ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/12 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Umuntu Wese Arashobora Kwigira Kuri ya Videwo Ivuga ngo: Noé: il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/12 rup. 30-31

Ibibazo vy’abasomyi

Mw’⁠Itanguriro 6:3 dusoma duti: “Impwemu yanje ntizoguma yihanganiye umuntu igihe kitagira urugero, kuko ari umubiri gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izogera ku myaka ijana na mirongo ibiri.” Yehova yoba yariko arashinga ko abantu bogiye baramara imyaka 120 gusa? Vyongeye, Nowa yoba yamaze ico kiringo ariko aramamaza ibijanye n’Isegenya ryari ryimirije?

Inyishu z’ivyo bibazo vyompi ni oya.

Mu kiringo c’imbere y’Isegenya, abantu benshi baramara imyaka amajana. Nowa yari afise imyaka 600 igihe iryo Segenya ryashika, akaba yabayeho imyaka 950. (Ita. 7:6; 9:29) Abantu bamwebamwe bavutse inyuma y’iryo Segenya na bo nyene babayeho imyaka irenga 120. Nk’akarorero, Arupakishadi yapfuye afise imyaka 438, Shela na we apfa afise imyaka 433. (Ita. 11:10-15) Ariko rero, mu gihe ca Musa, imyaka umuntu yari asanzwe amara yaragabanutse ishika kuri 70 canke 80. (Zab. 90:10) Ku bw’ivyo rero, mw’⁠Itanguriro 6:3 ntihariko harashinga yuko abantu bogiye baramara imyaka 120 gusa.

None ibivugwa muri uwo murongo yoba ari amajambo Imana yabwiye Nowa ajanye no kuburira abandi ivyerekeye agatikizo kobaye mu myaka 120? Oya. Ego ni ko, Imana yaragize ico ibwira Nowa akatari gake. Nk’akarorero, haciye imirongo cumi uvuye ku bivugwa mu murongo wa gatatu muri iyo nkuru, dusoma duti: “Imana ibwira Nowa iti: ‘Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje, kuko isi yuzuye ubukazi.’” Mu myaka yakurikiye, Nowa yararangije igikorwa amahero co kwubaka ubwato, maze ico gihe “Yehova abwira Nowa ati: ‘Injira mu bwato, wewe n’urugo rwawe rwose.’” (Ita. 6:13; 7:1) Vyongeye, hariho ibindi bihe aho Yehova yamenyesheje Nowa ibintu binaka.​—Ita. 8:15; 9:1, 8, 17.

Ariko rero, ivyo dusoma mw’⁠Itanguriro 6:3 biratandukanye n’ivyo; ntihavuga Nowa, eka kandi ntihavuga yuko ari we Imana yariko irabwira. Twoshobora gutahura yuko herekana ko Imana yariko iraserura mu buryo busanzwe umugambi wayo canke umwiyemezo ifise. (Gereranya n’⁠Itanguriro 8:21.) Birahambaye kumenya yuko mu nkuru ivuga ibintu vyabaye kera cane imbere y’uko Adamu abaho, dusangamwo imvugo nk’izi ngo: “Imana yongera kuvuga iti.” (Ita. 1:6, 9, 14, 20, 24) Biboneka yuko Yehova atariko arabwira umuntu munaka wo kw’isi, kuko umuntu atari bwaremwe.

Vyoba rero vyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko mw’⁠Itanguriro 6:3 herekana umwiyemezo Imana yari ifise wo gukuraho ibintu vyo kw’isi vyari vyononekaye. Yehova yarashinze itegeko ncarubanza ryo kubigira mu myaka 120, naho nyene Nowa ataribwabimenye. Ni kubera iki none Imana yashinze igihe ntarengwa yobigiriyeko? Ni kubera iki yabanje kurindira?

Intumwa Petero arerekana imvo zatumye ibigira, ati: “Ukwihangana kw’Imana kwari kurindiriye mu misi ya Nowa, igihe bwa bwato bwariko burubakwa, ubwo abantu bakeyi, ni ukuvuga abantu umunani, bakirijwemwo biciye mu mazi.” (1 Pet. 3:20) Egome, igihe Imana yagira umwiyemezo wo gukuraho ibintu vyo kw’isi mu myaka 120, hari hakiriho ibintu vyo gukora. Haciye nk’imyaka 20, Nowa n’umukenyezi wiwe baratanguye kuvyara abana. (Ita. 5:32; 7:6) Abahungu babo batatu barakuze hanyuma barubaka izabo, ivyo bikaba vyatumye uwo muryango wongerekana ushika ku “bantu umunani.” Mu nyuma bategerezwa kwubaka ubwato, ico kikaba kitari igikorwa cari kunyaruka uravye ukuntu ubwo bwato bwangana n’ukuntu umuryango wa Nowa wangana. Egome, kuba Imana yaramaze imyaka 120 yihanganye vyaratumye ivyo bintu birangurwa hongera haraboneka akaryo ko gushobora kurokora ubuzima, bituma abantu umunani b’abizigirwa “baki[zwa] biciye mu mazi.”

Bibiliya ntitomora umwaka Yehova yamenyesherejemwo Nowa yuko Isegenya ryoshitse. Kubera yuko abahungu biwe bari baravutse, bagakura, bakaba kandi bari barubatse izabo, birashoboka ko hari hasigaye imyaka 40 canke 50 ngo iryo Segenya ribe. Mu nyuma Yehova yabwiye Nowa ati: “Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje.” Yongeyeko yuko Nowa yategerezwa kwubaka ubwato amahanga maze akinjira muri bwo ari kumwe n’umuryango wiwe. (Ita. 6:13-18) Mu myaka mirongo yari isigaye, Nowa yarakoze n’ibindi uretse gutanga akarorero k’ukugororoka biciye ku kuntu yari abayeho. Yarabaye “umwamamaji w’ubugororotsi” yari afise ubutumwa budakikiriza bwo gutanga imburi yategerezwa gushikiriza, ubwo na bwo bukaba bwari bwerekeye umwiyemezo Imana yari ifise wo guhonya abantu bo muri ico gihe batakurikiza ingingo ngenderwako zayo. Nowa ntiyari asanzwe azi umwaka ivyo vyobereyemwo, mugabo yari azi ko vyoshitse atakabuza. Kandi urazi yuko vyashitse.​—2 Pet. 2:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika