Twigane Yezu mu bijanye no kuba maso
‘Gume muri maso kandi musenga.’—MAT. 26:41.
WOKWISHURA GUTE?
Amasengesho dutura ashobora gute kwerekana ko turi maso?
Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko turi maso mu busuku turangura?
Ni kubera iki bihambaye ko tuguma turi maso igihe turi mu kigeragezo, kandi twobigira gute?
1, 2. (a) Ni ibibazo ibihe vyoshobora kuvyuka ku vyerekeye akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso? (b) Akarorero ka Yezu katagira agahaze koba kofasha abantu b’abacumuzi? Tanga akarorero.
WOSHOBORA kwibaza uti: ‘Vyoba vy’ukuri bishoboka ko twigana akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso? Nakare, Yezu ntiyagira agasembwa! N’ikigeretseko, rimwe na rimwe yarashobora kumenya ibintu bizoba muri kazoza, mbere n’ivyobaye haciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi! Yoba vy’ukuri yari akeneye kuba maso?’ (Mat. 24:37-39; Heb. 4:15) Nimuze tubanze turimbure ivyo bibazo kugira ngo dushobore gutahura ukuntu bihambaye kandi vyihutirwa ko tuba maso.
2 Akarorero katagira agahaze koba kofasha abantu b’abacumuzi? Egome, kubera yuko bishoboka ko umuntu yigira ku mwigisha mwiza no ku karorero atanga. Nk’akarorero, niwihe ishusho y’umuntu atanguye kwiga kurasisha umuheto. Ntashobora gutumbereza neza umwampi ku buryo aca agema ico ariko ararasa, mugabo aguma yiga yongera yimenyereza. Kugira ngo arushirize gutumbereza, arigana yitonze akarorero k’uwuriko aramwigisha, uwuba ari umurashi w’umuhanga. Uwo mwigishwa arihweza ukuntu umwigisha wiwe ahagarara, ukuntu agira amaboko be n’ukuntu akoresha intoke ku ruvuto ari wo mugozi w’umuheto. Bukebuke, uwo muntu aba yiyemeje kwiga kurasa aramenya inguvu akwiye gukoresha mu gukwega uwo mugozi, akitwararika ibijanye n’umuyaga akongera akaguma agira akigoro. Mu kuza arigana ivyo abona umwigisha wiwe akora, arahava agatumbereza imyampi yiwe ku buryo iza iregereza ico arondera kugema. Muri ubwo buryo nyene, tuguma dukora uko dushoboye kwose kugira turushirize kuba abakirisu beza mu gukurikiza ubuyobozi Yezu atanga no mu kwigana akarorero kiwe katagira agahaze.
3. (a) Yezu yerekanye gute ko yari akeneye kuba maso? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?
3 Ariko none tuvuge iki ku bijanye no kuba maso? Yezu yoba vy’ukuri yari abikeneye? Neza cane. Nk’akarorero, mw’ijoro rya nyuma yamaze ng’aha kw’isi, yahimirije intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Mugumane maso nanje.” Yongeyeko ati: “Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” (Mat. 26:38, 41) Naho Yezu yari yarerekanye ko aguma ari maso, muri ivyo bihe bitoroshe ni ho canecane yashaka kuba maso no kwiyegereza Se wiwe wo mw’ijuru uko bishoboka kwose. Yari azi ko abayoboke biwe bari bakeneye kuguma barikanuye gutyo nyene, atari muri ico gihe gusa mugabo no muri kazoza. Ku bw’ivyo, nimuze turimbure igituma Yezu ashaka ko tuguma turi maso. Mu nyuma, turaza kwihweza uburyo butatu dushobora kuba maso nka we mu buzima bwacu bwa misi yose.
