ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 5 rup. 16
  • Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Ubwami bw’Imana buzoza ryari?
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Hoba hari intwaro itekanye ishobora gutegeka isi? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 5 rup. 16
Umuco urasiye kw’isi uvuye ku ntebe y’ubwami iri mw’ijuru

Bibiliya ibivugako iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko ari ububasha bw’Imana buganza mu mutima w’umuntu. Abandi biyumvira ko ari ikintu kizova mu twigoro abantu bagira kugira ngo batume isi irangwamwo amahoro n’umwumvikano. Weho ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. . . . Buzojanjagura ubwo bwami bwose [bw’abantu] bubuherengeteze.” (Daniyeli 2:44) Ubwami bw’Imana rero ni intwaro ibaho koko.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Ubwami bw’Imana buganza buri mw’ijuru.​—Matayo 10:7; Luka 10:9.

  • Imana irakoresha ubwo Bwami kugira ngo ivyo igomba bikorwe mw’ijuru no kw’isi.​—Matayo 6:10.

Ubwami bw’Imana buzoza ryari?

WOKWISHURA GUTE?

  • Nta wubizi

  • Vuba

  • Nta buzoza

ICO BIBILIYA IVUGA

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Iyo nkuru nziza niyamara kwamamazwa bimwe bishitse, ubwo Bwami buzoca buza gukuraho iyi si mbi.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Nta n’umwe kw’isi azi neza na neza igihe Ubwami bw’Imana buzozira.​—Matayo 24:36.

  • Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana ko Ubwami bw’Imana bugiye kuza vuba.​—Matayo 24:3, 7, 12.

Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 8 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika