ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 13
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 13

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Abantu benshi muri kino gihe biyumvira yuko inyishu y’ico kibazo ari egome. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’abagatolika (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Ubwami bw’Imana busigura . . . uburyo Imana itegeka mu mitima yacu”. Usanga abakuru b’amadini muri rusangi bigisha ico ciyumviro. None Bibiliya yoba vy’ukuri yigisha yuko Ubwami bw’Imana buri mu mitima y’abantu?

Abantu bamwebamwe biyumvira yuko Yezu ubwiwe ari we yatanguje iciyumviro c’uko Ubwami bw’Imana buri mu mitima y’abantu. Yezu yavuze ati: “Ehe, ubwami bw’Imana buri hagati yanyu” (Luka 17:21). Impinduro zimwezimwe zihindura uwo murongo ngo “Ubwami bw’Imana buri muri mwebwe”, canke mbere ngo “imbere muri mwebwe”. None izo mpinduro zoba zahinduye ayo majambo ya Yezu mu buryo butagira amakosa? Ubwo vy’ukuri Yezu yoba yashaka kuvuga yuko Ubwami bw’Imana buri mu mitima y’abantu?

Ubwa mbere, rimbura umutima w’umuntu ico ari co. Igihe Bibiliya ivuze umutima w’ikigereranyo iba ishaka kwerekeza ku muntu w’imbere, ni ukuvuga isôko ry’ivyiyumviro vy’umuntu, inyifato yiwe be n’inyiyumvo ziwe. Iciyumviro c’uko ikintu ciza cane nk’Ubwami bw’Imana kiri mu mutima w’umuntu, nk’akarorero mu buryo bw’uko ubwo Bwami buhindura abantu bukabagira abantu bameze neza kuruta, coshobora kuba ari igikwēgēra. Mugabo none, ubwo coba gifise ishingiro?

Bibiliya itubwira iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9). Yezu ubwiwe yavuze ati: “Imbere mu mutima w’abantu [ni] ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi, ukwiba, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ukugira umwina, ibikorwa biranga ubukozi bw’ikibi” (Mariko 7:20-22). Rimbura iki kintu: si ivy’ukuri none yuko vyinshi mu bintu bitera amagorwa tubona mw’isi muri kino gihe bituruka mu mitima y’abantu b’abanyavyaha? Wumva none bishoboka gute ko Ubwami bw’Imana butunganye buba ahantu hameze gutyo? Mu vy’ukuri, umutima w’umuntu ntushobora kubamwo Ubwami bw’Imana nka kurya ibitovu bidashobora kubako insukoni.​—Matayo 7:16.

Ubwa kabiri, rimbura abo Yezu yariko arabwira igihe yavuga ayo majambo dusanga muri Luka 17:21. Umurongo w’imbere y’uwo uvuga uti: “Abajijwe n’Abafarizayo igihe ubwami bw’Imana bwoziye, arabishura” (Luka 17:20). Abafarizayo bari abansi ba Yezu. Yezu yavuze yuko abo biyorobetsi batari kwinjira mu Bwami bw’Imana (Matayo 23:13). Nimba abo Bafarizayo batari kwinjira mu Bwami bw’Imana, wumva none ubwo Bwami bwari kuba buri mu mitima yabo? Ashwi da! None Yezu yashatse kuvuga iki?

Mu guhindura ayo majambo ya Yezu, impinduro za Bibiliya zitari nke zahinduwe mu buryo bwitondewe zikoresha amajambo agomba gusa n’ayakoreshwa muri Traduction du monde nouveau. Zimwezimwe zivuga ngo Ubwami buri “hagati yanyu” canke “hagati muri mwebwe”. None ni gute ico gihe Ubwami bw’Imana bwari hagati y’abo bantu, ushizemwo n’abo Bafarizayo? Urabona, Yezu ni we Yehova Imana yagenye ngo azobe Umwami w’ubwo Bwami. Bwa Mwami yagenywe, Yezu yari neza na neza hagati y’abo bantu. Yarigishije ibijanye n’Ubwami bw’Imana mbere arakora n’ibitangaro, gutyo aba yerekanye imbere y’igihe ivyo ubwo Bwami bworanguye. Mu buryo bwumvikana rero, ubwo Bwami bwari hagati yabo.

Mu vy’ukuri, Ivyanditswe ntibishigikira ico ciyumviro c’uko Ubwami bw’Imana buri mu mitima y’abantu. Ahubwo, ubwo Bwami ni intwaro ibaho koko, iyizogira ibintu bikomeye ihinduye kw’isi, nk’uko nyene vyavuzwe n’abahanuzi.​—Yesaya 9:6, 7; Daniyeli 2:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika