ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/13 rup. 14-15
  • Ubwami bw’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Ubwami bw’Imana bwoba buzozanwa n’abantu?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Be maso!—2013
g 7/13 rup. 14-15

TWISUNZE BIBILIYA

Ubwami bw’Imana

Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?

“Nturi kure y’ubwami bw’Imana.”—Mariko 12:34.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bemera ko Ubwami bw’Imana ari “ububasha bw’Imana buganza mu mutima w’umuntu no mu buzima bwiwe,” nk’uko bivugwa na rimwe mu madini akomeye ya gikirisu.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko, si ikigereranyo c’ukuntu umuntu ayobokera Imana mu mutima wiwe. Ubwami bw’Imana buzoganza isi yose.—Zaburi 72:8; Daniyeli 7:14.

Tuvuge iki none ku majambo Yezu yavuze ati: “Ubgami bg’Imana buri muri mwebge”? (Ni twe dushimitse; Luka 17:21, BY) Yezu ntiyashaka kuvuga ko ubwo Bwami bwari mu mitima y’abariko baramwumviriza. Uti kuki? Kubera ko abariko baramwumviriza ico gihe bari Abafarizayo. Yezu yaravuze ko batokwinjiye muri ubwo Bwami kubera ko basenga Imana mu buryo burimwo uburyarya, bikaba rero bitashimwa n’Imana. (Matayo 23:13) Naho ari ukwo, Yezu yari afise imvo zumvikana zo kuvuga ko Ubwami bw’Imana buri “muri” bo, canke buri “hagati” yabo nk’uko bivugwa na Bibiliya y’isi nshasha. Uti kubera iki? Kubera yuko Yezu, uwohavuye aba Umwami w’ubwo Bwami, yari ahagaze imbere yabo.—Luka 17:21.

Ubwami bw’Imana ni iki?

“Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”—Matayo 6:10.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko, bukaba buganzwa na Yezu Kristu. (Matayo 28:18; 1 Timoteyo 6:14, 15) Intumbero yabwo ni ugushitsa ivyo Imana igomba mw’ijuru no kw’isi. (Matayo 6:10) Biciye ku Bwami bwayo rero, Imana izotunganya ingorane z’abantu. Ubwo Bwami buzokora ivyo intwaro z’abantu zidashobora gukora.

Igihe Ubwami bw’Imana buzoba butwara, abantu bazogira amahoro n’umutekano bongere batunganirwe mw’isi y’iparadizo. (Zaburi 46:9; Yesaya 35:1; Mika 4:4) Nta wuzosubira kurwara canke gupfa, kandi indwara zizokurwaho. (Yesaya 33:24; Ivyahishuwe 21:4) N’ubusaza buzokurwaho. Bibiliya iravuga ingene bizoba, iti: “Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto; nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto.”—Yobu 33:25.

WOKORA IKI?

Hamwe wokora ivyo Imana igusaba, woshobora kuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, naho woba wavukiye he canke uva mu muryango uwuhe. Bibiliya ivuga iti: “Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”—Ivyakozwe 10:34, 35.

Ubwami bw’Imana bwoba buzozanwa n’abantu?

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa.”—Daniyeli 2:44.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abiyumvira ko abantu ari bo bazozana Ubwami bw’Imana kw’isi, mu kwinjiza abantu mw’idini ryabo canke mu gukora batiziganya kugira kw’isi harangwe amahoro n’ubumwe.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ni yo yashinze ubwo Bwami, si abantu. (Daniyeli 2:44) Igihe Imana yashinga ubwo Bwami, yavuze iti: “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje.” (Zaburi 2:6) Abantu ntibashobora kuzana Ubwami bw’Imana, kandi ntibashobora kububuza gushika ku migambi yabwo, kuko buzoganza isi buri mw’ijuru.—Matayo 4:17.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Ni ibisanzwe kwipfuza ko umusi uri izina abantu boronka amahoro n’ubumwe. Hari n’aho wokwita ku rutare kugira ngo ivyo bishoboke mugabo ugacika intege kubera ko utabishitseko. Kumenya ko Ubwami bw’Imana buzokora bwisunze ububasha buva ku Mana bizotuma ugira utwigoro mu buryo ngirakamaro, mu gucika umutwarwa w’ubwo Bwami.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika