“Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa”
“Ehe! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Ehe! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.”—2 KOR. 6:2.
1. Ni kubera iki dukeneye kumenya ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose dutegerezwa gukora mu gihe kinaka?
“IKINTU cose kirafise igihe cashingiwe, mbere ikintu cose munsi y’amajuru kirafise igihe caco.” (Umus. 3:1) Salomo yariko arandika ivy’uko bihambaye kumenya igihe kibereye kuruta ibindi co gukora igikorwa cose c’ingirakamaro, kwaba ukurima, ugufata urugendo, ukudandaza, canke ukuyaga n’abandi. Ariko rero, turakeneye no kumenya igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose dutegerezwa gukora mu gihe kinaka. Mu yandi majambo, dutegerezwa kumenya neza ivyo dukwiye gushira imbere y’ibindi ivyo ari vyo.
2. Tumenya dute yuko igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yatahura neza ibijanye n’igihe yari abayemwo?
2 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yaratahura neza ibijanye n’igihe yari abayemwo be n’ivyo yategerezwa gukora. Kubera ko yategera neza ivyo yabwirizwa gushira imbere y’ibindi ivyo ari vyo, yari azi yuko igihe cari cararindiriwe kuva kera c’uko ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya buranguka cari kigiye cashika. (1 Pet. 1:11; Ivyah. 19:10) Yari afise igikorwa co kumenyesha abantu ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Yabwirizwa gushingira intahe inogangije ukuri kwerekeye Ubwami no gutororokanya abobaye abaraganwa na we mu Bwami. Vyongeye, yabwirizwa gushiraho umushinge w’ishengero rya gikirisu ryoranguye igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa gushika ku mpera z’isi.—Mrk. 1:15.
3. Kuba Yezu yaratahura neza ibijanye n’igihe vyagize ico bikoze gute ku vyo yakora?
3 Kuba Yezu yaratahura ico kintu vyaragize ikintu ciza bikoze ku buzima bwiwe, bituma aba umunyamwete mu kurangura ivyo Se agomba. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi koko, mugabo abakozi ni bake. Nuko rero nimwinginge Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Luka 10:2; Mal. 4:5, 6) Yezu yabanje kurobanura 12 mu bigishwa biwe mu nyuma arobanura abandi 70, arabaha amabwirizwa atomoye, maze abarungika kwamamaza ubutumwa bweza umutima bugira buti: “Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.” Nayo ku bijanye na Yezu ubwiwe, dusoma duti: “Arangije guha amabwirizwa abigishwa biwe cumi na babiri, ava ng’aho aja kwigisha no kwamamaza mu bisagara vyabo.”—Mat. 10:5-7; 11:1; Luka 10:1.
4. Ni mu buryo ubuhe Paulo yigana Yezu Kristu?
4 Yezu yarabereye abayoboke biwe bose akarorero katagira agahaze mu bijanye no kugira umwete be no kuyobokera Imana. Ivyo ni vyo intumwa Paulo yerekejeko igihe yahimiriza abo basangiye ukwemera ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu.” (1 Kor. 11:1) Ni mu buryo ubuhe Paulo yigana Kristu? Ahanini yabigira mu kwamamaza inkuru nziza atiziganya. Mu makete Paulo yandikiye amashengero, turahasanga imvugo nk’izi ngo “ntimunebwe ku bikorwa vyanyu,” “mushumbire Yehova,” “mwam[e] mufise vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama,” be n’imvugo ngo “ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya, nk’abakorera Yehova.” (Rom. 12:11; 1 Kor. 15:58; Kol. 3:23) Paulo ntiyigeze yibagira ivya ca gihe yahura n’Umukama Yezu Kristu ari ku nzira ija i Damasiko be n’amajambo ya Yezu umwigishwa Ananiya ategerezwa kuba yaramubwiye agira ati: “Uwo muntu [ni] icombo nitoreye ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga no ku bami no kuri bene Isirayeli.”—Ivyak. 9:15; Rom. 1:1, 5; Gal. 1:16.
“Igihe canecane c’ukwemerwa”
5. Ni igiki catumye Paulo arangura n’umwete ubusuku bwiwe?
5 Igihe dusomye igitabu c’Ivyakozwe, ntitubura kubona umutima rugabo be n’umwete Paulo yagaragaje mu kurangura ubusuku bwiwe. (Ivyak. 13:9, 10; 17:16, 17; 18:5) Paulo yaratahura yuko igihe yari abayemwo cari gihambaye. Yavuze ati: “Ehe! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Ehe! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.” (2 Kor. 6:2) Mu 537 B.G.C., cari igihe c’ukwemerwa c’uko abari baragizwe inyagano i Babiloni bagaruka mu gihugu cabo c’amavukiro. (Yes. 49:8, 9) Ariko none ng’aho Paulo yariko yerekeza ku ki? Amajambo akikije uwo murongo aradufasha kumenya ico yari afise mu muzirikanyi.
6, 7. Ni agateka gahambaye akahe abakirisu barobanuwe batewe muri iki gihe, kandi ni bande bariko barakorana n’abarobanuwe?
6 Mu ntango y’iryo kete Paulo yanditse, yaravuze ivyerekeye agateka gahambaye we hamwe n’abakirisu bagenziwe barobanuwe bari baratewe. (Soma 2 Abakorinto 5:18-20.) Yarasiguye yuko Imana yari yarabahamagariye intumbero yinaka, iyo na yo ikaba yari iyo kurangura “ubusuku bw’ugusubiza hamwe,” bakinginga abantu ngo ‘basubize hamwe n’Imana.’ Ivyo vyasigura gusubira kugiranira ubugenzi n’Imana canke guhuza na yo.
7 Kuva kuri bwa bugarariji bwo muri Edeni, abantu bose bariyonkoye kuri Yehova, baritandukanya na we. (Rom. 3:10, 23) Ukwo kwiyonkora kwatumye abantu muri rusangi baja mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu, ivyo bikaba vyabashikanye ku gucumukura no ku rupfu. Paulo yanditse ati: “[Turazi] yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.” (Rom. 8:22) Ariko rero, Imana yaragize ico ikoze mu guhimiriza abantu, ni ukuvuga mu kubinginga koko, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ngo bagaruke kuri yo, ari kwo gusubiza hamwe na yo. Ubwo ni bwo busuku Paulo be n’abakirisu bagenziwe barobanuwe bari barajejwe ico gihe. Ico “gihe c’ukwemerwa” cari gushobora kuba “umusi w’ubukiriro” ku bantu bizera Yezu. Abakirisu barobanuwe bose be na bagenzi babo, ni ukuvuga “izindi ntama,” bano bakaba bariko barakorana na bo, barabandanya gutera akamo abantu ngo baze bungukire kuri ico “gihe c’ukwemerwa.”—Yoh. 10:16.
8. Ni igiki gituma akamo ko gusubiza hamwe n’Imana kaba akadasanzwe?
8 Ikintu gituma ako kamo ko gusubiza hamwe n’Imana karushiriza kuba akadasanzwe, ni uko naho abantu ari bo batumye ubucuti bafitaniye n’Imana bwononekara kubera bwa bugarariji bwabaye muri Edeni, Imana ari yo yibwirije gutunganya iyo ngorane. (1 Yoh. 4:10, 19) None yakoze iki? Paulo yishuye ati: “Imana biciye kuri Kristu yariko yisubiza hamwe n’isi ntibaharureko amakosa yabo, kandi yatujeje ijambo ry’ugusubiza hamwe.”—2 Kor. 5:19; Yes. 55:6.
9. Paulo yakoze iki kugira ngo yerekane yuko akenguruka imbabazi z’Imana?
9 Mu gutanga inkuka y’incungu, Yehova yaratumye bishoboka ko abantu bizera bababarirwa amakosa yabo maze bagasubira kugiranira ubugenzi na we canke guhuza na we. Vyongeye, yararungitse abamuserukira kugira ngo bahimirize abantu aho bari hose ngo bagiranire amahoro na we bigishoboka. (Soma 1 Timoteyo 2:3-6.) Kubera ko Paulo yatahura ivyo Imana igomba be n’igihe yari abayemwo, yaritanze atiziganya mu “busuku bw’ugusubiza hamwe.” Ivyo Yehova agomba ntivyahindutse. No muri iki gihe, aracariko aratera akamo abantu ngo basubize hamwe na we. Amajambo Paulo yavuze ngo “ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa” be n’ayo yavuze ngo “ubu ni wo musi w’ubukiriro” aracakora. Ese ukuntu Yehova ari Imana y’imbabazi n’impuhwe!—Kuv. 34:6, 7.
‘Ntimuhushe intumbero yabwo’
10. “Umusi w’ubukiriro” wasobanura iki ku bakirisu barobanuwe ba kera, kandi usobanura iki ku bo muri iki gihe?
10 Ababaye aba mbere mu kwungukira kuri ukwo kugaragarizwa ubuntu ata wari abukwiriye ni “[abunze] ubumwe na Kristu.” (2 Kor. 5:17, 18) Kuri bo, “umusi w’ubukiriro” watanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Kuva ico gihe, abo bantu barajejwe igikorwa co gutangaza “ijambo ry’ugusubiza hamwe.” Muri iki gihe, amasigarira y’abakirisu barobanuwe aracariko ararangura “ubusuku bw’ugusubiza hamwe.” Baratahura yuko ba bamarayika bane intumwa Yohani yabona mu vyo yeretswe bijanye n’ubuhanuzi “bafashe bagumije ya miyaga ine y’isi kugira ngo ntihagire umuyaga uhuhutira kw’isi.” Ku bw’ivyo, ubu uracari “umusi w’ubukiriro” be n’“igihe canecane c’ukwemerwa.” (Ivyah. 7:1-3) Ku bw’iyo mvo, kuva mu ntango z’ikinjana ca 20, amasigarira y’abakirisu barobanuwe bararanguye babigiranye umwete igikorwa c’“ubusuku bw’ugusubiza hamwe” gushika mu turere twa kure cane tw’isi.
