Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Mahalati*. Ni indirimbo* ya Dawidi.
53 Abantu b’imburabwenge bibwira mu mutima ngo:
«Yehova nta wuriho+.»
Ibikorwa vyabo ni bibi cane kandi birasesemye.
Nta n’umwe akora ivyiza+.
2 Ariko Imana iguma yitegereza abantu yibereye mw’ijuru+,
kugira irabe ko hari n’umwe afise ugutahura*, ko hari n’umwe arondera Yehova+.
3 Bose barataye inzira igororotse.
Bose barononekaye.
Nta n’umwe akora iciza,
eka nta n’umwe+.
4 Mbega mu banyakibi nta n’umwe afise ugutahura?
Barya abantu banje nka kurya barya umukate.
Ntibigera batabaza Yehova+.
5 Ariko bazotekerwa n’ubwoba bwinshi,
ubwoba batari bwigere bagira*,
kuko Imana izosanzaza amagufa y’abaje kugutera*.
Uzobamaramaza, kuko Yehova yabataye nk’akanuka.
6 Icompa ubukiriro bwa Isirayeli bukaza buvuye i Siyoni+!
Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe,
Yakobo azonezerwa, Isirayeli ahimbarwe.