IGITUMA YEZU ASHAKA KO TUBA MASO
4. Ni kubera iki dukeneye kuguma turi maso?
4 Muri make, Yezu ashaka ko tuguma turi maso kubera ivyo tutazi be n’ivyo tuzi. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi ari umuntu nkatwe, yoba yari azi ibintu vyose vyobaye muri kazoza? Oya, kuko yiyemereye icese abigiranye ukwicisha bugufi ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Mat. 24:36) Ico gihe, Yezu we “Mwana” ntiyari azi neza na neza igihe iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryoshikiye. Tuvuge iki ku bitwerekeye muri iki gihe? Hoba hari ivyo tutazi ku vyerekeye kazoza? Cane nyene! Ntituzi igihe Yehova azorungikira Umwana wiwe kugira ngo akureho ivy’iyi si mbi. Iyaba twari tukizi, ubwo twobaye vy’ukuri dukeneye kuguma turi maso? Nk’uko Yezu yabisiguye, iherezo rizoza bukwi na bukwi ata n’umwe avyiteze. Ni co gituma dukeneye kuguma turi maso.—Soma Matayo 24:43.
5, 6. (a) Ivyo tuzi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana bidufasha gute kuba maso? (b) Ni kubera iki ivyo tuzi ku bijanye na Shetani bikwiye gutuma turushiriza kwiyemeza kuba maso?
5 Ariko rero, Yezu yari azi ibintu vyinshi vyiza igitangaza vyerekeye kazoza, ni ukuvuga ukuri abantu benshi bo mu gihe ciwe batari bazi. Ubumenyi dufise ntibushikira ubwa Yezu, mugabo tubikesheje we, turazi vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ivyo bugiye kurangura. Igihe twitegereje hirya no hino yacu, haba kw’ishure, ku kazi canke mu cibare turanguriramwo ubusuku bwacu, ntitubona none yuko abantu benshi batazi na gato ukwo kuri kwiza igitangaza? Ico ni ikindi kintu rero gituma tuguma turi maso. Cokimwe na Yezu, turakeneye kwama turikanuye, tureretse uturyo two kubwira abandi ivyo tuzi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Akaryo ako ari ko kose nk’ako ni ak’agaciro, tukaba rero tutipfuza kukagisha. Ubuzima bw’abantu buri mu kaga!—1 Tim. 4:16.
6 Hari ikindi kintu Yezu yari azi catuma aguma ari maso. Yari azi ko Shetani yari yiyemeje kumugerageza, kumuhama no gutuma ava ku gutungana kwiwe. Uwo mwansi w’umubisha yaguma areretse “akandi karyo keza” ko kugerageza Yezu. (Luka 4:13) Yezu yagumye ari maso. Yashaka kuguma yiteguriye ikigeragezo ico ari co cose, kwaba ukurwanywa canke uguhamwa. None ivyacu ntivyifashe gutyo nyene? Turazi yuko Shetani akimeze ‘nk’intambwe iroha, irondera uwo irotsa.’ Ni co gituma Ijambo ry’Imana rihimiriza abakirisu bose riti: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso.” (1 Pet. 5:8) Ariko none ivyo twobigira gute?
INGENE TWOBA MASO MU BIJANYE N’ISENGESHO
7, 8. Yezu yatanze impanuro iyihe ku bijanye n’isengesho, kandi ni akarorero akahe yadusigiye?
7 Bibiliya irerekana ko hariho isano rikomeye hagati yo kuguma turikanuye canke turi maso mu vy’impwemu hamwe n’isengesho. (Kol. 4:2; 1 Pet. 4:7) Ata kanya kahaciye Yezu asavye abayoboke biwe kugumana maso na we, yavuze ati: “Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” (Mat. 26:41) Yoba none yashaka kuvuga ko iyo mpanuro yerekeye gusa ivyo bintu bitoroshe barimwo muri ico gihe? Oya, iyo mpanuro yatanze ni ingingo ngenderwako tubwirizwa kubaho twisunga buri musi.
