Dufashe abantu ‘bikangure bave mw’itiro’
“Mu[ra]zi iki kiringo, yuko isaha y’uko mwikangura mukava mw’itiro imaze kugera.”—ROM. 13:11.
WOSHOBORA KUBISIGURA?
Ni kubera iki bihambaye cane ko abakirisu baguma barikanuye mu buryo bw’impwemu?
Ni kubera iki abasuku bari maso bakwiye kuba abantu batega yompi kandi bazi kwihweza?
Ni uruhara uruhe umutima mwiza n’ukwengenga birangura mu busuku bwacu?
1, 2. Ni mu buryo ki abantu benshi bakeneye kwikangura?
BURI mwaka, abantu ibihumbi barapfa kubera ko bahunyije canke mbere basinziriye bariko baratwara umuduga. Abandi barakurwa mu kazi kubera ko batikangura ku gihe kugira ngo baje ku kazi canke kubera ko basinzirira ku kazi. Mugabo guhunyiza mu buryo bw’impwemu birashobora kuvamwo ingaruka zikomeye kuruta. Ico kintu gihambaye ni co Bibiliya iba iriko irerekezako mu kuvuga iti: “Hahiriwe uwuguma arikanuye.”—Ivyah. 16:14-16.
2 Uko wa musi uhambaye wa Yehova wegereza, ni ko abantu muri rusangi basinzira mu buryo bw’impwemu. Mbere na bamwebamwe mu ndongozi z’amadini y’abiyita abakirisu bavuze yuko imikuku yabo ari ‘ibigatanya bisinziriye.’ Gusinzira mu buryo bw’impwemu bisobanura iki? Ni kubera iki bihambaye cane ko abakirisu b’ukuri baguma barikanuye? Dushobora gute gufasha abandi kwikangura bakava muri iryo tiro?
GUSINZIRA MU BURYO BW’IMPWEMU BISOBANURA IKI?
3. Wodondora gute umuntu atarikanuye mu buryo bw’impwemu?
3 Mu bisanzwe abantu basinziriye nta co bakora. Igihushanye n’ivyo, abasinziriye mu buryo bw’impwemu boshobora kuba bafise vyinshi bariko barakora, mugabo bikaba atari ibintu vy’impwemu. Boshobora gutwarwa cane n’imyitwarariko y’ubuzima bwa misi yose canke kwironderera ibibahimbara, icubahiro kibure ubutunzi. Kubera ko baba batwawe n’ivyo bintu vyose, ntibitwararika na gato ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Abantu barikanuye mu buryo bw’impwemu bobo baratahura yuko turi “mu misi ya nyuma,” bakaba rero bihatira kugira umwete mu gukora ivyo Imana igomba.—2 Pet. 3:3, 4; Luka 21:34-36.
4. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Ntidusinzire nk’uko abandi bagira”?
4 Soma 1 Abatesalonika 5:4-8. Ng’aho intumwa Paulo arahimiriza abo basangiye ukwemera “[kudasinzira] nk’uko abandi bagira.” None yashaka kuvuga iki? Uburyo bumwe dushobora ‘gusinzira’ ni mu kwirengagiza ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye. Ubundi buryo dushobora ‘gusinzira’ ni mu kwiyobagiza ko igihe Yehova yashinze co gutikiza abatibanga Imana cegereje. Dutegerezwa kuraba neza ko mwene abo bantu batibanga Imana batatwosha ngo twisunge inzira zabo n’inyifato zabo.
5. Ni inyifato zitandukanye izihe ziranga abantu basinziriye mu buryo bw’impwemu?
5 Abantu bamwebamwe biyumvira yuko ata Mana iriho izogira ico ibabaza. (Zab. 53:1) Abandi biyumvira yuko Imana ititaho ibitwerekeye, ko rero bidakenewe yuko natwe twitaho ibiyerekeye. Abandi na bo bibaza yuko kuba bari mw’idini rinaka bizotuma baba abagenzi b’Imana. Abo bantu bose barasinziriye mu buryo bw’impwemu. Barakeneye kwikangura. Twobafasha gute none?
TWEBWE UBWACU DUTEGEREZWA KUGUMA TURI MASO
6. Ni kubera iki abakirisu bategerezwa kwihatira kuguma barikanuye mu buryo bw’impwemu?
6 Kugira ngo dushobore gukangura abandi, twebwe ubwacu dutegerezwa kuba turi maso. None ivyo bisaba iki? Ijambo ry’Imana risanisha itiro ry’ikigereranyo n’“ibikorwa vy’umwiza,” ivyo na vyo bikaba ari ukwidagadura, ukunywera akaborerwe, uguhuza ibitsina kutemewe, ubushirasoni, ugushihana n’ukugira ishari. (Soma Abaroma 13:11-14.) Kwirinda mwene iyo nyifato birashobora kuba urugamba. Kuba maso birahambaye cane. Umushoferi w’umuduga yirengagiza akaga kari mu gusinzira atwaye umuduga yoshobora kuhasiga ubuzima. Ese ukuntu bihambaye ko umukirisu atahura yuko gusinzira mu buryo bw’impwemu bishobora kumutwara agatwe!
7. Kubona abantu mu buryo butari bwo vyoshobora kugira ico bidukozeko gute?
7 Nk’akarorero, umukirisu yoshobora kwiyumvira yuko abo mu cibare ciwe bose biyamirije buhere inkuru nziza. (Imig. 6:10, 11) Yoshobora kwiyumvira ati: ‘Nimba ata n’umwe azovyakira neza, kubera iki nokwirirwa ndagira umwete ngerageza gushikira canke gufasha abantu?’ Ego ni ko, benshi boshobora kuba ubu basinziriye mu buryo bw’impwemu, mugabo ukuntu ivyabo vyifashe be n’ukuntu bameze vyoshobora guhinduka. Hari abikangura maze bakavyakira neza. Kandi dushobora kubafasha mu gihe twebwe ubwacu tugumye turi maso, nk’akarorero tukagerageza gukoresha uburyo bushasha bwo gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bukwegera. Kimwe mu bintu bituma tuguma turi maso ni ukwibuka igituma ubusuku bwacu buhambaye cane.
NI IGIKI GITUMA UBUSUKU BWACU BUBA UBUHAMBAYE CANE?
8. Ni kubera iki ubusuku twebwe abakirisu turangura buhambaye cane?
8 Uribuka yuko uko abantu bavyakira kwose ubu, igikorwa cacu co kwamamaza gitera iteka Yehova kikongera kikarangura uruhara mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wiwe. Vuba, abatagamburukira inkuru nziza bazoshikirwa n’igihano c’urubanza. Ukuntu abantu bakira inkuru nziza tubabwira ni vyo Imana izokwisunga mu kubacira urubanza. (2 Tes. 1:8, 9) Vyongeye, umukirisu yoba yihenze yiyumviriye yuko bidakenewe ko yamamaza yivuye inyuma kubera ko “hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Turatahura biciye kw’Ijambo ry’Imana yuko abazocirwa urubanza rw’uko ari “impene” bazoja “mu kurandurwa kw’ibihe bidahera.” Igikorwa cacu co kwamamaza kiragaragaza imbabazi z’Imana, kigaha abantu akaryo ko guhinduka no kuronka “ubuzima budahera.” (Mat. 25:32, 41, 46; Rom. 10:13-15) None tutamamaje, abantu boronka gute akaryo ko kwumva ubutumwa bushobora gutuma barokoka?
9. Wewe hamwe n’abandi mwungukiye gute ku kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?
9 Vyongeye, kwamamaza inkuru nziza biratugirira akamaro. (Soma 1 Timoteyo 4:16.) Ntiwabonye none yuko kuvuga ivyerekeye Yehova n’icizigiro c’Ubwami bikomeza ukwizera kwawe be n’urukundo ukunda Imana? Ntivyagufashije none gutsimbataza kamere za gikirisu? Kugaragaza ko wiyeguriye Imana mu kugira uruhara mu busuku ntibituma none urushiriza kugira agahimbare? Abantu benshi batewe agateka ko kubwira abandi ukuri baragize umunezero wo kwibonera ukuntu impwemu y’Imana ifasha abo bantu kuryohora ubuzima bwabo.
NUBE UMUNTU AZI KWIHWEZA
10, 11. (a) Yezu na Paulo berekanye gute ko ari abantu baguma bari maso kandi bazi kwihweza? (b) Erekana ukuntu kuba maso no kuba abantu bazi kwihweza bishobora kuryohora ubusuku turangura.
