Urafise imvo yo kunezerwa
KUVA ku kagingo ngengabuzima inzatsa gushika ku bigwi amahero vy’inyenyeri vyitwa amagalagisi yungunganijwe mu bigwibigwi, bino na vyo nyene bikaba biri mu birundorundo, biragaragara ko ivyaremwe birimwo urutonde. Ivyo ntibitangaje na gato, kuko Umuremyi “atari Imana y’umuvurungano.” (1 Kor. 14:33) Intunganyo Imana yashizeho ijanye no gusenga na yo nyene iratangaje. Rimbura ivyo Yehova yakoze. Yarungunganije mw’ishirahamwe rimwe ryo kw’isi no mw’ijuru ibiremwa amamiliyoni amajana n’amajana bifise ubwenge, ni ukuvuga abantu n’abamarayika, bifise umwidegemvyo wo kwihitiramwo, vyunze ubumwe mu gusenga gutyoroye. Mbega ibintu vy’igitangaza!
Muri Isirayeli ya kera, igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana cagereranywa na Yeruzalemu, ahari urusengero rwa Yehova akaba ari na ho umwami wiwe yarobanuwe yaba. Umwisirayeli umwe yari yagizwe imbohe i Babiloni yaraseruye inyiyumvo yari afise ku bijanye n’ico gisagara ceranda ati: “Ururimi rwanje ruraca rumatana n’amagage yanje, hamwe ntokwibuka, hamwe ntoduza Yeruzalemu hejuru y’ikintu nyamukuru kintera umunezero.”—Zab. 137:6.
Ukwo none kwoba ari kwo wiyumva ku bijanye n’ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe? Ryoba rigutera umunezero kuruta ikindi kintu ico ari co cose? Abana bawe boba batahura kahise k’igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana be n’ukuntu rikora? Boba baha agaciro ukuba bari mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ugizwe n’Ivyabona vya Yehova? (1 Pet. 2:17) Ubona gute none ushize ivyiyumviro bikurikira muri porogarama y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo utume umuryango wawe urushiriza gutahura no gukenguruka ishirahamwe rya Yehova?
Nudonde “imisi ya kera”
Ku mwaka ku mwaka, imiryango y’Abisirayeli yarakoranira hamwe kugira ngo ihimbaze Pasika. Igihe uwo musi mukuru watanguzwa, Musa yategetse iryo hanga ati: “Umuhungu wawe niyakubaza mu nyuma ati: ‘Ibi bisobanura iki?’, uze umubwire uti: ‘Inkomezi z’ukuboko ni zo Yehova yadukuje mu Misiri, mu nzu y’abashumba.’” (Kuv. 13:14) Abisirayeli babwirizwa kutibagira ivyo Yehova yari yarabakoreye. Nta gukeka ko ba sebibondo benshi b’Abisirayeli bakurikije iryo tegeko Musa yabahaye. Haciye amayaruka n’ayandi, Umwisirayeli umwe yasenze avuga ati: “Ewe Mana, twarumvise n’amatwi yacu, ba sogokuruza bacu baratudondeye igikorwa wakoze mu misi yabo, mu misi ya kera.”—Zab. 44:1.
Ku wukiri muto muri iki gihe, ivyashikiye Ivyabona vya Yehova mu myaka irenga 100 iheze na vyo nyene vyoshobora kumera nk’“imisi ya kera.” Ushobora gute none gutuma ivyo bintu vyabaye birushiriza kutaba umugani ku mwana wawe? Kugira ngo abavyeyi bamwebamwe babishikeko, barakoresha igitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu, igitabu Annuaire, inkuru z’ubuzima zisohorwa mu binyamakuru vyacu, be n’ayandi maraporo avuga ivya kahise k’igikorwa abasavyi b’Imana barangura, harimwo na ka kadisiki kacu gashasha kitwa DVD kavuga ivyerekeye abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none. Amavidewo yigana ibijanye n’uruhamo rwashikiye abavukanyi bacu mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti no mu Budagi bw’Abanazi arigisha imiryango kwiheka kuri Yehova mu gihe c’ibigeragezo. Nushire mwene ayo mayagwa muri porogarama yanyu y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Ivyo bizotuma abana bawe bashikama mu kwizera nibashikirwa n’ibintu birondera gusenyura ugutungana kwabo.
