliya incuro hafi 400, kandi muri bo hari abari mu mugwi w’abitwa abaserafi, n’abari mu mugwi w’abitwa abakerubi. Ijambo ry’ikigiriki n’iry’igiheburayo ahindurwa muri Bibiliya ngo “umumarayika” yompi asobanura “intwarabutumwa.” Abamarayika rero barashobora kuvugana hagati yabo, kandi barigeze kuvugana n’abantu muri kahise. Abamarayika si abantu bahoze baba kw’isi. Yehova yaremye ivyo biremwa vy’impwemu kera cane imbere y’uko arema umuntu.—Yobu 38:4-7.
Mu vyo Daniyeli yeretswe, ya masinzi y’abamarayika yabona yari akoranye ku bw’ikintu kidasanzwe cagira kibe. Daniyeli yaciye abona “uwusa n’umwana w’umuntu” yegera aho Yehova avyagiye kugira ngo ahabwe “ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere.” (Daniyeli 7:13, 14) Uwo “mwana w’umuntu,” uwufise uruhara ruhambaye cane mu karere k’impwemu, ni Yezu Kristu yamaze kuzuka; ni we ahabwa gutwara isi yose. Intwaro yiwe vuba igiye gusubirira intwaro z’abantu zose maze ikureho indwara, intuntu, agahahazo, ubukene, eka mbere n’urupfu.—Daniyeli 2:44.
Ukwo kwimikwa kwa Yezu gutegerezwa kuba kwarateye umunezero mwinshi amasinzi y’abamarayika b’abizigirwa bipfuriza ineza umuryango w’abantu. Ariko ikibabaje ni uko atari ibiremwa vy’impwemu vyose vyanezerewe.
Abansi b’Imana bakaba n’abansi b’abantu
Igihe nyene abantu batangura kubaho, umumarayika umwe yarateye ibitugu Yehova abitumwe n’uko yipfuza cane gusengwa, aba yihinduye Shetani, bisobanura ngo “Umurwanizi.” Uwo gahebuza k’ububisha Shetani ariva inyuma mu kurwanya Yehova, umwe gahebuza k’urukundo. Hari n’abandi bamarayika biyunze kuri Shetani mu bugarariji bwiwe. Bibiliya ibita amadayimoni. Cokimwe na Shetani, amadayimoni yaracitse abansi batagira ikigongwe b’abantu. Myinshi mu mibabaro iri kw’isi, akarenganyo, indwara, ubukene n’intambara, vyaturutse ku kosho kabo.
Naho mu madini menshi y’abiyita abakirisu hatakivugwa cane ibijanye na Shetani nka kera, igitabu ca Bibiliya ca Yobu kiradufasha gutahura neza ingene uwo mumarayika w’umugarariji ameze be n’imvo akorana ibintu. Kivuga giti: “Nuko umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri binjira guhagarara imbere ya Yehova, mbere na Shetani yinjira hagati muri bo.” Mu kiyago cakurikiye, Shetani yaragirije Yobu ata n’udusoni ku maso, avuga ngo akorera Imana kubera gusa ivyo aheza akaharonkera. Kugira ngo Shetani yerekane ko ivyo yagirije Yobu ari vyo, yaramuteje amakuba atagira izina, yica ibitungwa vyiwe n’abana biwe cumi ata wuvuyemwo. Inyuma y’ivyo, yarateje Yobu ibihute bikaze ku mubiri wiwe wose. Ibitero vya Shetani vyose ntivyashoboye kwerekana ko ivyo yagirije Yobu ari ivy’ukuri.—Yobu 1:6-19; 2:7.
Hariho imvo zumvikana zatumye Yehova yihanganira Shetani igihe kirekire gutya, ariko ntazoguma amwihanganira. Shetani agiye vuba gukurwaho. Intambwe za mbere ziramaze guterwa, zikaba zidondorwa mu gitabu c’Ivyahishuwe aho duhishurirwa ikindi kintu gihambaye tutopfuye twaramenye cabereye mu karere k’impwemu. Dusoma duti: “Haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli [ni ukuvuga Yezu Kristu amaze kuzuka] n’abamarayika biwe barwana na ca gisato [Shetani], ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru. Nuko ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.”—Ivyahishuwe 12:7-9.
Urabona ko Shetani avugwa ko “azimiza isi yose.” Arazimiza abantu mu kuremesha ibinyoma vyo mu madini kugira ngo ntibamenye Yehova n’Ijambo ryiwe. Kimwe muri ivyo binyoma ni inyigisho y’uko umuntu wese apfuye aca aja mu karere k’impwemu. Ico ciyumviro usanga gisigurwa mu buryo bwinshi ariko bufitaniye isano. Nk’akarorero, muri Afrika no muri Aziya, abantu benshi usanga bemera yuko iyo umuntu apfuye aca aja mu karere k’impwemu ba sekuruza babo babamwo. Inyigisho zijanye n’ipurugatori be n’umuriro udahera na zo nyene zishingiye ku ciyumviro c’uko iyo umuntu apfuye abandanya kubaho.
Umuntu iyo apfuye yoba aca aja kuba mw’ijuru?
Tuvuge iki none ku nyigisho abantu amamiliyoni kw’isi yose bemera ivuga yuko abeza bose baja mw’ijuru? Ni ivy’ukuri yuko hari abantu beza bajayo, ariko igitigiri cabo ni gito ukigereranije n’abantu amamiliyaridi bamaze gupfa. Bibiliya ihishura yuko hari abantu 144.000 “bagu[rwa] bakuwe mw’isi” kugira ngo babe “abaherezi” n’abami ‘baganza isi.’ (Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1, 3) Abo hamwe na wa Mwana w’umuntu, ari we Yezu Kristu, ni bo bazoba bagize intwaro yo mw’ijuru, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana. Iyo ntwaro izokuraho Shetani n’amadayimoni yiwe yongere itume isi ihinduka Iparadizo. Benshi mu bapfuye bazosubira kuba bazima muri kazoza, bari n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera muri iyo Paradizo kw’isi.—Luka 23:43.
Muri make rero, mu karere k’impwemu haba amasinzi n’amasinzi. Uwusumba bose muri ayo masinzi ni Yehova Imana, we Muremyi w’ibifise ubuzima vyose. Abamarayika ibihumbi n’ibihumbi baramukorera ari abizigirwa. Abandi bamarayika, bayobowe na Shetani, barateye ibitugu Yehova kandi nta ko batagira ngo bazimize abantu. Vyongeye, hari igitigiri kanaka gusa c’abantu “baguzwe,” ni ukuvuga barobanuwe, ngo bakurwe mw’isi kugira bashingwe amabanga adasanzwe mw’ijuru. Dufise ivyo ku muzirikanyi, reka ubu na ho turimbure abo dushobora kuvugana na bo mu karere k’impwemu, turimbure n’ingene twobigenza.