10 Abantu boshobora kuvyurirwa ugushimishwa n’inkuru nziza mu buryo butandukanye. Ni co gituma abasuku bakirisu bategerezwa kuba abantu bazi kwihweza. Yezu yaraduhaye akarorero muri ivyo. Kubera atagira agasembwa, yaramenye ko Umufarizayo umwe yari ashavuye naho ata co uno yari yavuze, aramenya ko umugore umwe w’umucumuzi yagaragaje ukwigaya kuvuye ku mutima be n’uko umupfakazi umwe yagaragaje agatima ko kwitanga. (Luka 7:37-50; 21:1-4) Yezu yarafashije umwumwe wese mu vy’impwemu. Ariko rero, kugira ngo umusavyi w’Imana abe umuntu azi kwihweza, si ngombwa ngo abe atagira agasembwa. Intumwa Paulo ni akarorero k’ivyo. Yashikiriza inkuru nziza yisunze ukuntu ibintu vyifashe kugira ngo akwegere imigwi y’abantu itandukanye be n’abantu bafise inyifato zitandukanye.—Ivyak. 17:22, 23, 34; 1 Kor. 9:19-23.
11 Twihatiye kuba maso no kuba abantu bazi kwihweza nka Yezu na Paulo, turashobora kubona uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kuvyurira ugushimishwa abo duhura. Nk’akarorero, igihe ugira uyage n’abantu, nurondere ibintu vyogufasha kumenya imico kama yabo, ibibashimisha canke ukuntu ivyo mu muryango vyifashe. Kumbure urashobora kubona ivyo bariko barakora maze ukagira ico ubivuzeko mu rupfasoni igihe utanguza ikiyago.
12. Ni kubera iki dukwiye kuba maso ku bijanye n’ikiyago tugiranira n’uwo turi kumwe mu busuku?
12 Umuntu azi kwihweza aragerageza kwirinda ivyomusamaza. Kuyaga n’uwo turi kumwe igihe turi mu busuku birashobora kuba ivyubaka. Naho ari ukwo, turakeneye kwibuka yuko intumbero tuba dufise igihe turi mu busuku ari iyo kubwira abandi inkuru nziza. (Umus. 3:1, 7) Turakwiye rero kuba maso kugira ngo ikiyago tugiranira igihe tuva ku nzu tuja ku yindi ntigihungabanye ubusuku bwacu. Kuyaga ivyiyumviro twoshima kubwira abashimishijwe ni uburyo bwiza bwo kugumiza ubwenge bwacu ku ntumbero yacu. Vyongeye, naho telefone ngendanwa yoshobora rimwe na rimwe kudufasha kuba kirumara mu busuku turangura, turakwiye kugira ico dukoze kugira ngo twiyemeze neza ko telefone itaduciramwo igihe turiko turayaga n’uwo twasanze ku muhana.
NIWITWARARIKE ABANDI
13, 14. (a) Twoshobora gute kumenya ibishimisha umuntu? (b) Ni ibiki vyoshobora gutuma abantu bashimishwa n’ibintu vy’impwemu?
13 Abasuku bari maso barumviriza bitonze abo bahura. Ni ibibazo ibihe wobaza kugira ngo utume umuntu wo mu cibare cawe aserura iryo agona? Yoba arajwe ishinga n’ubwinshi bw’amadini, ubukazi bubera muri ako karere, canke ukuba intwaro vyarazitaye ku w’amazi? Woba ushobora gutuma ashimishwa n’ivy’impwemu mu kugira ico uvuze ku kuntu ibinyabuzima vyaremwe mu buryo butangaje canke mu kwerekana ingene impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro? Isengesho ni ikintu gishimisha abantu bo mu mico kama nka yose, mbere n’abahakanamana bamwebamwe. Benshi baribaza nimba hariho uwumva amasengesho. Abandi boshobora kuba bashaka kumenya inyishu z’ibi bibazo: Imana yoba yumviriza amasengesho yose? Nimba atari ukwo biri, dukwiye gukora iki kugira ngo itwumvirize?
14 Turashobora kwiga vyinshi ku vyerekeye ubuhanga bwo gutanguza ibiyago mu kwihweza ingene abamamaji babimenyereye babigira. Nurabe ukuntu birinda gusa n’ababazagiza canke n’abisuka mu bitabaraba. Ijwi bakoresha be n’ukuntu bameze mu maso vyerekana gute yuko bitwararika gutahura ukuntu uwo basanze ku muhana abona ibintu?—Imig. 15:13.
