“Igihe co gukunda n’igihe co kwanka”
‘IMANA ni urukundo.’ Mu bihugu bimwebimwe, abantu barandika ayo majambo bakayashira mw’ikadre nk’irya y’amafoto bagaca bayamanika ku ruhome rw’inzu yabo. Mu vy’ukuri, ayo ni amajambo meza cane adondora ico Imana iri: ni yo karorero ruheta k’urukundo.
Ariko abantu benshi ntibazi ko ayo majambo ava muri Bibiliya. Intumwa Yohani ni yo yanditse iti: “Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Yohani yaranditse n’ivyerekeye urukundo Imana ifitiye isi, ni ukuvuga abantu bashobora gucungurwa, ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”—Yohani 3:16.
Abantu bamwebamwe, bafatiye kuri ayo majambo, boshobora kwiyumvira ko Imana yama yiteguriye kwirengagiza ico dukora cose. Uburyo abantu benshi babayeho burerekana ko biyumvira yuko naho bokwigenza gute, Imana ata co izobabaza. Ariko ivyo vyoba ari ko biri koko? Imana yoba ikunda bose, abeza n’ababi? Hoba hari igihe bishika Imana ikanka umuntu?
Igihe Imana ikunda n’igihe yanka
Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, mbere ikintu cose munsi y’amajuru kirafise igihe caco: . . . igihe co gukunda n’igihe co kwanka.” (Umusiguzi 3:1, 8) Iyo ngingo ngenderwako irerekana ko naho Imana ifise urukundo rwinshi n’ubuntu bwinshi, bishika ikagira uwo yanse.
Ubwa mbere, Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ikoresheje ijambo “kwanka”? Igitabu kimwe cishura giti: “Mu Vyanditswe, ijambo ‘kwanka’ rifise insobanuro nyinshi. Rishobora gusobanura kuzinukwa, kugira inzigo idahera akenshi ikaba iherekejwe n’umutima mubi. Mwene urwo rwanko rwoshobora gucika urukomeye ku buryo umuntu yipfuza kugirira nabi uwo arufitiye.” Iyo ni yo nsobanuro tumenyereye cane, kandi turibonera ingaruka mwene urwo rwanko rugira kw’isi yose. Ariko ico gitabu nyene congerako giti: “‘Kwanka’ vyoshobora kandi gusobanura kuzinukwa ikintu canke umuntu mugabo ata cipfuzo ufise co kugirira nabi ico kintu canke uwo muntu.”
Iyo nsobanuro ya kabiri ni yo turiko turavuga muri iki kiganiro. Ni ukuterekwa ikintu canke umuntu canke ugushishwa rwose, ata mutima mubi, akankanzi canke icipfuzo co kugirira uwundi nabi ufise. Imana yoba ishobora kugira mwene urwo rwanko? Raba ibivugwa mu Migani 6:16-19: “Hari ibintu bitandatu Yehova yanka koko; emwe, ibintu indwi ni vyo bitera ishishi umutima wiwe: amaso yishira hejuru, ururimi rw’ikinyoma n’amaboko asesa amaraso y’intungane, umutima urementanya imigambi mibi, ibirenge vyihutira kwirukira ikibi, icabona c’ikinyoma gisuka ububeshi, be n’uwo wese atera amahane mu bavukana.”
Nk’uko tubibona, hariho ibikorwa bimwebimwe Imana yanka. Mugabo si ngombwa ngo ice yanka nyene kubikora. Irarimbura imvo zimwezimwe zituma amakosa y’umuntu aremuruka, nk’akarorero ubugoyagoye bw’umubiri wacu, aho umuntu abaye, ukuntu yarezwe hamwe n’ukutamenya. (Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12) Umwanditsi w’Imigani arabisigura mu kubitangira akarorero keza, ati: “Uwo Yehova akunda a[ra]mukangira, nk’uko se akangira umwana amuhimbara.” (Imigani 3:12) Umuvyeyi yoshobora kwanka ukugambarara kw’umwana wiwe, ariko akaba agikunda uwo mwana wiwe kandi akagira uko ashoboye kwose kugira amufashe guheba ubugaba bwiwe mu kumutoza indero. Kubera urukundo Yehova afise, arabigenza nk’ukwo nyene igihe abona ko umucumuzi ashobora kwigarura agakira.
Igihe Imana iba ifise imvo yo kwanka
Bite ho igihe umuntu amenye ivyo Imana igomba ariko akanka kubikora? Uwo muntu ntaba ariko atuma Imana imukunda, ahubwo aba ariko atuma itamushima. Mu gihe abandanije gukora nkana ivyo Yehova yanka, bituma Yehova amwanka. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.” (Zaburi 11:5) Umuntu nk’uwo atigaya nta mbabazi Imana ishobora kumugirira, nk’uko intumwa Paulo abitomora mw’ikete yandikiye Abaheburayo ati: “Nimba tuza turacumura n’ibigirankana tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye, ahubwo haba hasigaye ukwitegana ubwoba ata kabuza urubanza hakaba n’ishari ry’umuriro rigiye kuyigiza abarwanya Imana.” (Abaheburayo 10:26, 27) Kubera iki Imana y’urukundo ifata iyo ngingo?
