Igihe urwanko ruzoba rwavuyeho burundu
Naho twokwikuramwo urwanko, ntidushobora kubuza abandi kugaragaza urwanko. Abantu ata co bazira barabandanya kwankwa. None ni nde azokuraho urwanko burundu?
Yehova Imana ni we wenyene ashobora gukuraho burundu urwanko tubona muri iki gihe. Ivyo nyene ni vyo Bibiliya isezerana ko azokora.—Imigani 20:22.
IMANA IZOKURAHO IBITUMA HABA URWANKO
1. SHETANI WA MUBISHA. Shetani wa mumarayika yagarariza ni we soko ry’urwanko tubona mu bantu muri iki gihe. Imana izorandura Shetani n’abantu bose biziziwe n’urwanko nka we.—Zaburi 37:38; Abaroma 16:20.
2. ISI YA SHETANI. Imana izokuraho ibintu vyose biremesha urwanko muri iyi si, ushizemwo abanyapolitike be n’abayobozi b’amadini bakokeza urwanko. Imana izokuraho kandi igisata c’ubudandaji kirangwa umwina no kurya imitsi abandi.—2 Petero 3:13.
3. AGASEMBWA. Bibiliya ivuga yuko abantu bose barazwe agasembwa, ni ukuvuga agatima gatuma biyumvira ikibi bakongera bakagikora. (Abaroma 5:12) Kwanka abandi ni kimwe mu biranga ako gatima. Imana izodufasha gutsinda ako gatima maze urwanko ruveho burundu.—Yesaya 54:13.
BIBILIYA IDUSEZERANIRA ISI IZIRA URWANKO
1. NTA WUZOBA AKIRENGANYWA. Isi izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana, na bwo akaba ari intwaro yo mw’ijuru izozana ubutungane ibihe bidahera. (Daniyeli 2:44) Kwinubana no kutihanganirana bizoba vyarakuweho. Imana izokuraho akarenganyo kose tubona muri iki gihe.—Luka 18:7.
2. TUZOKWIBERAHO MU MAHORO. Nta wuzosubira guhahazwa n’ubukozi bw’ikibi canke intambara. (Zaburi 46:9) Isi izoba itekanye, ibamwo gusa abantu bakunda amahoro.—Zaburi 72:7.
3. TUZOKWIBERAHO IBIHE BIDAHERA DUTEKANIWE. Kw’isi yose abantu bazoba bakundana ata buryarya. (Matayo 22:39) Nta wuzosubira kubabara, canke mbere ngo yibuke ibintu bibi vyamushikiye kera. (Yesaya 65:17) Ico gihe, abantu batagira urwanko “bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:11.
Woba wipfuza kuba mw’isi imeze gutyo? No muri iki gihe, abantu benshi bariko bariga kwikuramwo urwanko mu gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. (Zaburi 37:8) Ivyo nyene ni vyo Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bariko baragira. Naho bava mu mico itandukanye no mu bihugu bitandukanye, bagize umuryango ukundana kandi wunze ubumwe.—Yesaya 2:2-4.
Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kukuyagira ivyo bize ku bijanye n’ingene wovyifatamwo neza igihe abandi bakurenganije canke bagukumiriye. Ivyo bokubwira birashobora kugufasha kugenda urikuramwo urwanko woba ufitiye abandi maze ukarusubiriza urukundo. Birashobora kandi gutuma umenya ingene wofata neza abantu bose, mbere n’abasa n’uko ari intashima canke abagaragaza urwanko. Ivyo vyotuma urushiriza guhimbarwa muri iki gihe, bigatuma kandi urushiriza kubana neza n’abandi. Ikiruta vyose, uzomenya ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana, aho urwanko ruzoba rwaravuyeho burundu.—Zaburi 37:29.