Abasomyi bacu barabaza . . .
Isi yoba izorusimba mu 2012?
▪ “Abantu benshi bemera umuhero w’isi baguma basegenyukira mu kigwati co mu Bufaransa . . . Bemera yuko umuhero w’isi uzoba ku wa 21 Kigarama 2012, rikazoba ari iherezo ry’urukurikirane rw’imyaka 5.125 hisunzwe ikirangamisi ca kera c’Abamaya.”—Vyavuzwe mu makuru yo kuri BBC.
Naho indongozi z’amadini n’abiyita abahinga be n’abavuga ibizoba bo mu kinjana ca 21 bakunze kuvuga ko iyi si tubako igiye guhona, izogumaho igihe kirekire cane. Emwe, isi nta ho izoja mu 2012. Mu vy’ukuri, umubumbe w’isi uzogumaho muri uwo mwaka eka mbere n’imyaka yose.
Bibiliya itubwira iti: “Urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi; isi igahorah’ibihe vyose.” (Umusiguzi 1:4, Bibiliya Yera) Rimbura kandi ico aya majambo yo muri Yesaya 45:18 asobanura: “Ibi [ni] vyo Yehova avuze . . . Uwabumvye isi akayihingura, We yayishimangiye, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu: ‘Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho.’”
Mbega umuvyeyi yuzuye urukundo yomara amasaha n’amasaha ahingurira umwana wiwe agakinisho ko kumunezereza maze agaca agasambura haheze akanya akamuhaye? Kwoba ari ukutagira akagongwe! Muri ubwo buryo nyene, Imana yaremye isi na canecane kugira ngo abantu yaremye bayihimbarirwe. Imana yabwiye wa mugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” Mu nyuma, “Imana [yarihweje] ikintu cose yari yakoze, isanga cari ciza cane.” (Itanguriro 1:27, 28, 31) Imana ntiyahevye umugambi ifitiye isi; ntizokwemera ko isi itikizwa. Ku bijanye n’ijambo ry’umuhango ryose Yehova yavumereye, yavuze ashimitse ati: “Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo rizokora koko icampimbaye, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.”—Yesaya 55:11.
Ariko rero, Yehova afise umugambi wo “guhonya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Mw’ijambo ryiwe, asezerana ati: “Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo. Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.”—Imigani 2:21, 22.
None ivyo bizoba ryari? Nta muntu n’umwe abizi. Yezu yavuze ati: “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika mw’ijuru canke Umwana, atari Data.” (Mariko 13:32) Ivyabona vya Yehova ntibagerageza kuvuga igihe Imana izokuriraho ababisha. Naho baguma bakurikiranira hafi “ikimenyetso” c’iherezo bakaba kandi bemera yuko abantu babayeho mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma,” ntibashobora kumenya igihe neza na neza “iherezo” rizozirako. (Mariko 13:4-8, 33; 2 Timoteyo 3:1) Ivyo babirekera mu minwe ya Se wabo wo mw’ijuru n’Umwana wiwe.
Mu kurindira ko iryo herezo riza, Ivyabona vya Yehova baguma bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru izotegeka uyu mubumbe w’isi ikongera ikawuhindura Iparadizo irangwa amahoro, iyo ‘abagororotsi bazokwigabira, bakayibako ibihe bidahera.’—Zaburi 37:29.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 10]
Image Science and Analysis Laboratory, NASA-Johnson Space Center