UMUTIMA MWIZA BE N’UBUHANGA
15. Ni kubera iki dukwiye kugaragaza umutima mwiza igihe turiko turamamaza?
15 Woba ushima ko umuntu agukangura igihe uri mw’itiro ryinshi? Benshi ntibavyakira neza igihe umuntu abakanguye bukwi na bukwi. Akenshi abantu bakunda ko umuntu abengenga. Ivyo ni na ko bimeze ku bijanye n’utwigoro tugira two gukangura abantu mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, igihe ugendeye umuntu maze agaca ashavura, ni ikintu ciza kuruta ibindi ikihe wokora? Ubigiranye umutima mwiza, nutahure inyiyumvo ziwe, umukengurukire kuba ataguhishije ukuntu yiyumva maze wigire utekanye. (Imig. 15:1; 17:14; 2 Tim. 2:24) Uwo mutima mwiza uba umugaragarije woshobora kuzotuma avyakira neza niyasubira kugenderwa n’Icabona.
16, 17. Dushobora gute gukoresha ugutahura kugera kure mu busuku turangura?
16 Mu bindi bihe, woshobora kubandanya ikiyago igihe umuntu avyakiriye nabi. Umuntu yoshobora kuvuga ati: “Oya. Ndifitiye idini ryanje,” canke ati: “Nta vyo nshaka” kubera gusa abona ko ari bwo buryo bworoshe kuruta ubundi bwo guhagarika ico kiyago. Ariko rero, wumiyeko ubigiranye ubuhanga n’umutima mwiza, woshobora kuvyura ikibazo gishimishije gituma uwo wasanze ku muhana ashimishwa n’ibintu vy’impwemu.—Soma Abakolosayi 4:6.
17 Rimwe na rimwe igihe duhuye n’abantu babona ko bafatiriwe cane ku buryo batotwumviriza, biraba vyiza kuruta dutahuye ukuntu ibintu vyifashe maze tukigira. Ariko rero, vyoshika ukabona yuko ushobora kuvuga amajambo make kandi ari n’ico avuze. Abavukanyi bamwebamwe barazingurura Bibiliya, bagasoma icanditswe gituma uwo basanze ku muhana azirikana hanyuma bakamusigira ikibazo, ivyo vyose bakabigira mu mwanya udashika umunuta. Ukwo guca baduga kw’ijambo rimwe na rimwe kuratuma uwo basanze ku muhana ashimishwa cane bigatuma abona ko adafatiriwe cane ku buryo atokwemera ikiyago kigufi. Ubona gute ugerageje kubigenza gutyo igihe ubona ko bishoboka?
18. Twokora iki kugira turushirize kuba kirumara igihe dushinga intahe akaryo kizanye?
18 Igihe duhuye n’abantu turi mu bikorwa vyacu vya misi yose, akenshi turashobora gutuma bashimishwa n’inkuru nziza mu gihe tuba twiteguriye gushinga intahe akaryo kizanye. Bene wacu na bashiki bacu benshi baritwaza ibisohokayandikiro mu mupfuko w’impuzu canke mw’isakoshi. Boshobora kandi kuba bafise mu bwenge icanditswe kinaka baza gusomera abandi akaryo kabonetse. Woshobora kuyaga n’umucungezi w’umurimo canke abatsimvyi bo mw’ishengero urimwo ku bijanye n’ukuntu wokwitegurira kubigira.
DUKANGURE INCUTI ZACU TWENGENGA
19. Ni kubera iki tudakwiye kureka kugerageza gufasha incuti zacu?
19 Mu bisanzwe, twipfuza gufasha incuti zacu ngo zakire inkuru nziza. (Yos. 2:13; Ivyak. 10:24, 48; 16:31, 32) Igihe biyamirije ubutumwa tubabwiye ari ryo rya mbere, vyoshobora gutuma ducika intege ku buryo tudasubira kugerageza. Twoshobora kwiyumvira yuko ata na kimwe twokora canke twovuga kizohindura inyifato yabo. Ariko rero, ibintu bishika vyoshobora kugira ico bihinduye ku kuntu incuti zawe zibayeho kibure ku kuntu zibona ibintu. Canke woshobora kuba wararyohoye ubuhanga bwawe bwo gusigura ukuri ku buryo ubu hoshobora kuvamwo ivyiza.