Ariko rero, gucucagira abakiri bato amakuru ajanye na kahise birashobora gutuma barambirwa ningoga. Ku bw’ivyo rero, nutume abana bawe babigiramwo uruhara. Nk’akarorero, woshobora gusaba umuhungu wawe ngo ahitemwo igihugu kimushimisha, agire ubushakashatsi ku bijanye na kahise k’igikorwa abasavyi b’Imana baranguye muri ico gihugu, aheze ashikirize umuryango wiwe bimwebimwe mu vyo yamenye. Mw’ishengero iwanyu, hoshobora kuba harimwo abakirisu bamaze igihe kirekire barangura umurimo w’Imana ari abizigirwa, bano bakaba boshobora kwifatanya namwe mu gihe c’umugoroba umwe uhariwe ugusenga kwo mu muryango. Kumbure umukobwa wawe yoshobora kubabaza ibibazo, akabasaba kwigana ivyabashikiye. Canke na ho woshobora gusaba umwana wawe ngo acape ibintu vy’intibagirwa abasavyi b’Imana bashitseko, nk’iyubakwa ry’ibiro vy’ishami, ihwaniro mpuzamakungu, canke ikoreshwa ry’ivyuma birekura amajwi vyitwa amafono mu busuku bw’inzu ku nzu.
Numenye ukuntu “igihimba cose gikora ibango cagerewe”
Intumwa Paulo yagereranije ishengero rya gikirisu n’“umubiri . . . wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, . . . u[ka]ronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.” (Ef. 4:16, Bibiliya Yera) Kumenya ukuntu umubiri w’umuntu ukora biratuma turushiriza gukengurukira no kwubaha Umuremyi wacu. Muri ubwo buryo nyene, igihe dusuzumye ukuntu ishengero ryo kw’isi yose rikora, turatangarira “ubukerebutsi bw’Imana bw’uburyo bwinshi cane.”—Ef. 3:10.
Yehova aradondora ukuntu ishirahamwe ryiwe rikora, harimwo n’igice caryo co mw’ijuru. Nk’akarorero, atubwira yuko yabanje kugira ivyo ahishuriye Yezu Kristu, uno na we ‘agatuma umumarayika wiwe hanyuma akabishikiriza biciye kuri we mu bimenyetso, bishikirizwa umushumba wayo Yohani, uwabishingiye intahe.’ (Ivyah. 1:1, 2) Nimba Imana ihishura ukuntu igice kitaboneka c’ishirahamwe ryayo gikora, ntiyokwipfuza none ko dutahura ingene “igihimba cose gikora ibango cagerewe” kw’isi?
Nk’akarorero, nimba umucungezi w’umuzunguruko ari mu kugendera ishengero ryanyu, ubona gute urimbuye uri kumwe n’umuryango wawe ibikorwa abacungezi b’ingenzi bajejwe be n’uduteka bafise? Bafasha gute umwe wese muri twebwe? Mu bindi bibazo mwoshobora kwihweza harimwo n’ibi: Ni kubera iki bihambaye gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro? Amahera ishirahamwe ry’Imana rikoresha ava hehe? Inama Nyobozi yungunganijwe gute, kandi ituronsa gute ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu?
Igihe dutahuye ukuntu abasavyi ba Yehova bungunganijwe, turahungukira n’imiburiburi mu buryo butatu: Turarushiriza gukengurukira abakora cane ku bw’ineza yacu. (1 Tes. 5:12, 13) Turavyurirwa umutima wo gushigikira intunganyo za gitewokarasi. (Ivyak. 16:4, 5) Ubwa nyuma, turarushiriza kwizigira abatuja imbere igihe twibonera yuko ingingo zifatwa be n’intunganyo zishirwaho zishingiye ku Vyanditswe.—Heb. 13:7.
“Mugendure iminara yaho yo kubamwo”
“Nimuzunguruke Siyoni, mugendagende irya n’ino yaho, muharure iminara yaho. Shire imitima yanyu ku gikuta caho. Mugendure iminara yaho yo kubamwo, kugira ngo muze mubidondere iyaruka ryo muri kazoza.” (Zab. 48:12, 13) Ng’aho umwanditsi wa Zaburi yarahimirije Abisirayeli kwihweza Yeruzalemu bari hafi yaho. Woba ushobora kwiha ishusho y’ibintu vy’igiciro wasanga imiryango y’Abisirayeli yibuka, ino ikaba yahora ija muri ico gisagara ceranda igiye mu misi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka maze ikibonera urusengero rwaho rwiza igitangaza? Iyo miryango itegerezwa kuba yaravyuriwe umutima wo “[k]ubidonder[a] iyaruka ryo muri kazoza.”
Nuzirikane ibijanye na wa mwamikazi wa Sheba, uwabanje gukekeranya ku bijanye n’ivyo yari yarabwiwe vyerekeye ingoma ya Salomo y’akaroruhore be n’ubukerebutsi bwiwe bwinshi. Ni igiki camujijuye yuko ivyo yari yarumvise vyari vyo? Yavuze ati: “Sinemeye amajambo yabo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere.” (2 Ngo. 9:6) Egome, ivyo twibonera n’‘amaso yacu bwite’ birashobora kugira ikintu kinini bidukozeko.
Ushobora gute none gufasha abana bawe kwibonera n’‘amaso yabo bwite’ ibintu vyiza igitangaza vyerekeye ishirahamwe rya Yehova? Nimba hafi y’aho muba hari ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, nimugire akigoro ko kuhagendera. Nk’akarorero, uwitwa Mandy n’uwitwa Bethany bakuriye nko ku bilometero 1.500 uvuye kuri Beteli yo mu gihugu cabo. Ariko rero, abavyeyi babo bama batunganya ivyo kugendera inyubakwa zaho, na canecane igihe abo bakobwa babo bari bakiri bato. Basigura bati: “Imbere y’uko tugendera Beteli, twibaza yuko hakorera abantu batanyinyuka kandi bitereye mu myaka gusa. Mugabo twahasanze abakiri bato bariko barakorera Yehova bivuye inyuma kandi babinezererewe! Twariboneye ko ishirahamwe rya Yehova ritagarukira gusa mu karere gatoya twabamwo, kandi igihe cose twaba tugendeye Beteli vyatuma turushiriza gukunda ivy’impwemu.” Kwibonera ishirahamwe rya Yehova bari hafi yaryo vyaratumye Mandy na Bethany batangura gukora ubutsimvyi, eka mbere baratumirwa gusukurira kuri Beteli ari abakora bavyishakiye b’igihe gito.
Turafise ubundi buryo bwo ‘kwibonera’ ishirahamwe rya Yehova, uburyo Isirayeli ya kera itari ifise. Mu myaka ya vuba, abasavyi ba Yehova bararonse amavidewo be n’utudisiki twitwa DVD bica irya n’ino imice itandukanye y’ishirahamwe ry’Imana, nka Les Témoins de Jéhovah : Organisés pour proclamer la bonne nouvelle, Toute la communauté des frères, Jusq’aux extrémités de la terre, be na Unis grâce à l’enseignement divin. Igihe wewe n’umuryango wawe mwiboneye igikorwa kitoroshe gikorwa n’Abanyabeteli, abakora mu bijanye no gutabara abashikiwe n’ivyago, abamisiyonari, be n’abavukanyi bategura bakongera bakaringaniza ibijanye n’amahwaniro, nta gukeka ko muzorushiriza gukenguruka umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.
Ishengero iryo ari ryo ryose ry’abasavyi b’Imana rirarangura uruhara ruhambaye mu kwamamaza inkuru nziza no mu gufata mu mugongo abakirisu mu karere riba ririmwo. Ariko rero, wewe n’umuryango wawe nimufate akanya ko kwibuka “umuryango wose wa bene wanyu [uri] mw’isi.” Ivyo bizogufasha wewe n’abana bawe kuguma “mukomeye mu kwizera,” muzi yuko mufise imvo yo kunezerwa.—1 Pet. 5:9.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 18]
Birabereye ko twiga ivyerekeye ishirahamwe ry’Imana
Turafise ibintu umuyoro vyofasha abantu bose kumenya vyinshi ku vyerekeye kahise k’ishirahamwe rya Yehova be n’ukuntu rikora. Ibibazo bikurikira vyoshobora kugufasha kumenya aho wotangurira:
☞ Igikorwa c’abacungezi b’ingenzi bo muri iki gihe catanguye gute?—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1996, urupapuro rwa 9-14.
☞ Ni igiki cari gihambaye ku bijanye n’“umusi witiriwe abana” kw’Iteraniro rya gitewokarasi ryabaye mu 1941?—Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 86, 88.
☞ Inama Nyobozi ifata ingingo gute?—‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana,’ urupapuro rwa 108-114.