ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp22 no. 1 rup. 4-5
  • Urukwegane rw’inzankano ruva ku ki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukwegane rw’inzankano ruva ku ki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urwanko ni iki?
  • IBITUMA ABANTU BANKANA
  • INGENE RURANDAGATA
  • BIBILIYA IRADUHISHURIRA INGENE URWANKO RWATANGUYE
  • Turashobora gutsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Igihe urwanko ruzoba rwavuyeho burundu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Kubera iki abantu basigaye bankana cane? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
wp22 no. 1 rup. 4-5

Urukwegane rw’inzankano ruva ku ki?

Kubera iki mw’isi hari urukwegane rw’inzankano? Kugira ngo tumenye igituma, turakeneye gutahura urwanko ico ari co, ibituma abantu bankana be n’ingene urwanko rurandagata.

Urwanko ni iki?

Urwanko ni ukutiyumvamwo canke kuterekwa uwundi muntu canke umugwi w’abantu kanaka. Si ishavu gusa ry’igihe gito umuntu agirira uwundi.

IBITUMA ABANTU BANKANA

Hari imvo nyinshi zituma abantu bankana. Kenshi usanga abantu batanka abandi babahora ivyo bakora, ahubwo babahora ico bari. Boshobora kubanka babagiriza ko ari ababisha, ko bateye akaga, canke ko badashobora guhinduka. Boshobora kandi kubonwa ko bagayitse canke ko bateza ingorane. Abagirira urwanko abandi, ushobora gusanga na bo nyene baragiriwe nabi, bararenganijwe, canke barashikiwe n’ikindi kintu catumye bagira inzigo y’akazikira.

INGENE RURANDAGATA

Umuntu arashobora kwanka abantu atarigera anabona. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kwanka abandi bivuye gusa ku kwoshwa n’ivyiyumviro vy’abantu yubaha canke abo mu muryango. Muri ubwo buryo, urwanko rurashobora kurandagata bitagoranye mu mugwi w’abantu, bose bagasigara babona ibintu kumwe.

Dutahuye ingene urwanko rurandagata bitagoranye, duca tubona igituma abantu benshi cane banka abandi. Ariko rero, kugira ngo urwo rukwegane rw’inzankano rurangwa mw’isi ruhagarare, turakeneye kubanza kumenya ingene rwatanguye. Bibiliya irabiduhishurira.

BIBILIYA IRADUHISHURIRA INGENE URWANKO RWATANGUYE

Igicapo kiriko imyampi ibiri isa n’iyinjiranamwo, yerekana ibituma haba urukwegane rw’inzankano. 1. Amakuru y’ikinyoma arimwo ayava mu bantu, ku mbuga hwaniro, no mu bimenyeshamakuru. 2. Kutamenya ivy’imico y’abandi, ivy’ubwoko bwabo, canke ivy’idini ryabo. 3. Gutinya ivyohinduka, ivyo twotakaza, canke ivyohava bidushikira. 4. Urwanko rurimwo kwinuba abandi, kubakumira no kubagirira nabi.

URWANKO NTIRWATANGUJWE N’ABANTU. Rwatanguye igihe umumarayika umwe yahavuye yitwa Shetani yagarariza Imana. Shetani ‘yabaye umwicanyi igihe yatanguza’ ubugarariji. Kubera ko “ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma,” yarabandanije gukokeza urwanko n’ububisha. (Yohani 8:44; 1 Yohani 3:11, 12) Bibiliya ivuga ko arangwa n’ikibi, ishavu be n’ububisha.​—Yobu 2:7; Ivyahishuwe 12:9, 12, 17.

ABANTU B’ABANYAGASEMBWA BIROROSHE KO BAGIRA URWANKO. Wa muntu wa mbere Adamu yariganye ingendo ya Shetani maze aracumura. Ivyo vyatumye abantu bose baragwa icaha n’agasembwa. (Abaroma 5:12) Kayini imfura ya Adamu, yaranse mwenewabo Abeli maze aramwica. (1 Yohani 3:12) Ego ni ko abantu benshi baragaragaza urukundo n’impuhwe. Ariko kubera ko twarazwe icaha, abenshi usanga bafise ubwikunzi, ishari n’ubwibone, izo zikaba ari kamere zikokeza urwanko.​—2 Timoteyo 3:1-5.

KUTIHANGANIRANA BIRAREMESHA URWANKO. Iyi si irakokeza urwanko mu kurekerana inyifato zitaranga impuhwe kandi zibabaza abandi. Ukutihanganirana, ukwinubana, ugutukana, ugutotezanya n’ugusahurana usanga vyiraye kubera yuko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha” Shetani.​—1 Yohani 5:19.

Ariko rero, Bibiliya ntitubwira gusa ingene urwanko rwatanguye. Iranatubwira umuti w’urwanko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika