ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 16-17
  • Yezu Kristu ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kristu ni nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kristu ni nde?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kirisitu Ni Nde?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 16-17

Niwige Ijambo ry’Imana

Yezu Kristu ni nde?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Yezu Kristu ni nde?

Mu buryo butandukanye n’abandi bantu bose, Yezu yarabaye mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu imbere y’uko avukira kw’isi. (Yohani 8:23) Ni we Imana yatanguye kurema, kandi yarafashije mu kurema ibindi bintu vyose. Ni we wenyene Yehova yiremeye ubwiwe, akaba ari co gituma yitwa Umwana “w’ikinege” w’Imana. Yezu yarabaye Umuvugizi w’Imana, akaba ari yo mpamvu yitwa kandi “Jambo.”​—Yohani 1:1-3, 14; Soma Imigani 8:22, 23, 30; Abakolosayi 1:15, 16.

2. Kubera iki Yezu yaje kw’isi?

Imana yarungitse Umwana wayo kw’isi mu gukura ubuzima bwiwe mw’ijuru ikabwimurira mu nda y’umwigeme w’isugi w’Umuyudakazi yitwa Mariya. Yezu rero ntiyagize se w’umuntu. (Luka 1:30-35) Yezu yaje kw’isi kugira ngo (1) yigishe ukuri ku vyerekeye Imana, (2) atubere akarorero mu bijanye n’ugukora ivyo Imana igomba, yongere (3) atange ubuzima bwiwe butunganye bwa “ncungu.”​—Soma Matayo 20:28; Yohani 18:37.

3. Kubera iki dukeneye incungu?

Incungu ni ikiguzi gitangwa kugira ngo umuntu abohorwe. Urupfu n’ubusaza ntivyari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. Uti tubibwirwa n’iki? Imana yabwiye wa muntu wa mbere Adamu yuko aramutse akoze ico Bibiliya yita igicumuro, yopfuye. Iyo Adamu adacumura, ntiyari kwigera apfa. Naho ubuzima bwa Adamu bwagiye kurangira haciye ibinjana n’ibindi, guhera uwo musi yagambararira Imana yaciye atangura gusaza, amaherezo arapfa. (Itanguriro 2:16, 17; 5:5) Adamu yararaze abamukomotseko bose igicumuro be n’igihano caco, ari co rupfu. Gutyo rero urupfu ‘rwarinjiye’ mw’isi, ni ukuvuga mu muryango w’abantu, biciye kuri Adamu. Ni co gituma dukeneye incungu.​—Soma Abaroma 5:12; 6:23.

4. Kubera iki Yezu yapfuye?

Ni nde none yari gushobora gutanga incungu kugira ngo adukize urupfu? Iyo umuntu apfuye, aba yishuye ibicumuro vyiwe bwite. Nta muntu adatunganye yoshobora kwishura ibicumuro vy’abandi.​—Soma Zaburi 49:7-9.

Kubera ko Yezu atagize se w’umuntu ngo amurage akanenge, yapfuye ku bw’ibicumuro vy’abandi, ntiyapfuye kubera ibicumuro vyiwe bwite. Imana yarungitse Umwana wayo ngo adupfire, iba yerekanye urukundo rudasanzwe ifitiye umuryango w’abantu. Yezu na we nyene yarerekanye ko adukunda mu kugamburukira Se maze atanga ubuzima bwiwe ku bw’ibicumuro vyacu.​—Soma Yohani 3:16; Abaroma 5:18, 19.

5. Ubu Yezu ariko akora iki?

Mu gukiza abarwaye, mu kuzura abapfuye no mu gutanga ubuzima bwiwe ngo akize abantu igicumuro n’urupfu, Yezu yarerekanye ivyo yokoreye abantu bose bagamburuka. (Luka 18:35-42; Yohani 5:28, 29) Yezu amaze gupfa, Imana yarasubiye kumugira muzima ari ikiremwa c’impwemu. (1 Petero 3:18) Yezu yaciye arindirira iburyo bw’Imana gushika imuhaye ububasha bwo kuba Umwami aganza isi yose. (Abaheburayo 10:12, 13) Ubu Yezu araganza ari Umwami mw’ijuru, kandi abayoboke biwe bari kw’isi bariko baratangaza inkuru nziza kw’isi yose.​—Soma Daniyeli 7:13, 14; Matayo 24:14.

Vuba Yezu azokoresha ububasha bwa cami afise kugira ngo akureho imibabaro yose be n’abayiteza. Abantu amamiliyoni bizera Yezu bakongera bakamugamburukira bazokwibera mw’Iparadizo kw’isi.​—Soma Zaburi 37:9-11.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 4 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 17]

Abantu amamiliyoni bizera Yezu bakongera bakamugamburukira bazokwibera mw’Iparadizo kw’isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika