“Ni nde nzogirira ubwoba?”
“Naho hovyuka intambara yo kuntera, n’ico gihe nyene nzoguma nizigiye.”—ZAB. 27:3.
WISUNZE IVYANDITSWE BIKURIKIRA, NI IBIKI VYOGUFASHA GUTSIMBATAZA UMUTIMA RUGABO?
1. Zaburi ya 27 iza kudufasha gutahura iki?
KUBERA iki igikorwa cacu co kwamamaza kiguma gitera imbere naho ivyo kw’isi bitera vyunyuka? Kubera iki dutanga tubikunze umwanya wacu n’inguvu zacu magingo abantu benshi bariko barashikirwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi? Dushobora gute kuguma dufise umutima rugabo mu gihe abandi bantu benshi batinya kazoza? Ururirimbo rwahumetswe rw’Umwami Dawidi, urwanditswe mw’Izaburi ya 27, ruratwishura ivyo bibazo.
2. Ubwoba bugira ico bukoze gute ku muntu, mugabo ni igiki twizigiye?
2 Dawidi atangura iyo Zaburi n’aya majambo agira ati: “Yehova ni umuco wanje n’ubukiriro bwanje. Ni nde nzotinya? Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje. Ni nde nzogirira ubwoba?” (Zab. 27:1) Mu gihe gutinya bishobora gutuma inguvu zacu zigabanuka, ubwoba bwobwo buratudendebura rwose. Mugabo nta kintu na kimwe giteye ubwoba gikwiye guhagarika umutima umuntu atinya Yehova. (1 Pet. 3:14) Nitwagira Yehova igihome cacu gikomeye, “[tu]zokwibera mu mutekano kandi nt[idu]hagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.” (Imig. 1:33; 3:25) Uti kubera iki?
“YEHOVA NI UMUCO WANJE N’UBUKIRIRO BWANJE”
3. Ni mu buryo ubuhe Yehova ari umuco wacu, mugabo dutegerezwa gukora iki?
3 Iyo mvugo y’ikigereranyo ngo “Yehova ni umuco wanje” yerekana yuko Yehova adukura mu kutamenya no mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. (Zab. 27:1) Umuco nya muco woshobora guhishura ingeramizi canke intambamyi iri mu nzira yacu, mugabo ntuyikuraho. Dutegerezwa gukorana ubukerebutsi ku bijanye n’ivyo tuba tubonye. Muri ubwo buryo nyene, Yehova araduhishurira ico ibintu biba mw’isi bisobanura. Aratugabisha ku bijanye n’ingeramizi zo muri iyi si. Araturonsa ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zama ari ngirakamaro, mugabo dutegerezwa gushira mu ngiro ivyo twiga. Tubigize, turakorana ubukerebutsi kuruta abansi bacu canke abigisha bacu.—Zab. 119:98, 99, 130.
4. (a) Ni kubera iki Dawidi yavuze ajijutse ati: “Yehova ni . . . ubukiriro bwanje”? (b) Ni ryari canecane Yehova azotubera ubukiriro?
4 Amajambo ya Dawidi ari muri Zaburi 27:1 arerekana yuko ategerezwa kuba yaribuka ukuntu Yehova yari yagiye aramurokora. Nk’akarorero, Yehova yari yaramurokoye “mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu.” Yehova yaramufashije kandi gutsinda ca kigatanya Goliyati. Mu nyuma, Umwami Sauli yaragerageje akatari gake gutobekeranya Dawidi akoresheje icumu, mugabo ivyo bihe vyose Yehova yaramurokoye. (1 Sam. 17:37, 49, 50; 18:11, 12; 19:10) Ntibitangaje kuba Dawidi yaravuze ajijutse ati: “Yehova ni . . . ubukiriro bwanje”! Yehova azokwongera kubera abasavyi biwe ubukiriro nk’uko vyagenze kuri Dawidi. Uti gute? Mu kubarokora muri ya “makuba akomeye” yimirije.—Ivyah. 7:14; 2 Pet. 2:9.
NIWIBUKE IGIHE COSE WARORANIWE
5, 6. (a) Ivyo twibuka bidufasha gute gutsimbataza umutima rugabo? (b) Kwibuka ukuntu Yehova yafashije abasavyi biwe ba kera bidufasha gute kurushiriza kugira umutima rugabo?
