ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/04 rup. 8
  • Ni gute twoshinga intahe ku ncuti?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni gute twoshinga intahe ku ncuti?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • “Abakwumviriza” bazokizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Dufashe abantu ‘bikangure bave mw’itiro’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 12/04 rup. 8

Ni gute twoshinga intahe ku ncuti?

1. Ni kubera iki kuraba neza bikenewe igihe dushinga intahe ku ncuti?

1 Hari uwundi munezero woza uruta kwinjira mw’isi nshasha turi kumwe n’abacu, duhurikiye hamwe mu gusenga Yehova! Dushinze intahe ku ncuti, ico kintu giteye umunezero coshobora gushika. Ariko rero, gushinga iyo ntahe mu buryo bumara akanyota bisaba kuraba neza. Umucungezi w’umuzunguruko umwe ni we yavuze ati: “Abo birushiriza kugendera neza ni barya bavyurira incuti zabo umutima wo gushaka kumenya ibintu mu kuza baracishamwo bagashinga intahe ku rugero”. Ivyo twobigira gute?

2. Kwitwararika incuti zacu bimwe bivuye ku mutima bishobora gute kudufasha kuzivyurira umutima wo gushaka kumenya ibintu?

2 Bavyurire umutima wo gushaka kumenya ibintu: Nubanze wiyumvire witonze ingene woshobora kuvyurira incuti zawe umutima wo gushaka kumenya ibintu (Imig. 15:28). Ni ibiki bibaraje ishinga? Ni ingorane izihe bafise? Kumbure woshobora kubereka ikiganiro kanaka canke ukababwira icanditswe gikwegera, kijanye n’ikibazo kibashimisha bidasanzwe. Nimba incuti zawe zitaba hafi yawe, kumbure ivyo woshobora kubigira mu kubandikira canke kubaterefona. Utiriwe urabaremereza, nubibe imbuto z’ukuri, ahasigaye urindire ko Yehova azikuza.—1 Kor. 3:6.

3. Ukuntu incuti zacu zitwitwararika bishobora gute kuducira inzira yo gushinga intahe?

3 Yezu amaze gukuramwo umuntu umwe amadayimoni menshi, yaciye amutegeka ati: “Ja i muhira i wawe mu b’i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kand’ingen’ikugiriye ikigongwe” (Mrk. 5:19). Iyumvire nawe ico ivyo bitegerezwa kuba vyarakoze ku ncuti ziwe! Naho utoshikirwa n’ikintu nkoramutima nk’ico, hari aho kumbure incuti zawe zoshimishwa no kumenya ivyo wewe canke abana bawe mukora. Ucishijemwo ivyerekeye ikigabu watanze mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, ihwaniro wagiyemwo, ivy’igihe wagendeye Beteli, canke ikintu gihambaye cabaye mu buzima bwawe, vyoshobora kugucira inzira yo kubabwira n’ibindi ku vyerekeye Yehova n’ishirahamwe ryiwe.

4. Ni imitego iyihe dukwiye kwirinda kugwamwo igihe dushinga intahe ku ncuti?

4 Numenye kuraba neza: Igihe ushinga intahe ku ncuti, niwirinde kuzibwira ibintu vyinshi icarimwe. Umuvukanyi umwe, yibutse igihe yatangura kwiga Bibiliya, yiyemereye ati: “Naciye mara amasaha n’amasaha ncucagira mawe insobanuro ku bijanye n’ibintu hafi nka vyose nari narize muri Bibiliya, kandi ivyo bikaba kenshi na kenshi vyadushikana ku bihari, canecane ku guharira na dawe.” No mu gihe nyene incuti yoba yerekanye ko ishimishwa n’ubutumwa bwa Bibiliya, niwishure mu buryo butuma igumana umutima wo gushaka kumenya n’ibindi (Imig. 25:7). Niwame ugaragaza ukwubaha abandi, ubuntu be n’ukwihangana, nka kurya nyene wobigenza uriko uganiriza abantu utazi igihe uri mu busuku.—Kol. 4:6.

5. Ni igiki dukwiye gukora mu gihe dushinze intahe ku ncuti ntizivyakire neza?

5 Vyarashitse igihe kimwe incuti za Yezu ziriyumvira ko yasaze (Mrk. 3:21). Mugabo, bamwe muri bo bahavuye bacika abizera (Ivyak. 1:14). Nimba mu ntango incuti zawe zitakiriye neza utwigoro ugira two gusangira na zo ukuri, ntuce uheba. Uko ibintu biba vyifashe be n’agatima abantu bagaragaza birashobora guhinduka. Nubandanye kurondera akandi karyo ko kubabwira iciyumviro kanaka coshobora kubavyurira umutima wo gushaka kumenya ibintu. Woshobora kwironkera umumezero uva ku kubafasha gutangura kugendera mu nzira ijana mu buzima budahera.—Mat. 7:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika