IKIGANIRO C’UKWIGA CA 8
“Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso”
“Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso.”—1 PET. 5:8.
URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!
INCAMAKEa
1. Yezu yabwiye iki abigishwa biwe ku bijanye n’umusi w’umuhero, kandi yaciye abakebura gute?
HASIGAYE imisi mikeyi ngo Yezu apfe, bane mu bigishwa biwe bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso . . . c’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3) Abo bigishwa bashobora kuba bariko baribaza ingene bomenye ko iherezo ry’ivy’Abayuda rigire rishike. Yezu mu kubishura, ntiyavuze gusa ibijanye n’iherezo ry’ivy’Abayuda, ariko kandi yaravuze n’ivy’“insozero y’ivy’isi” tubayemwo muri iki gihe. Ku bijanye n’umusi w’umuhero, Yezu yavuze ati: “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika mw’ijuru canke Umwana, atari Data.” Yaciye akebura abigishwa biwe bose ‘kuguma barikanuye’ no ‘kuguma bari maso.’—Mrk. 13:32-37.
2. Kubera iki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kuguma bari maso?
2 Abakirisu b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kuguma bari maso kugira ntibahasige ubuzima. Yezu yarabwiye abigishwa biwe icobafashije kumenya ko iherezo ry’ivy’Abayuda rigire rishike. Yavuze ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje.” Babibonye, bociye bagamburuka imburi ya Yezu, bagaca “batangura guhungira mu misozi.” (Luka 21:20, 21) Abitwararitse iyo mburi bararokotse igihe Abaroma basangangura Yeruzalemu.
3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
3 Ubu tubayeho mu gihe c’iherezo ry’ivy’iyi si mbi. Na twebwe dutegerezwa kuguma tuzigama ubwenge bwacu kandi tukaguma turi maso. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene twogira uburimbane mu gihe dukurikiranira hafi ibiriko biraba mw’isi, ingene twokwiyubara ubwacu, be n’ingene twokoresha neza umwanya dusigaranye.
NUGIRE UBURIMBANE IGIHE UKURIKIRANA IBIRIKO BIRABA MW’ISI
4. Kubera iki twokwitwararika kumenya ingene ibiriko biraba mw’isi biriko birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?
4 Turi n’imvo zumvikana zo kwitwararika ingene ibiriko biraba mw’isi biriko birashitsa ubuhanuzi. Nk’akarorero, Yezu yaravuze urutonde rw’ibintu vyobaye vyodufashije kumenya ko iherezo ry’ivy’iyi si ya Shetani riri hafi. (Mat. 24:3-14) Intumwa Petero yaraturemesheje gukurikiranira hafi iranguka ry’ubuhanuzi, kugira ngo ukwizera kwacu kugume gukomeye. (2 Pet. 1:19-21) Igitabu ca nyuma ca Bibiliya na co gitangurwa n’aya majambo agira ati: “Ivyahishuwe na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye ngo yereke abashumba bayo ibintu bitegerezwa kuba vuba.” (Ivyah. 1:1) Birabereye rero ko dukurikiranira hafi ibiriko biraba mw’isi kugira tumenye ingene bishobora kuba biriko birashitsa ubuhanuzi. Vyongeye, twoshobora kwumva dushashaye kuyaga ivyo bintu n’abandi.
Igihe tuganira ibijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ni ibiki twokwirinda, kandi ni ibiki twokora? (Raba ingingo ya 5)b
5. Dukwiye kwirinda iki, ariko dukwiye gukora iki? (Raba n’amashusho.)
5 Ariko rero igihe tuganira ku bijanye n’ubuhanuzi buvugwa muri Bibiliya, turakwiye kwirinda kuvuga ivyo twibwira ko vyoshobora kuba. Uti kubera iki? Kubera ko tutipfuza kuvuga ikintu na kimwe cohungabanya ubumwe bw’ishengero. Nk’akarorero, twoshobora kwumva abategetsi b’isi bavuga ingene botorera umuti w’ikibazo kanaka, bigatuma haba amahoro n’umutekano. Aho guca tuvuga ko ivyo bishitsa ubuhanuzi dusanga mu 1 Abatesalonika 5:3, turakwiye kuguma twisunga amakuru ya vuba atangwa n’ishirahamwe rya Yehova. Igihe dushingira ibiyago vyacu ku makuru asohorwa n’iryo shirahamwe, turatuma ishengero riguma ryunze ubumwe, rikagumana “iciyumviro kimwe.”—1 Kor. 1:10; 4:6.