5 Ikintu gihambaye kidufasha kugira umutima rugabo tugisanga muri Zaburi 27:2, 3. (Soma.) Dawidi yaributse ibihe aho yarokotse abifashijwemwo na Yehova. (1 Sam. 17:34-37) Ivyo bintu yibuka vyatuma arushiriza kwizigira yuko azokwihanganira mbere ingorane zikomeye kuruta. Woba na wewe ubigira gutyo ufatiye ku vyagushikiye? Nk’akarorero, woba warigeze gusenga n’ubwira ku bijanye n’ingorane itesha umutwe maze mu nyuma ukibonera ukuntu Yehova yaguhaye ubukerebutsi canke inkomezi zo kwihanganira ico kigeragezo? Canke woba ushobora kwibuka ukuntu ibintu vyakubuza kugira umunezero mu murimo wawe vyaheze canke ukuntu wugururiwe umuryango munini ushikana ku gikorwa? (1 Kor. 16:9) Kwibuka ibintu nk’ivyo bigira ico bikoze gute kuri wewe ubu? Ivyo bintu wibuka ntibibandanya none kukujijura yuko Yehova ashobora kugufasha gutsinda canke kwihanganira intambamyi kibure ingorane zikomeye kuruta?—Rom. 5:3-5.
6 Bite ho hamwe intwaro ikomeye yogira umugambi wo guherengeteza Ivyabona vya Yehova uko bagize ishirahamwe? Abantu benshi bo mu bihe vya none baragerageje kubigira mugabo birabata ku w’amazi. Kwibuka ukuntu Yehova yafashije abasavyi biwe muri kahise bizotuma twizigira ko tuzokwihanganira ikintu ico ari co cose kizodushikira muri kazoza.—Dan. 3:28.
DUKENGURUKE UGUSENGA GUTYOROYE
7, 8. (a) Nk’uko bivugwa muri Zaburi 27:4, ni igiki Dawidi yasavye Yehova? (b) Urusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu ni iki, kandi turusengeramwo gute?
7 Ikindi kintu gihambaye cane kidufasha gukora ibintu n’umutima rugabo, ni urukundo dukunda ugusenga kw’ukuri. (Soma Zaburi 27:4.) Mu gihe ca Dawidi, “inzu ya Yehova” yari rya taberenakulo. Dawidi ubwiwe ni we yatunganije ibintu vyose bijanye n’inyubakwa y’urusengero rw’akaroruhore yari kwubakwa n’umuhungu wiwe Salomo. Haciye imyaka amajana, Yezu yarahishuye yuko gusenga Yehova mu buryo yemera bitobaye bigishingiye ku kugira inyubakwa imwe ihambaye yahezagiwe n’Imana. (Yoh. 4:21-23) Intumwa Paulo yarerekanye mu Baheburayo ikigabane ca 8 gushika ku ca 10 yuko urusengero rwo mu buryo bw’impwemu ruhambaye rwabayeho igihe Yezu yabatizwa mu 29 G.C., aho yishikana kugira ngo akore ivyo Yehova agomba. (Heb. 10:10) Urwo rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu ni intunganyo Yehova yashizeho kugira ngo dushobore kumwegera mu buryo yemera, biciye ku kwizera inkuka y’incungu ya Yezu. None turusengeramwo gute? Mu gusenga “dufise imitima nyakuri, dufise ugushira amazinda gukwiye kuvuye ku kwizera”; mu gushingira intahe icese icizigiro cacu tudahungabana; no mu kwiyumvira, kuvyurira ingiro be no kuremesha abasavyi b’Imana bagenzi bacu igihe dukoraniye hamwe ku makoraniro y’ishengero tugira no mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango. (Heb. 10:22-25) Gukenguruka intunganyo ijanye n’ugusenga kw’ukuri biradukomeza muri iyi misi ya nyuma igoye.
8 Hirya no hino kw’isi, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bariko bararushiriza kugira uruhara mu busuku, mu kwiga izindi ndimi no mu kwimukira mu turere aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Ivyo bakora birahishura yuko, cokimwe na wa mwanditsi wa Zaburi, bafise ikintu kimwe gusa basaba Yehova. Bipfuza kwibonera ubwiza bwa Yehova no kugira uruhara mu murimo mweranda naho hoshika iki.—Soma Zaburi 27:6.