8 Yezu yaradusigiye akarorero kadasanzwe mu bijanye n’isengesho. Ushobora kuba wibuka yuko yigeze kumara ijoro ryose ariko arasenga Se wiwe. Reka duse n’ababona ukuntu vyagenze. (Soma Luka 6:12, 13.) Ni mu gihe c’impeshi, bikaba bishoboka ko Yezu ari hafi y’igisagara gikorerwamwo uburovyi ca Kaperinawumu yabamwo, mu ntara ya Galilaya. Bugorovye, Yezu araduga kuri umwe mu misozi iri hafi y’ikiyaga ca Galilaya. Igihe ariko arihweza ako karere buriko burira, kumbure arabona umuco w’amatara y’amavuta i Kaperinawumu no mu bindi bigwati bibanyi. Ariko rero, igihe Yezu ayagira Yehova, arashira umutima wiwe wose kw’isengesho ariko aratura. Amasaha n’amasaha arakunkumuka. Nta kintu na kimwe amenya igihe ayo matara agenda arazima canke igihe ukwezi gucokera mu bicu kibure igihe ibikoko vy’ijoro birondera ico birya mw’ishamba. Birashoboka ko mw’isengesho atura yibanda ku ngingo ihambaye agira afate, iyo na yo ikaba ari iyo guhitamwo intumwa ziwe 12. Turashobora kubona mu bwenge Yezu ariko arasenga Se wiwe abigiranye ubwira, amusaba ubuyobozi n’ubukerebutsi igihe amubwira ivyo yiyumvira vyose be n’ibimuraje ishinga vyose ku vyerekeye umwigishwa umwumwe wese.
9. Akarorero Yezu yatanze mu bijanye no gusenga ijoro ryose katwigisha iki?
9 Ako karorero ka Yezu katwigisha iki? Koba katwigisha yuko dutegerezwa kumara amasaha n’ayandi turiko turasenga? Oya, kuko yiyemereye icese ku bijanye n’abayoboke biwe ati: “Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.” (Mat. 26:41) Naho ari ukwo, turashobora kwigana Yezu. Nk’akarorero, twoba tubanza kubaza Data wa twese wo mw’ijuru imbere y’uko dufata ingingo iyo ari yo yose yoshobora kugira ico ikoze kuri twebwe mu vy’impwemu, ku muryango wacu canke ku bo dusangiye ukwemera? Mu masengesho dutura twoba dusabira bene wacu hamwe na bashiki bacu mu kwizera? Twoba dusenga tubikuye ku mutima aho kuza turasubiramwo vya bindi nyene? Urabona kandi ko Yezu yaha agaciro ibijanye no kuyaga na Se mu mwiherero. Muri iyi si aho usanga abantu bacurumba muri vyinshi, biroroshe cane ko dutwarwa no kwiruka inyuma y’ubuzima ku buryo twibagira ibihambaye kuruta ibindi. Nitwarondera umwanya uhagije wo gutura isengesho mu mwiherero, tuzorushiriza kurikanura mu buryo bw’impwemu. (Mat. 6:6, 7) Tuzorushiriza kwiyegereza Yehova, dushashaye gukomeza ubucuti dufitaniye na we no kwirinda gukora ikintu ico ari co cose cotuma buhungabana.—Zab. 25:14.
INGENE TWOBA MASO MU GIKORWA CO KWAMAMAZA
10. Ni akarorero akahe katwereka ukuntu Yezu yaguma areretse uturyo two gushinga intahe?
10 Yezu yaguma ari maso mu gikorwa Yehova yari yaramushinze. Hoshobora kuba hariho ubuzi aho usanga umukozi ashobora kwangaza ubwenge ntibiteze ingorane. Ariko rero, ubuzi bwinshi busaba ko umuntu aguma arikanuye akongera akabwitunirako. Nta gukeka ko ubusuku bwa gikirisu ari ukwo bumeze. Yezu yaguma arikanuye mu gikorwa ciwe, areretse uturyo two kubwira abandi inkuru nziza. Nk’akarorero, igihe we n’abigishwa biwe bashika mu gisagara ca Sikara bamaze igitondo cose bagenda, abo bigishwa baragiye kugura ibifungurwa. Yezu yagumye iruhande y’iriba ryo muri ico gisagara kugira ngo aruhuke, mugabo yagumye arikanuye, maze araronka akaryo ko gushinga intahe. Umugore umwe w’Umusamariyakazi yaregereye kugira avome amazi. Yezu yari gushobora guhitamwo kwisinzirira gatoyi. Yari gushobora kwiyumvira imvo zotuma adatanguza ikiyago. Ariko rero, yaragize ico avuze, aratuma nya mugore aja mu kiyago, maze arashinga intahe ikomeye yahinduye ubuzima bw’abantu benshi bo muri ico gisagara. (Yoh 4:4-26, 39-42) Twoba tworushiriza kwigana akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso, kumbure mu kurushiriza kurereka uturyo two kubwira inkuru nziza abantu duhura mu buzima bwacu bwa misi yose?
