Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
“Ubwami bw’Imana buza biciye ku mutima wumva.” Ivyo bivugwa na Papa Benedigito wa 16 mu gitabu yanditse (Jésus de Nazareth). Bamwebamwe ni ukwo nyene babona Ubwami bw’Imana. Babona ko ari ihinduka ribera mu mutima w’umuntu igihe yemeye Yezu Kristu maze akizera. None Ubwami bw’Imana bwoba gusa ari ihinduka ribera mu muntu? Bwoba ari ubwami ‘bwibereye mu mutima wawe’?
UBWAMI cari ikintu vy’ukuri Yezu yamiza ku mutima. Papa Benedigito ubwiwe aravuga ko Ubwami cari “co kintu nyamukuru Yezu yashimikako mu nyigisho ziwe.” Mu kiringo gisa na kigufi Yezu yamaze avuga inkuru nziza, hafi cose yakimaze aca mu gihugu, “yamamaza inkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 4:23) Biciye ku nyigisho ziwe no ku bitangaro yakora, Yezu yarerekanye neza ko Ubwami atari ukuba umuntu yemera Imana akongera akayigamburukira. Burimwo ivyo gutegeka, guca imanza be n’imihezagiro y’ibihe bidahera.
Ugutegeka be n’uguca imanza
Igihe kimwe mu misi ya nyuma Yezu yamaze avuga inkuru nziza, nyina w’abigishwa babiri somambike ba Yezu ari bo Yakobo na Yohani yaregereye Yezu maze avuga ati: “Rivuge aba bahungu banje babiri bazokwicare, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu bwami bwawe.” (Matayo 20:21) Biragaragara ko uwo mugore atariko avuga ibijanye n’ikintu kiri mu mutima w’abahungu biwe. Yaratahura ko ubwo Bwami bwarimwo ivyo gufadikanya na Yezu gutegeka, akaba yashaka ko abahungu biwe babugiramwo uruhara. Nkako, Yezu yari yarasezeraniye za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka yuko bobaye mu Bwami bwiwe, ‘bakicara ku ntebe z’ubwami’ bakongera bagafadikanya na we ‘guca imanza.’ (Luka 22:30) Abayoboke ba Yezu rero babona ko Ubwami bwobaye ari ubutegetsi nya butegetsi, ni ukuvuga intwaro.
Tuvuge iki ku vyerekeye abantu muri rusangi bo mu gihe ca Yezu? Boba babona ko Ubwami ari ihinduka gusa umuntu agira canke bari biteze ikindi kintu? Urabona, gatoyi imbere ya Pasika yo mu 33 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu) igihe Yezu yariko arinjira i Yeruzalemu ari ku mwana w’indogobwa, abantu isinzi baramusanganiye, bamwe muri bo barasemerera bati: “Turatakamvye, kiza Umwana wa Dawidi!” (Matayo 21:9) Ni kubera iki none basemereye bavuga gutyo? Nta gukeka ko ari kubera bari baratahuye yuko Yezu yari we Mesiya yasezeranywe be n’uko Imana yomuhaye Ubwami bw’ibihe bidahera, “intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe.” Baripfuza cane kuronka urukiza, amahoro n’ubutungane ubwo Bwami bwozanye.—Luka 1:32; Zekariya 9:9.
Imihezagiro y’ibihe bidahera
N’abantu wasanga basa n’abatitaho cane igikorwa Yezu yakora bari bazi inyigisho yiwe yerekeye Ubwami. Igihe Yezu yicwa, hari inkozi y’ikibi yari imanikanywe na we yatakamvye iti: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” None Yezu yishuye gute? Yasezeraniye uwo mugabo yari ku mpfiro ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”—Luka 23:42, 43.
Biboneka ko ico gisuma cemera ko Yezu amaze kuzurwa mu bapfuye yohawe Ubwami canke yobwinjiyemwo. Yezu ntiyobaye afise gusa ububasha bwo kuzura uwo mugabo no kumufasha guhinduka we hamwe n’abandi amamiliyoni, ariko kandi yobaye afise icipfuzo co kubigira. Ego cane, kubera ko Yezu yobaye ari Umutegetsi ari mu karere k’impwemu yahawe ububasha, yozaniye imihezagiro y’ibihe bidahera abantu bo kw’isi yose biciye kuri ubwo Bwami.—Yohani 5:28, 29.
Ubwami bwari hagati yabo
Uti none Yezu ntiyavuze ngo: “Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu”? Egome, ayo majambo turayasanga muri Luka 17:21. Kukaba nkako, Bibiliya zimwezimwe zivuga ngo “ubgami bg’Imana buri muri mwebge,” izindi na zo ngo “buri hagati yanyu.” (Raba nk’akarorero Bibiliya Yera na Bibiliya yitwa The New English Bible.) Ariko none Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ayo majambo?
Imirongo ikikuje ayo majambo yerekana ko Yezu yayabwiye umugwi umwe w’abanyedini b’Abayuda bamurwanya bitwa Abafarizayo. Hari ibintu ubwabo bari biteze kuri Mesiya n’Ubwami bwiwe. Bibaza ko Mesiya yoje ari Umwami aninahaye azananye “n’ibicu vyo mu majuru” kugira arokore Abayuda mu vyara vy’Abaroma maze asubizeho ubwami bwa Isirayeli. (Daniyeli 7:13, 14) Ariko rero Yezu yarashize ahabona ukwihenda kwabo mu kubabwira ati: “Ubwami bw’Imana ntibuzoza bwibonekeza bimwe bitangaje.” Ni kwo guca yongerako ya majambo ati: “Ehe ubwami bw’Imana buri hagati yanyu.”—Luka 17:20, 21.
Naho Yezu yigishije akongera agakora ibitangaro vyerekanye ko ari we Mwami w’ubwo Bwami yari yarasezeranywe, Abafarizayo bagumye barushiriza kumurwanya kubera yuko batari bafise imitima ityoroye n’ukwizera nyakuri. Ntibemera ibimenyamenya vyerekana ko Yezu yari we Mesiya. Yaciye rero abakurira inkoni ku gishitsi mu kuvuga ko Ubwami bwari ‘hagati yabo,’ buserukiwe n’Umwami wabwo yagenywe. Ntiyari abasavye ngo barabe mu mitima yabo.a Yezu n’abigishwa biwe bari bahagaze imbere yabo. Yavuze ati: “Ubwami bw’Imana ng’ubu buri kumwe namwe.”—Luka 17:21, Contemporary English Version.
Ubwami wokwamiza ku mutima
Naho Ubwami bw’Imana butaba mu mitima yacu twebwe abantu b’abacumuzi, bukwiye kuba ikintu twamiza ku mutima. Biciye ku nyigisho ziwe no ku bikorwa vyiwe vy’ububasha, Yezu yaritaye ku rutare kugira ngo afashe abamwumviriza kwizera bimwe bivuye ku mutima intwaro igororotse yozanye amahoro n’umutekano nyakuri. Yashaka ko bagira ukwizera kwohinduye ubuzima bwabo bukarushiriza kumera neza. Kukaba nkako, yabigishije gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Abenshi mu bumviriza Yezu barakozwe ku mutima n’amajambo yiwe, baragira ukwizera kwatumye bamukurikira barondera ya mihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana.
Woba woshima kugira ukwizera mwene ukwo? None ni ibiki utegerezwa gukora? Niwibuke amajambo atangura ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi izwi cane. Agira ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Matayo 5:3) Ubona gute wemeye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova bakuzaniye iki kinyamakuru? Ubigize ntuzokwizigira guhinduka gusa, ariko kandi uzokwitega ubutegetsi bugororotse kandi butunganye, ni ukuvuga Ubwami buzozanira bose amahoro n’umutekano.
[Akajambo k’epfo]
a Kubera ko Yezu yariko avugana n’Abafarizayo, nta gukeka ko atariko avuga ibijanye n’uguhinduka kw’Abafarizayo canke ivy’uko imitima yabo yari yakiriye ubwo Bwami.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]
Ubwami bw’Imana bwoba bwari mu mitima y’abantu b’intagondwa kandi b’abicanyi barwanya Yezu?