11, 12. Abakirisu barobanuwe bo mu ntango z’ikinjana ca 20, berekanye gute ko batahura igihe barimwo? (Raba ifoto iri ku rupapuro rwa 15.)
11 Nk’akarorero, nk’uko bivugwa mu gitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu, imbere gato y’ikinjana ca 20, “C. T. Russell be n’abo bari bafatanije baremera bimwe bikomeye yuko bari mu gihe c’iyimbura be n’uko abantu bari bakeneye kwumva ukuri gutanga umwidegemvyo.” None bakoze iki ku bijanye n’ivyo? Kubera ko abo bavukanyi batahura yuko bari mu gihe c’iyimbura, ni ukuvuga “igihe canecane c’ukwemerwa,” ntibabona yuko bihagije gusa gutera akamo abantu ngo baze gusenga. Ivyo nyene ni vyo abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bari bamaze igihe kirekire bagira. Aho kubigenza gutyo, abo bakirisu barobanuwe baratanguye gukoresha ubundi buryo ngirakamaro bwo gukwiragiza inkuru nziza. Nk’akarorero, barakoresheje mu buryo buranga ubukerebutsi ubuhinga bwari bugezweho ico gihe kugira ngo bateze imbere igikorwa cabo.
12 Kugira ngo uwo mugwi muto w’abasuku b’abanyamwete ukwiragize inkuru nziza y’Ubwami, warakoresheje udupapuro tw’inkuru nziza, udutabu, ibinyamakuru be n’ibitabu. Warategura kandi insiguro be n’ibiganiro vyo gusohora mu bimenyeshamakuru ibihumbi. Waracisha ku nsamirizi z’ibihugu ibiganiro bishingiye ku Vyanditswe. Warahingura ukongera ugakoresha amasinema arimwo amajwi, n’imbere y’uko hatangura gusohorwa amasinema yo kwereka abantu arimwo amajwi. Ni ibiki none vyavuye muri uwo mwete utagabanuka? Muri iki gihe, abantu bashika imiliyoni indwi barakiriye neza ubutumwa buvuga ngo “Nimusubize hamwe n’Imana,” bongera barifatanya n’abandi mu kubutangaza. Mu vy’ukuri, abo basavyi ba Yehova bo mu ntango barabaye uturorero twiza mu bijanye n’umwete naho nyene hariho ivyo batari bashoboye.
13. Ni umugambi w’Imana uwuhe dukwiye gufata nka nkama?
13 Amajambo Paulo yavuze ngo “ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa” aracakora. Twebwe abahonjeje ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova turakenguruka kuba twarahawe akaryo ko kwumva no kwemera ubutumwa bwo gusubiza hamwe n’Imana. Aho kwiraramira, turafata nka nkama amajambo akurikira Paulo yavuze ati: “Turabinginga rero ngo ntimwemere ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana hanyuma ngo muhushe intumbero yabwo.” (2 Kor. 6:1) Intumbero y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana ni iyo “[kw]isubiza hamwe n’isi” biciye kuri Kristu.—2 Kor. 5:19.
14. Ni ibintu vyiza ibihe biriko biraba mu bihugu vyinshi?
14 Abantu benshi, bano bakaba barahumwe amaso na Shetani, baracari abiyonkoye ku Mana kandi ntibazi intumbero y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. (2 Kor. 4:3, 4; 1 Yoh. 5:19) Ariko rero, kuba ivyo kw’isi bitera vyunyuka biratuma abantu benshi bavyakira neza igihe beretswe yuko ukuba abantu bariyonkoye ku Mana ari vyo bituma bashikirwa n’ibintu bibi bakongera bagacumukura. Mbere no mu bihugu aho wasanga abantu benshi batanegwa ibijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza, ubu benshi bariko baremera inkuru nziza bakongera bakagira ico bakoze kugira ngo basubize hamwe n’Imana. Twoba none dutahura yuko iki ari co gihe c’uko turushiriza kugira umwete wo gutangaza aya majambo yo kwinginga agira ati: “Nimusubize hamwe n’Imana”?