Igihe umuntu aguma akora nkana igicumuro gikomeye, ububisha burashobora gushinga imizi muri we ku buryo budashobora kumuvamwo. Yoshobora kuba umuntu mubi rwose, adashobora guhinduka, atakivayo. Uwo muntu Bibiliya imugereranya n’ingwe kuko idashobora guhindura ibirabagu vyayo. (Yeremiya 13:23) Kubera ko bitaba bigishoboka ko yigaya, uwo muntu akora ico Bibiliya yita “igicumuro kidahera,” kino kikaba kidaharirwa.—Mariko 3:29.
Ukwo ni ko vyagenze kuri Adamu na Eva hamwe na Yuda Isikariyoti. Adamu na Eva bari baremwe batunganye. Vyongeye, itegeko Imana yabahaye ryari ritomoye kandi bompi bararitahura. Biribonekeza rero ko bacumuye nkana, bakaba rero batari gushobora kubabarirwa. Mu vyo Imana yaciye ibabwira, nta majambo yo kubaremesha kwigaya yavuze. (Itanguriro 3:16-24) Naho Yuda yari umuntu adatunganye, yari amaze igihe agendana n’Umwana w’Imana; yamara yahavuye amugura. Yezu ubwiwe yamwise “wa mwana wo kuranduka.” (Yohani 17:12) Bibiliya yerekana kandi ko Shetani ari umucumuzi ruhebwa ata kindi yokwitega atari ukurandurwa. (1 Yohani 3:8; Ivyahishuwe 12:12) Abo bose barikwegeye urwanko rw’Imana.
Ariko rero, birahumuriza kumenya ko atari uwacumuye wese aba atagishobora kuvayo. Yehova arihangana cane kandi ntahimbarwa no guhana abacumuye bivuye ku kutamenya. (Ezekiyeli 33:11) Abaremesha kwigaya kugira ngo baharirwe. Dusoma duti: “Umubisha nahebe inzira yiwe, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane.”—Yesaya 55:7.
Tubone urukundo n’urwanko mu buryo bubereye
Biratomoye ko abakirisu b’ukuri, bwa bantu bigana Imana, bakeneye kumenya neza “igihe co gukunda” n’“igihe co kwanka.” Gutwarwa n’ikibabarwe birashobora gutuma umuntu arenza urugero mu kuntu abona urukundo n’imbabazi. Ariko amajambo y’umwigishwa Yuda arashobora kudufasha kutarenza urugero haba mu bijanye no kugira imbabazi canke mu bijanye no kwanka igicumuro; yavuze ati: “Mubandanye kugirira imbabazi abandi, mubigirana ugutinya, mu gihe mwanka mbere n’impuzu y’imbere yandujwe n’umubiri.” (Yuda 22, 23) Dukwiye rero kwanka ikibi, ntitwanke uwugikora.
Abakirisu basabwa kandi gukunda abansi babo mu kubakorera iciza. Yezu yavuze ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” (Matayo 5:44) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova batareka kuguma babwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abantu nka bo, naho bamwebamwe batakira neza ubwo butumwa. (Matayo 24:14) Baragerageza kwisunga ukuntu Bibiliya ibona ibintu, bakabona ko umuntu wese yoshobora kwungukira ku rukundo rwa Yehova no ku mbabazi ziwe. Igihe utwigoro bagira barondera gufasha abantu tudashimwe, canke igihe biyamirijwe mbere bagahamwa, Ivyabona vya Yehova barakurikiza impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Mugume muhezagira ababahama; muhezagire, ntimuvume. . . . Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:14, 17) Baguma bibuka ko Yehova ari we azomenya uwo akwiye gukunda n’uwo akwiye kwanka. Ni we Mucamanza afata ingingo ya nyuma ku kibazo c’ubuzima n’urupfu.—Abaheburayo 10:30.
Egome, ‘Imana ni urukundo.’ Natwe dukwiye kwerekana ko dukenguruka urukundo rwayo tukongera tukagira akigoro ko kumenya ivyo igomba maze tukabikora. Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo bazohimbarwa no kugufasha kwibonera muri Bibiliya yawe ivyo Imana igomba be n’ingene wovyisunga mu buzima bwawe. Gutyo, uzokwirinda kwankwa n’Imana, ukundwe na yo.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 23]
“Hari ibintu bitandatu Yehova yanka koko; emwe, ibintu indwi ni vyo bitera ishishi umutima wiwe: amaso yishira hejuru, ururimi rw’ikinyoma n’amaboko asesa amaraso y’intungane, umutima urementanya imigambi mibi, ibirenge vyihutira kwirukira ikibi, icabona c’ikinyoma gisuka ububeshi, be n’uwo wese atera amahane mu bavukana.”—IMIGANI 6:16-19.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 24]
“Nimba tuza turacumura n’ibigirankana tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye, ahubwo haba hasigaye ukwitegana ubwoba ata kabuza urubanza.”—ABAHEBURAYO 10:26, 27
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 25]
“Umubisha nahebe inzira yiwe, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi . . . [Imana] izobabarira cane.”—YESAYA 55:7
[Ifoto ku rup. 24]
Umuvyeyi munyarukundo aratoza indero umwana wiwe kugira amufashe
[Ifoto ku rup. 25]
Imbohe nyinshi zarungukiye ku rukundo rw’Imana no ku mbabazi zayo