6. Twigira iki ku bivugwa muri 2 Petero 3:11-13?
6 Soma 2 Petero 3:11-13. Intumwa Petero aradufasha kugumana uburimbane igihe turimbura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Aduhimiriza “[kwa]miza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova.” Kubera iki? Ntitubigira mu ntumbero yo kumenya “umusi n’isaha” Yehova azozanirako Harumagedoni, ariko tubigira kubera ko twipfuza gukoresha umwanya dusigaranye “mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be [no mu] bikorwa vy’ukwihebera Imana.” (Mat. 24:36; Luka 12:40) Mu yindi mvugo, twipfuza kuguma twigenza neza, tukongera tukitwararika ko ivyo dukorera Yehova vyose tubikora tubitumwe n’uko tumukunda cane. Kugira ngo ivyo tubishikeko, dutegerezwa kuguma twiyubara ubwacu.
KWIYUBARA UBWACU BISOBANURA IKI?
7. Twerekana gute ko twiyubara ubwacu? (Luka 21:34)
7 Yezu ntiyabwiye abigishwa biwe kwitwararika ibiba mw’isi gusa, ariko yarababwiye no kwiyubara ubwabo. Ivyo turabibonera ku mburi yabahaye muri Luka 21:34. (Soma.) Yezu yavuze ati: “Mwiyubare ubwanyu.” Umuntu yiyubara ubwiwe, aritwararika kubona ibintu vyose vyogeramira ubucuti afitaniye na Yehova, maze akavyirinda. Ivyo bica bituma aguma mu rukundo rw’Imana.—Imig. 22:3; Yuda 20, 21.
8. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yahaye abakirisu?
8 Intumwa Paulo na we nyene yarahanuye abakirisu kwiyubara ubwabo. Nk’akarorero, yabwiye abakirisu b’i Efeso ati: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi.” (Ef. 5:15, 16) Kubera ko Shetani aguma agerageza kwonona ubucuti dufitaniye n’Imana, Bibiliya iduhanura ‘kubandanya dutahura ivyo Yehova agomba,’ kugira ngo dushobore kurwanya ibitero vyose Shetani atugabako.—Ef. 5:17.
9. Ni igiki kidushoboza gutahura ivyo Yehova agomba?
9 Bibiliya ntivuga ibintu vyose bishobora kugeramira ubucuti dufitaniye na Yehova. Akenshi rero dutegerezwa kwifatira ingingo ku bintu Bibiliya itavuga idomako. Kugira ngo dufate ingingo nziza, turakeneye gutahura ‘ivyo Yehova agomba.’ Ivyo tubishobozwa no kwama dusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako. Uko turushiriza gutahura ivyo Yehova agomba no kugerageza kugira “umuzirikanyi wa Kristu,” ni ko turushiriza kugenda “nk’abantu b’inkerebutsi,” mbere n’igihe ata mategeko ahari atubwira ico twokora. (1 Kor. 2:14-16) Ingeramizi zimwezimwe usanga vyoroshe ko tuzibona, izindi na zo ugasanga ntivyoroshe.
10. Ni ingeramizi zimwezimwe izihe dutegerezwa kwirinda?
10 Zimwe mu ngeramizi dutegerezwa kwirinda, harimwo ugukwegana n’uwo tudasangiye igitsina, kunywa inzoga nyinshi, kurira agahokero, gukoresha imvugo ibabaza, kuraba ibikino vy’ububisha, amashusho y’ibiterasoni, be n’ibindi nk’ivyo. (Zab. 101:3) Wa mwansi wacu Shetani aguma arondera uturyo two kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. (1 Pet. 5:8) Tutabaye maso, Shetani arashobora guteragira mu bwenge bwacu no mu mitima yacu inzigo, ubugunge, umwina, urwanko, ubwibone be n’inzika. (Gal. 5:19-21) Mu ntango, ivyo bintu vyoshobora kuba bitarakomera muri twebwe. Ariko hamwe tutokwihutira kugira ico dukoze ngo tuvyikuremwo, vyoshobora kuguma bishinga imizi nk’icatsi kibi maze bikaduteza ingorane.—Yak. 1:14, 15.