15. Aho kwamamaza ubutumwa kugira gusa abantu bamererwe neza, twipfuza ko abantu aho bari hose bamenya iki?
15 Igikorwa cacu si ico kubwira gusa abantu yuko baramutse bagarutse ku Mana izobafasha mu ngorane zabo zose, bakarushiriza kumererwa neza. Abenshi usanga ari ico gusa bironderera igihe bagiye gusenga, kandi amadini menshi arashashaye guhaza ico cipfuzo. (2 Tim. 4:3, 4) Iyo si yo ntumbero y’ubusuku turangura. Inkuru nziza twamamaza ni iy’uko Yehova abitumwe n’urukundo, afise umutima ukunze wo kubabarira amakosa biciye kuri Kristu. Gutyo, abantu barashobora kureka kuba abiyonkoye ku Mana, bagasubiza hamwe na yo. (Rom. 5:10; 8:32) Ariko rero, “igihe canecane c’ukwemerwa,” kiri mu kurangira.
“Mururumbe impwemu”
16. Ni igiki cafashije Paulo kugaragaza umutima rugabo n’umwete?
16 Dushobora gute none kugirira umwete ugusenga kw’ukuri kandi tukawugumana? Bamwebamwe boshobora kuba basanzwe ari abanyamasoni canke badakunda kuvuga, bikaba vyoshobora kubagora guserura inyiyumvo zabo ata kibatangira canke kwiyegereza abandi. Ariko rero, turakwiye kwibuka yuko umwete utagaragarira gusa ku kuntu umuntu aserura inyiyumvo ziwe; eka kandi ntuvana n’ukuntu umuntu aba ameze. Paulo yarerekanye icodufasha kugira umwete igihe yahimiriza abakirisu bagenziwe ati: “Mururumbe impwemu.” (Rom. 12:11) Impwemu ya Yehova yaragize uruhara ruhambaye mu vyo gutuma iyo ntumwa igira umutima rugabo n’ukwihangana mu gikorwa co kwamamaza. Kuva igihe Paulo yahamagarwa na Yezu gushika igihe yapfungirwa i Roma irya nyuma maze akicwa rumaratiri, ni ukuvuga ikiringo c’imyaka irenga 30, umwete wiwe ntiwigeze ugabanuka. Paulo yama ahanga amaso Imana, ino ikaba yaramuronsa inkomezi yaba akeneye ibicishije ku mpwemu. Yavuze ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Flp. 4:13) Ese ukuntu twohungukira twigiye ku karorero yatanze!
17. Dushobora gute ‘kururumba impwemu’?
17 Mu Baroma 12:11, intumwa Paulo yakoresheje ijambo ry’ikigiriki risobanura urudome ku rundi ngo “ukubira.” Kugira ngo dutume isafuriya y’amazi iguma ibira, turakeneye kubandanya gushiramwo umuriro. Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo “[t]ururumbe impwemu,” turakeneye kubandanya kuronka impwemu y’Imana. Tuyironka mu gihe twungukira ku ntunganyo zose Yehova adushiriraho kugira ngo adukomeze mu buryo bw’impwemu. Ivyo bisaba ko dufatana uburemere ugusenga kwacu kwo mu muryango be n’ukwo mw’ishengero, ni ukuvuga tukiyigisha tukongera tukagira inyigisho y’umuryango, tugasenga, kandi tukikoraniriza hamwe n’abakirisu bagenzi bacu, ivyo vyose tukabigira tudahorereza. Izo ntunganyo zizodufasha ‘kururumba impwemu,’ nka kurya nyene umuriro utuma isafuriya y’amazi iguma ibira.—Soma Ivyakozwe 4:20; 18:25.
18. Kubera ko turi abakirisu biyeguye, ni ihangiro irihe dukwiye gushirako umutima?
18 Umuntu yiyeguye ashira umutima wiwe wose kw’ihangiro rinaka kandi ntivyoroha ko hagira ikimusamaza canke ikimuca intege ngo areke gukurikirana iryo hangiro. Kubera ko turi abakirisu biyeguye, ihangiro ryacu ni iryo gukora ikintu cose Yehova yipfuza ko dukora, nk’uko na Yezu yabigize. (Heb. 10:7) Muri iki gihe, Yehova agomba ko abantu benshi bashoboka basubiza hamwe na we. Ku bw’ivyo, mu kwigana Yezu na Paulo, nimuze turangure n’umwete ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose, egome igikorwa cihutirwa, gitegerezwa gukorwa muri iki gihe.
Woba uvyibuka?
• “Ubusuku bw’ugusubiza hamwe” bwajejwe Paulo n’abandi bakirisu barobanuwe bwari ubuhe?
• Amasigarira y’abarobanuwe yakoresheje neza gute “igihe canecane c’ukwemerwa”?
• Abasuku bakirisu bashobora gute “[k]ururumb[a] impwemu”?
[Ifoto ku rup. 12]
Paulo ntiyigeze yibagira ivya ca gihe yahura n’Umukama Yezu Kristu