11, 12. (a) Yezu yishuye iki abariko baragerageza kumusamaza mu gikorwa ciwe? (b) Yezu yerekanye gute ko agira uburimbane mu busuku yarangura?
11 Vyarashika abantu bibaza ko baronderera ineza Yezu bakagerageza kumusamaza mu gikorwa ciwe. I Kaperinawumu, abantu amasinzi barakozwe ku mutima n’ibitangaro Yezu yakoze bijanye no gukiza abarwaye ku buryo bashaka ko agumana na bo ng’aho. Ivyo vyarumvikana. Ariko rero, igikorwa Yezu yari yashinzwe nticari ico kubwira inkuru nziza intama zo muri ico gisagara kimwe zonyene, ahubwo cari ico kubwira inkuru nziza “intama [zose] zazimiye z’inzu ya Isirayeli.” (Mat. 15:24) Ni co gituma yabwiye abo bantu ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:40-44) Biragaragara rero ko ubusuku Yezu yarangura cari co kintu gihambaye kuruta ibindi mu buzima bwiwe. Ntiyareka ngo hagire ikintu na kimwe kimusamaza.
12 Yezu yoba none yaritwararika rwose igikorwa ciwe ku buryo yari umuntu w’ishaka rirenze urugero? Yoba yaratwarwa rwose n’ubusuku bwiwe ku buryo atitaho ivyo imiryango ikineye? Oya, Yezu yaratanze akarorero katagira agahaze mu bijanye no kugira uburimbane. Yararyoherwa mu buzima, agahimbarwa no kuba ari kumwe n’abagenzi biwe. Yaraha agaciro imiryango, akitwararikana ikibabarwe ivyo ikeneye be n’ingorane ifise, akongera akagaragariza abana urukundo abafitiye atakimutangira.—Soma Mariko 10:13-16.
13. Twokwigana gute akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso be no kugira uburimbane ku vyerekeye igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami?
13 Uko twigana akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso, dushobora gute kwihatira kugira uburimbane nk’ubwo yagize? Ntitureka ngo iyi si idusamaze mu gikorwa cacu. Mbere n’abagenzi be n’incuti bibaza ko baturonderera ineza boshobora kuduhimiriza ngo tugabanye umwete dufise mu busuku canke ngo turondere ivyo babona ko ari ubuzima busanzwe. Ariko rero nimba twigana Yezu, ubusuku bwacu tububona nk’ibifungurwa. (Yoh. 4:34) Igikorwa turangura kiratugaburira mu buryo bw’Impwemu kikongera kigatuma tugira umunezero. Yamara, ntitwigera twipfuza kuba abantu barenza urugero, mu kwigira abagororotsi. Cokimwe na Yezu, twipfuza kuba abasavyi ba “ya Mana ihimbawe” banezerewe kandi bafise uburimbane.—1 Tim. 1:11.
INGENE TWOBA MASO IGIHE TURI MU KIGERAGEZO
14. Igihe turi mu kigeragezo, ni igiki tudakwiye kwibagira, kandi kubera iki?
14 Nk’uko twamaze kubibona, zimwe mu mpanuro zihutirwa kuruta izindi zijanye no kuba maso, Yezu yazihaye abayoboke biwe igihe yari mu kigeragezo gikomeye. (Soma Mariko 14:37.) Igihe turi mu ngorane, ni ho tuba dukeneye kumwigana kuruta ikindi gihe cose. Igihe abantu bari mu kigeragezo, akenshi usanga bibagira ukuri guhambaye cane. Ukwo kuri kurahambaye rwose ku buryo igitabu c’Imigani kikuvuga incuro zibiri, giti: “Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu.” (Imig. 14:12; 16:25) Twihetse ku vyiyumviro vyacu bwite, na canecane igihe turi mu ngorane zikomeye, biba bishoboka rwose ko dushira mu kaga ubuzima bwacu be n’ubw’abacu.