20. Ni kubera iki bihambaye ko dukoresha ubugenge igihe tuvugisha incuti?
20 Turakwiye kutirengagiza ukuntu incuti zacu ziyumva. (Rom. 2:4) Ntidukwiye none kubavugisha n’umutima mwiza nk’uko tubigira ku bo duhura igihe turi mu gikorwa co kwamamaza? Nubavugishe n’ubwitonzi be n’icubahiro. Utiriwe urabacucagira amajambo, nubereke ukuntu ukuri kwakugiriye akamaro. (Ef 4:23, 24) Niwerekane ukuntu Yehova yatumye ubuzima bwawe burushiriza kumera neza, mu “[ku]kwigisha ibikwungura.” (Yes. 48:17) Nureke incuti zawe zibonere yuko ubaho rukirisu.
21, 22. Niwigane ikintu cabaye cerekana akamaro ko kwumira kw’ibanga igihe umuntu ariko aragerageza gufasha incuti mu vy’impwemu.
21 Hari mushiki wacu aheruka kwandika ati: “Namye ngerageza kubwira inkuru nziza basazanje na bene wacu 13 biciye ku vyo mvuga no ku nyifato yanje. Umwaka ntiwigera wijana ntandikiye umwumwe wese muri bo. Yamara, naramaze imyaka 30 ari jewe jenyene ndi Icabona mu muryango wacu.”
22 Uwo mushiki wacu yabandanije ati: “Umusi umwe, naraterefonye umwe muri bene wacu aba ku bilometero amajana. Yambwiye yuko yasavye indongozi y’idini arimwo ngo amwigishe Bibiliya, mugabo akaba atavyo yigeze agira. Igihe namubwira ko nohimbarwa no kumufasha, yavuze ati: ‘Nta ngorane, mugabo umenye yuko ntazokwigera mba Icabona ca Yehova.’ Maze kumurungikira biciye kuri posita igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, naramuterefona uko haciye imisi mikeyi. Ariko ntiyaribwazingurure ico gitabu. Amaherezo naramusavye ngo atore igitabu ciwe, maze tumara iminuta nka 15 kuri telefone turiko turasoma twongera tuyaga ku vyanditswe bimwebimwe vyasubiwemwo muri ico gitabu. Maze kumuterefona izindi ncuro nkeyi, yari asigaye yipfuza kwiga iminuta irenga 15. Mu nyuma yaratanguye kuza aranterefona kugira ngo twige, rimwe na rimwe akanterefona ntaravyuka mu gitondo, bikaba vyaranashika akabigira kabiri ku musi. Umwaka wakurikiye yarabatijwe maze haciye umwaka aratangura gukora ubutsimvyi.”
23. Ni kubera iki tudakwiye kudebukirwa igihe tugerageza gukangura abantu ngo bave mw’itiro ryo mu buryo bw’impwemu?
23 Gufasha abantu kwikangura bakava mw’itiro ryo mu buryo bw’impwemu ni ubuhinga kandi bisaba ko tubandanya kugira akigoro. Naho ari ukwo, abantu batekereza n’ubu barakira neza utwigoro tugira two kubakangura. Tugereranije, abantu barenga 20.000 barabatizwa buri kwezi bakaba Ivyabona vya Yehova. Nimuze rero dufate nkama impanuro Paulo yahaye umuvukanyi wacu wo mu kinjana ca mbere Arikipo, iyigira iti: “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama, ubushitse.” (Kol. 4:17) Ikiganiro gikurikira kizodufasha twese gutahura ico bisobanura kwamamaza tubona ko ibintu vyihutirwa.
[Uruzitiro ku rup. 13]
ICO WOKORA KUGIRA UGUME URIKANUYE
▪ Nugume ufise vyinshi urangura mu gukora ivyo Imana igomba
▪ Niwirinde ibikorwa vy’umwiza
▪ Numenye akaga kari mu gusinzira mu buryo bw’impwemu
▪ Nugume ubona mu buryo bwiza abantu bo mu cibare cawe
▪ Nugerageze uburyo bushasha bwo kubwira abandi inkuru nziza
▪ Niwibuke yuko ubusuku urangura buhambaye