ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/5 rup. 26-27
  • Nukurikire Kristu, we Ndongozi itagira agahaze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukurikire Kristu, we Ndongozi itagira agahaze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umviriza maze ugamburuke
  • Nusenyere ku mugozi umwe n’abaserukira Kristu
  • Kirisitu Ararongora Ishengero Ryiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Uburongozi bwa Kirisitu Bwoba Atari Umugani Kuri Wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nubandanye kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Niwizigire Indongozi yacu Kristu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/5 rup. 26-27

Nukurikire Kristu, we Ndongozi itagira agahaze

ABAKURIKIRA abategetsi b’abantu akenshi baravunika umutima. Ariko rero, akosho uburongozi bwa Kristu bugira ku babuyobokera karatandukanye rwose n’ivyo. Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.” (Mat. 11:28, 29) Uburongozi bwa Yezu buraruhurira abantu bukongera bukabaremesha. Aritwararika cane abaciye bugufi n’impahazwa, akabatera akamo ngo baze munsi y’ingǒgo yiwe itababaza. Ariko none gukurikira uburongozi bwa Yezu birimwo iki?

Intumwa Petero yanditse ati: “Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Pet. 2:​21) None gukurikira intambuko za Yezu bihambaye ukungana iki kuri twebwe? Dufate yuko uri mu mugwi w’abantu babwirizwa guca ahantu hateze amamine kandi umwe muri mwebwe akaba ari we wenyene azi ukuntu yohaca ata co abaye. None ntiwokurikira neza intambuko ziwe, kumbure ukaza urahonyora aho akuye ikirenge? Muri ubwo buryo nyene, umutekano wacu wo muri kazoza uhagaze ku kuba tugerageza gukurikiza neza akarorero ka Yezu mu buzima bwacu. Kubigenza gutyo birimwo kumwumviriza no kumugamburukira hamwe no gusenyera ku mugozi umwe n’abamuserukira.

Umviriza maze ugamburuke

Yezu ari mu kurangiza ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yavuze ati: “Umuntu wese rero yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara. Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yisuka kuri iyo nzu, ariko ntiyahomvoka kubera ko yari ishinze ku gitandara.”​​—⁠Mat. 7:24, 25.

Yezu yavuze rero yuko umuntu yumviriza amajambo yiwe akayashira mu ngiro ari “uw’ubwenge.” Twoba twerekana biciye ku kugamburuka kuvuye ku mutima yuko twubaha tukongera tugaha agaciro akarorero ka Kristu, canke twoba dufise agatima ko kurobanura mu mategeko ya Yezu ayo tubona yuko atworohera kugamburuka? Yezu yavuze ati: ‘Nama nkora ibihimbara Imana.’ (Yoh. 8:​29) Nimuze twihatire kwigana ako karorero.

Mu kinjana ca mbere, intumwa zaratanze akarorero keza mu bijanye no kuyoboka uburongozi bwa Kristu. Igihe kimwe, Petero yabwiye Yezu ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira.” (Mrk. 10:​28) Ego cane, intumwa zabona yuko uburongozi bwa Yezu bufise agaciro kanini rwose ku buryo zemeye gusiga ibindi bintu kugira ngo zimukurikire.​​—⁠Mat. 4:​18-​22.

Nusenyere ku mugozi umwe n’abaserukira Kristu

Imbere gato y’uko Yezu apfa, yaravuze ubundi buryo dushobora gukurikira uburongozi bwiwe. Yavuze ati: “Uwakiriye uwo ndungitse wese na jewe aba anyakiriye.” (Yoh. 13:​20) Mu bisanzwe, Yezu yavuze ko abamuserukira barobanuwe ari ‘bene wabo.’ (Mat. 25:​40) Aho Yezu amariye kuzurwa akaja mw’ijuru, ‘bene wabo’ baragenywe ngo bamusubirire, ni ukuvuga ‘baje mu kibanza ca Kristu’ ari abamuserukira mu gutera akamo abandi ngo basubize hamwe na Yehova Imana. (2 Kor. 5:​18-​20) Kuba twemera uburongozi bwa Kristu birimwo no kuyobokera ‘bene wabo.’

Vyoba vyiza dusuzumye ingene twakira impanuro zishingiye ku Vyanditswe ziza hageze zitangwa mu bisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Igihe twiga Ivyanditswe tukongera tukitaba amakoraniro y’ishengero, tuributswa amajambo ya Kristu. (2 Pet. 3:​1, 2) Turerekana ko dukenguruka bivuye ku mutima ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu mu kwama tuvyihereza. Ariko none dukwiye kuvyakira gute mu gihe impanuro zinaka ziza zirasubirwamwo? Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana rihanura abakirisu kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:​39) Haciye imyaka irenga ijana ico kintu kiza kirashikirizwa mu Munara w’Inderetsi uko haciye igihe. Nta gukeka yuko bene wabo na Kristu berekana ko bitwararika babigiranye urukundo yuko twomererwa neza mu vy’impwemu, mu gusohora ibiganiro bica irya n’ino iyo mpanuro yahumetswe be n’izindi. Gutega yompi ivyo vyibutswa ni uburyo bumwe bwo kwerekana yuko turiko turakurikira ya Ndongozi yacu itagira agahaze ari yo Yezu Kristu.

Mu Migani 4:​18 hagira hati: “Umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Egome, uburongozi bwa Yezu butera buja imbere, si ikintu kiguma hamwe. Ubundi buryo twosenyera ku mugozi umwe na ‘bene wabo’ na Kristu ni ukuvyakira neza igihe ico ari co cose hagize ibiryohorwa mu kuntu dusanzwe dutahura ukuri kwo mu Vyanditswe, nk’uko gusohorwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”​​—⁠Mat. 24:​45.

Turerekana kandi yuko tuyobokera ‘bene wabo’ na Kristu mu gusenyera ku mugozi umwe n’abacungezi bagenywe mw’ishengero rya gikirisu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu.” (Heb. 13:​17) Nk’akarorero, umukurambere munaka yoshobora kuturemesha mu bijanye n’igituma bihambaye kuguma dufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke agashobora kutugira inama ku bijanye n’umuce munaka w’ubusuku bwacu bwo mu ndimiro. Umucungezi w’ingenzi yoshobora kuduha impanuro ngirakamaro zishingiye ku Vyanditswe ku bijanye n’umuce munaka werekeye ukubaho rukirisu. Igihe dushize mu ngiro impanuro nk’izo tubikunze tuba twerekanye ko dukurikira Kristu we Ndongozi yacu.

Birababaje kubona mw’isi ata burongozi bubereye buhari. Mugabo ese ukuntu gukurikira uburongozi buranga urukundo bwa Kristu bituruhurira! Uko bishoboka kwose rero, nimuze tugamburukire Indongozi yacu twongere dusenyere ku mugozi umwe n’abo iriko irakoresha muri iki gihe.

[Amafoto ku rup. 27]

Woba wemera impanuro zo mu Vyanditswe zo kutaboherwa ku ngǒgo imwe n’uwutemera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika