Ikete rivuye muri Madagasikari
Wamengo ni akaririmbo karyoshe
JEWE n’umunega wanje twagira dufate urugendo tuja mu cibare gishasha twari twahawe gukoreramwo ubumisiyonari, ni ukuvuga mw’izinga rya Madagasikari. Twarasezeye incuti n’abagenzi maze turiyumanganya twongera turarya umutima amenyo, twizigiye ko Yehova yodufashije kuroranirwa muri ico cibare.
Ntituzokwigera twibagira ikoraniro ry’ishengero rya mbere twitavye muri ico cibare cacu gishasha. Umuvukanyi yari ahagarikiye inyigisho y’Umunara w’Inderetsi wamengo ariko ayobora umugwi w’abaririmvyi uririmba uhuje amajwi. Urugero twashikanako mu gutahura ururimi rwabo rwari hasi cane ku buryo amajambo bavuga wamengo ni akaririmbo karyoshe. Emwe, vyadufashe igihe kirekire kugira ngo dushobore gutahura ivyaba biriko biravugwa.
Umusi wa mbere nashobora kwumva ikibazo umuhagarikizi yari abajije kitanditse mu mayagwa twariko turiga, nasanze nishuye ntanabizi n’ijwi ryumvikana. Abari bicaye iruhande yanje baranyumvise nca ndatwenga nipfutse urushi ku munwa. Narumvise isoni ariko ndanezerezwa no kuba vy’ukuri nari natahuye ibiriko biravugwa.
Aho kubera abandi akarorero mu busuku, numva ko ari jewe nariko ndafashwa. Abavukanyi barambarira babigiranye urukundo ukuntu noshikiriza inkuru nziza mu buryo bwumvikana mu busuku bwo mu ndimiro, bakanyereka ivyo novuga n’ivyanditswe nokoresha.
Umusi umwe ndi mu busuku, haraje umwana ahamagara asemerera ati: “Vazaha! Vazaha!” Iryo ni ryo jambo ry’ikimaligashe bakunze gukoresha mu kuvuga “umunyamahanga.” Twaciye tugenda turanyaruka twizigiye ko ata bandi bana bociye bahamagarwa ngo baze kuba baraduhamagara basemerera gutyo nyene. Ni ho agahungu kamwe kakankamira umwe yariko arasemerera, gati: “Erega si umunyamahanga. Umuntu azi ururimi rwacu!” Umwamamaji wo muri ico gihugu twariko turakorana yabwirijwe kuza aransobanurira ivyo abo bana bariko baravuga kubera yuko bavuga banyarutsa ku buryo ntashobora gutahura. Ariko rero, narahimbawe cane. Naza natangura kwumva umengo muri Madagasikari ni nko muhira.
Akatari gake igihe naba numva irungu, nagira gutya ngaca numva akaganza gatoyi kari mu kiganza canje, ndavye hasi ngaca mbona akana kariko karamwenyurira gasa n’agahimbawe no kumbona naho tutaba dushoboye kuvugana neza. Abakiri bato bo mw’ishengero ni umuhezagiro ukomeye uva kuri Yehova. Akigeme kamwe k’akamamaji kitwa Hasina karacitse umusobanuzi wanje. Igihe ata wundi muntu n’umwe aba yantahuye, koko biboneka ko kantahura. Vyongeye kama kahaserutse igihe mba ndiko ndagerageza kuyaga n’abagenzi banje bo mw’ishengero, kakagerageza kubasigurira ico vy’ukuri mba nshaka kuvuga.
Twe n’umunega wanje twari mw’ishengero rigomba kugaburwa kugira rivyare irindi rishasha. Ivyo vyasobanura ko abantu bamwebamwe biga Bibiliya vyari ngombwa ko bahabwa abandi babigisha kubera yuko wasanga baba mu karere k’iryo shengero rishasha. Hari umwamamaji umwe yandemesheje ngo nigishe umwe mu bo yigisha Bibiliya. Naratinye ndamubwira nshimitse ko ntari bwagere kwigisha umuntu, ariko aragerageza kunjijura. Yarampumurije ambwira yuko ndabifashijwemwo na Yehova nari kubishobora. Yarandabanye umutima mwiza yongera akoresha imvugo yoroshe ishoboka, arambarira yuko bidatevye nobaye nshoboye kwigisha abandi nk’uko ndavyipfuza. Ayo majambo yarandemesheje cane.
Kuva ico gihe uwo mutohoji wa Bibiliya yagumye atera imbere neza. Umusi umwe ndi hanze nagiye numva ampamagara. We hamwe n’umunega wiwe bariko baraja kwandikisha umubano wabo. Uwo munega wiwe yaratanguye kwiga Bibiliya, kandi bafise imigambi itari mike yo mu vy’Imana bariko bagerageza gushikira ushizemwo n’umugambi wo kubatizwa. Ivyo vyaranteye umunezero naho nzi yuko atari twebwe dukwegera abantu kuri Yehova, ariko ko ari we abakwegera.
Twarigiye vyinshi cane muri ico cibare gishasha. Naho dukumbuye cane incuti n’abagenzi twasize muhira, twumva umengo twaje tuzananye na bamwe muri bo. Akenshi turayagira ivyabo abavukanyi b’ino kandi bano basigaye batubaza amakuru yabo. Turarindiranye igishika igihe iyo miryango yacu yompi izohurira hamwe.
Ndacumva ico nokwita ururirimbo igihe abantu b’ino bariko baravuga. Ariko ubu ndatahura amajambo bakoresha. Ndarindiranye igishika igihe nzoba nshoboye kujamwo nanje muri ukwo kuririmba njana n’abandi aho kuza ndashiramwo ijwi rimwerimwe gusa nk’urumbete. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.” (Matayo 6:34) Ku bw’ivyo, tuzobandanya twiga ijwi rimwerimwe, ni ukuvuga ijambo rimwerimwe. Nzobandanya rero kwugurura neza amatwi, umuzirikanyi n’umutima kugira ngo nshobore gukora mfatanye mu nda n’abavukanyi banje barangwa n’ukwihangana hamwe n’urukundo bo ng’aha muri Madagasikari.
[Ifoto ku rup. 25]
Ndiko ndamamaza ndi kumwe na Hasina