11. Imwe mu ngeramizi zihishije dutegerezwa kwirinda ni iyihe, kandi kubera iki?
11 Imwe mu ngeramizi zihishije ni ukwifatanya n’abagenzi babi. Iyumvire iki kintu. Ku kazi, ukorana n’umuntu mudasangiye ukwemera. Kubera ko wipfuza ko abona neza Ivyabona vya Yehova, uramugaragariza umutima mwiza ukongera ukamufasha. Rimwe na rimwe woshobora mbere kuza uremera gusangira udufungurwa na we. Ariko bidatevye, woshobora kubigira akamenyero. Rimwe na rimwe, igihe muri kumwe aravuga ibintu bitabereye, ariko mu ntango ntibikugwe neza. Uko haca igihe, urabimenyera ku buryo bitaba bikikubabaza. Umusi umwe, aragutumira ngo muje gufata agacupa inyuma y’akazi maze ukavyemera. Amaherezo, uratangura kwiyumvira nka we. Bigeze aho, ntuzoteba gukora nk’ivyo na we akora. Ego ni ko, turagaragariza umutima mwiza abantu bose tukongera tukabubaha, ariko rero dutegerezwa kwibuka ko abo tumarana umwanya batugirako akosho gakomeye. (1 Kor. 15:33) Nitwiyubara ubwacu nk’uko Yezu yaduhanuye, tuzokwirinda kwifatanya bidakenewe n’abantu batisunga ingingo ngenderwako za Yehova. (2 Kor. 6:15) Tuzobona ingeramizi maze tuzirinde.
NUKORESHE NEZA UMWANYA WAWE
12. Abigishwa ba Yezu bari gukora igikorwa ikihe mu kurindira iherezo ry’ivy’iyi si?
12 Abigishwa ba Yezu ntibari kurindira iherezo ry’ivy’iyi si bareze amaboko. Yezu yarabashinze igikorwa. Yabategetse kwamamaza inkuru nziza “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:6-8) Ese ukuntu cari igikorwa amahero! Barakoresheje neza umwanya wabo mu kwitunira kuri ico gikorwa.
13. Kubera iki dukwiye gukoresha neza umwanya wacu? (Abakolosayi 4:5)
13 Soma Abakolosayi 4:5. Kugira ngo twiyubare ubwacu, turakwiye gusuzuma ingene dukoresha umwanya wacu. “Ibishika giturumbuka” birashobora gushikira uwo ari we wese muri twebwe. (Umus. 9:11) Urupfu rurashobora kudukubiranya.
Twokoresha neza gute umwanya wacu? (Raba ingingo ya 14-15)
14-15. Twokoresha neza umwanya wacu gute? (Abaheburayo 6:11, 12) (Raba n’ishusho.)
14 Turashobora gukoresha neza umwanya wacu mu gukora ivyo Yehova agomba no mu gukomeza ubucuti dufitaniye na we. (Yoh. 14:21) Turakwiye ‘gushikama, ntitunyiganyige, tukama dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama.’ (1 Kor. 15:58) Gutyo iherezo niryashika, ryaba iherezo ry’ubuzima bwacu canke iherezo ry’iyi si mbi, ntituzokwicuza.—Mat. 24:13; Rom. 14:8.
15 Muri iki gihe, Yezu arabandanya kuyobora abigishwa biwe mu gikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana kw’isi yose. Arashitsa ivyo yasezeranye. Yezu abicishije kw’ishirahamwe rya Yehova, aratumenyereza ingene twokwamamaza akongera akaturonsa ibikoresho dukeneye kugira ngo dukwiragize inkuru nziza. (Mat. 28:18-20) Natwe turangura uruhara rwacu mu kwamamaza no kwigisha tubigiranye umwete, no mu kuguma turi maso magingo turindiriye ko Yehova azana iherezo ry’iyi si mbi. Nitwashira mu ngiro impanuro dusanga mu Baheburayo 6:11, 12, tuzogumana icizigiro cacu “gushika kw’iherezo.”—Soma.
16. Twiyemeje gukora iki?
16 Yehova yarashinze umusi n’isaha azozanirako umuhero w’iyi si ya Shetani. Uwo musi niwaza, azoshitsa ubuhanuzi bwose yandikishije muri Bibiliya. Mu kurindira, rimwe na rimwe twoshobora kwiyumvira ko iherezo ry’iyi si ryatevye. Ariko rero umusi wa Yehova ‘ntuzocererwa.’ (Hab. 2:3) Nimuze rero twiyemeze ‘kuguma tureretse Yehova, turindire Imana y’ubukiriro bwacu.’—Mika 7:7.
URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha
a Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene twogira uburimbane igihe dukurikirana ibiriko biraba mw’isi. Vyongeye, turaza kubona ingene twokwiyubara ubwacu be n’ingene twokoresha neza umwanya wacu.
b INSOBANURO Y’ISHUSHO: (Hejuru) Umugabo n’umugore wiwe bariko bararaba amakuru. Mu nyuma, ikoraniro riheze barabwira abandi ico bobo biyumvira ko ivyo babonye mu makuru bisobanura. (Hepfo) Umugabo n’umugore wiwe bariko bararaba amakuru agezweho avuye ku Nama Nyobozi kugira bagume bafise insobanuro igezweho y’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Baraha abandi ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bisohorwa na wa mushumba w’umwizigirwa.