Yoba ari igitabu nk’ibindi?
“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro . . . , ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”—2 TIMOTEYO 3:16, 17.
ABANTU bamwebamwe baragonanwa kuvuga amajambo nk’ayo yo muri ico canditswe ku bijanye na Bibiliya. Weho? Muri ibi vyiyumviro bikurikira, ni ikihe kidondora neza ukuntu ubona Bibiliya?
• Ni igitabu canditswe neza
• Ni kimwe mu bitabu vyinshi bibonwa ko ari vyeranda
• Ni igitabu c’imigani itwigisha ikibereye n’ikitabereye
• Ni Ijambo ry’Imana
Ng’iki ikibazo gifitaniye isano n’ico: Ukuntu uyibona hoba hari ico bitwaye? Raba ivyo Bibiliya yivugako: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Abaroma 15:4) Urabona ko Bibiliya ivuga ko igenewe kutwigisha, kuduhoza no kuduha icizigiro.
Ariko none, iyo Bibiliya iba ari igitabu canditswe neza gusa canke kimwe mu bitabu vyinshi vyeranda, ubwo wokwizigira ko ikwigisha ikongera ikayobora umuryango wawe, na canecane mu gihe ubutumwa buri muri yo bwoba butandukanye n’ivyo wabona ko bibereye? Nimba Bibiliya ari icegeranyo c’imigani, woba wokura uruhoza n’icizigiro mu vyo isezerana?
Ku rundi ruhande, abantu amamiliyoni bize Bibiliya barajijutse ko ari Ijambo ry’Imana ata ho rihuriye n’ibindi bitabu. Kubera iki? Bibiliya itandukaniye he n’ibindi bitabu? Tukuremesheje gusuzuma ibintu bitanu Bibiliya yisangije bivugwa mu biganiro bikurikira.