15. Serugo yoshobora kwumva ashatse gukora iki igihe ivy’ubutunzi vyifashe nabi?
15 Nk’akarorero, serugo yoshobora kuba ariko aragwa avyuka kugira ngo aronse “abo mu rugo rwiwe” ivyo bakeneye mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Yoshobora kwumva ashaka gukora akazi gatuma aza arasiba amakoraniro ya gikirisu, guhagarikira ugusenga kwo mu muryango, canke kugira uruhara mu busuku. Aramutse yihetse gusa ku vyiyumviro vy’abantu, iyo ngendo yoshobora gusa n’iyumvikana, mbere igasa n’iyigororotse. Ariko rero, yoshobora gutuma arwara canke apfa mu buryo bw’impwemu. Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza akurikije impanuro iri mu Migani 3:5, 6! Salomo yavuze ati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”
16. (a) Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu bijanye no kwizigira ubukerebutsi bwa Yehova aho kwizigira ubukerebutsi bwiwe bwite? (b) Ba serugo benshi bariko bigana gute akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kwizigira Yehova mu bihe bigoye?
16 Igihe Yezu yari mu kigeragezo, yaranse yivuye inyuma kwishimikiza ubwenge bwiwe bwite. Iyumvire ntuze ico kintu! Umuntu w’inkerebutsi kuruta ababayeho bose yahisemwo kutiheka ku bukerebutsi bwiwe bwite igihe yaba ariko aratanga inyishu. Nk’akarorero, igihe Shetani yagerageza Yezu, yaguma amwishura ati: “Vyanditswe ngo.” (Mat. 4:4, 7, 10) Yihetse ku bukerebutsi bwa Se kugira ngo arwanye ibigeragezo, aba yerekanye ukwicisha bugufi Shetani akengera kandi atagira na gato. Twoba natwe tubigenza gutyo? Serugo yigana akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba maso arareka Ijambo ry’Imana rikamuyobora, na canecane igihe ari mu bihe bitoroshe. Hirya no hino kw’isi, ba serugo ibihumbi n’ibihumbi bariko babigenza gutyo nyene. Babigiranye ugushikama, barashira Ubwami bw’Imana be n’ugusenga gutyoroye imbere y’ibindi mu buzima, n’imbere y’ivy’umubiri. Muri ubwo buryo, baba bitwararitse ibintu bihambaye kuruta ibindi imiryango yabo ikeneye. Yehova aragira ico akoze mu guhezagira utwigoro bagira two kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri, nk’uko nyene Ijambo ryiwe ribisezerana.—Mat. 6:33.
17. Ni igiki kikuvyurira umutima wo kwigana Yezu mu bijanye no kuba maso?
17 Nta gukeka ko Yezu yatanze akarorero keza kuruta utundi twose mu bijanye no kuba maso. Akarorero kiwe ni ngirakamaro, kakaba mbere karokora ubuzima. Uribuka ko Shetani ashashaye gutuma usinzira mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ugoyagoya mu kwizera, utakaza umwete ufise mu bijanye no gusenga no gutuma uva ku gutungana kwawe. (1 Tes. 5:6) Ntureke ngo yererwe! Nugume uri maso nka Yezu, ni ukuvuga uri maso mu bijanye n’amasengesho utura, mu busuku urangura be n’igihe uri mu bigeragezo. Niwabigenza gutyo, uzogira ubuzima buri n’ico buvuze, buhimbaye, kandi bumara akanyota mbere no muri iki gihe aho iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryegereje. Kuba maso bizotuma kandi uhera amazinda yuko Shobuja niyaza gukuraho ivy’iyi si, azosanga urikanuye kandi ufise umwete mu gukora ivyo Se wiwe agomba. Yehova azohimbarwa cane no kuguha impera kubera ko uzoba wagumye uri umwizigirwa.—Ivyah. 16:15.
[Ifoto ku rup. 6]
Yezu yarabwiye inkuru nziza uwo mugore kw’iriba. Ni uturyo utuhe urondera kugira ngo wamamaze ku musi ku musi?
[Ifoto ku rup. 7]
Kwitwararika umuryango wawe mu buryo bw’impwemu birerekana yuko uri maso