NIWIZIGIRE GUFASHWA N’IMANA
9, 10. Amajambo akura amazinda dusanga muri Zaburi 27:10 asobanura iki?
9 Dawidi araserura ashimitse yuko yizigira gufashwa na Yehova mu kuvuga ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.” (Zab. 27:10) Dufatiye ku bivugwa muri 1 Samweli ikigabane ca 22 twoshobora gushika ku ciyumviro c’uko abavyeyi ba Dawidi batamutaye. Ariko rero muri iki gihe, abantu benshi barahebwe n’imiryango yabo maze biba ngombwa yuko bavyihanganira. Yamara, abantu benshi bahebwe gutyo bararonse imfashanyo mw’ishengero rya gikirisu rirangwa igishika bongera barakingirwa na ryo.
10 Kubera ko Yehova yiteguriye gushigikira abasavyi biwe igihe abandi babahevye, wumva none atazonabashigikira mu yandi makuba ayo ari yo yose? Nk’akarorero, nimba turajwe ishinga no kuronsa umuryango wacu ivyo ukeneye mu vy’umubiri, ntitwohera amazinda none ko Yehova azodufasha? (Heb. 13:5, 6) Aratahura ukuntu ivy’abasavyi biwe bose b’intahemuka vyifashe be n’ivyo bakeneye.
11. Kuba twizigira Yehova bishobora kugira ico bikoze gute ku bandi? Tanga akarorero.
11 Rimbura ivyerekeye Victoria, akaba ari umutohoji wa Bibiliya wo muri Liberiya. Kubera ko yariko aratera imbere agana ku kubatizwa, umugabo babana yamutanye abana batatu. Naho atagira aho aba ntagire n’akazi, yarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu. Victoria amaze kubatizwa, umukobwa wiwe w’imyaka 13 yaratoye ikotomoni yuzuye amahera. Kugira birinde inyosha mbi, bafashe ingingo yo kutanaharura ayo mahera. Ahubwo baciye barondera umusoda nyeneyo. Yababwiye yuko iyaba abantu bose bari inzirabugunge nk’Ivyabona vya Yehova, isi yose yorushirije kuba nziza no kugira amahoro. Victoria yareretse uwo musoda muri Bibiliya umuhango Yehova yatanze werekeye isi nshasha. Uwo musoda yarakozwe ku mutima n’ugutungana kwa Victoria ku buryo amuha agashimwe kanini kuri ayo mahera yasubijwe. Nkako, kuba Ivyabona vya Yehova bizera baherejeko ubushobozi Yehova afise bwo kubaronsa ivyo bakeneye, vyatumye bamenyekana ko ari inzirabugunge.
12. Igihe tubandanije gukorera Yehova naho twotakaza ivy’umubiri, tuba twerekanye iki? Bitangire akarorero.
12 Canke iyumvire ukuntu umwamamaji umwe atari bwabatizwe wo muri Sierra Leone yitwa Thomas ategerezwa kuba yarumvise amerewe. Yaratanguye kwigisha mw’ishure rimwe ryisumbuye, mugabo amara hafi umwaka umwe adahembwa kubera ko impapuro zijanye n’akazi zitari bwakwire. Ni ikintu ca nyuma ikihe Thomas yasabwa gushitsa kugira ngo abone kuronka umushahara wiwe hamwe n’amahera yari yarakoreye? Kwari ukubonana n’umuyobozi w’ishure, uno akaba yari umupatiri. Uwo mupatiri yasiguye yuko ivyo Ivyabona vya Yehova bemera vyari biteye kubiri n’ivyo iryo shure ryemera. Yavuze ashimitse yuko Thomas ahitamwo guheba akazi canke ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya. Thomas yarahevye ako kazi n’ayo mahera yari amaze hafi umwaka wose akorera, hanyuma aronka akandi kazi ko gukora amaradiyo n’amatelefone ngendanwa. Nk’uko ako karorero be n’utundi twinshi nk’utwo tuvyerekana, abandi bantu boshobora gutinya ko batazoronka ivyo bakeneye, mugabo twebwe ntidukwiye gutinya kubera ko twizigira Umuremyi w’ibintu vyose kandi akingira abasavyi biwe.
13. Igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko gitera imbere gute mu bihugu bikenye?
13 Mu bihugu bitari bike aho usanga ubuzima bugoye, abamamaji b’Ubwami akenshi baba bafise umwete wibonekeje. Uti kubera iki? Ibiro vy’ishami bimwe vyanditse ngo: “Abantu benshi dusanga ku mihana bemera kwiga Bibiliya, usanga ata kazi bafise bakaba rero bafise umwanya mwinshi wo kwiga ku murango. Abavukanyi na bo nyene bararonka umwanya mwinshi wo kwamamaza. Abantu, canecane ababa mu turere twasinzikajwe n’ubukene, ntibarinda kubwirwa ko turi mu misi ya nyuma; barabona ukuntu ibintu vyifashe hirya no hino yabo.” Umumisiyonari umwe amaze imyaka irenga 12 akorera mu gihugu aho umwamamaji wese arongora inyigisho za Bibiliya zirenga zitatu tugize incahagati, yandika ati: “Kubera yuko benshi mu bamamaji bafise ubuzima buciye bugufi kandi akaba ata bibasamaza vyinshi bihari, muri rusangi usanga bafise umwanya mwinshi wo kuja mu busuku bwo mu ndimiro no kurongora inyigisho za Bibiliya.”
14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe rya sinzi rinini rizokingirwa n’Imana?
14 Yehova yasezeranye gufasha, gukingira no kurokora abasavyi biwe uko bagize umugwi, mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu, kandi turamwizigira. (Zab. 37:28; 91:1-3) Isinzi rizorokoka ya “makuba akomeye” ritegerezwa kuba ari rinini koko. (Ivyah. 7:9, 14) Ku bw’ivyo, iryo sinzi uko rigize umugwi rizokingirwa kugira ngo ntiriherengetezwe mu kiringo gisigaye c’imisi ya nyuma. Rizoronswa ikintu cose rikeneye kugira ngo ryihanganire ibigeragezo ryongere rizigame ubucuti rifitaniye na Yehova. Vyongeye mu kiringo ca nyuma c’ayo makuba akomeye, Yehova azokingira abasavyi biwe.
“NYIGISHA INZIRA YAWE, YEHOVA WE”
15, 16. Twungukira gute ku gushira mu ngiro inyigisho iva ku Mana? Tanga akarorero.
15 Kugira ngo tugume dufise umutima rugabo, turakeneye kubandanya kwigishwa mu nzira y’Imana. Ivyo birabonekera mu vyo Dawidi yasavye yinginga ati: “Nyigisha inzira yawe, Yehova we, unyobore mu munyuro w’ukugororoka, kubera abansi banje.” (Zab. 27:11) Kugira ngo dukore duhuza n’iryo sengesho, dutegerezwa gutega yompi ubuyobozi ubwo ari bwo bwose bushingiye kuri Bibiliya turonka biciye kw’ishirahamwe rya Yehova maze tukabushira mu ngiro tudatebaganye. Abantu benshi birinze gufata amadeni adakenewe barashobora gushingira intahe yuko gushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi zijanye no kworosha ubuzima bwabo vyabafashije mu ngorane z’ivy’ubutunzi ziheruka gushika mw’isi. Kubera ko batita ku rutare barondera kwironsa ibintu badakeneye vy’ukuri, usanga bafise akaryo ko kwagura ubusuku bwabo. Umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba nca nshira mu ngiro ikintu cose nsomye muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vya wa mugwi w’umushumba wo kwizigirwa kandi w’ubwenge, naho nyene vyoba bisaba ko ngira ivyo mpevye?’—Mat. 24:45.
16 Nitwareka Yehova akatwigisha akongera akatuyobora mu munyuro w’ubugororotsi, nta kintu na kimwe kizotuma dutinya. Igihe umutsimvyi asanzwe umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yasaba akazi komufashije gutuma umuryango wiwe wose uguma mu murimo w’igihe cose, umukoresha wiwe yamubwiye yuko atokwigeze aronka ako kazi adafise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza. Iyo ivyo bishikira wewe, woba wari kwicuza kuba warahisemwo gukurikirana umurimo w’igihe cose aho kwiga kaminuza? Haciye indwi zibiri, uwo mukoresha yarakuwe mu kazi, maze uwundi mukoresha abaza nya muvukanyi ibijanye n’imigambi afise. Yaciye asigura yuko we hamwe n’umukenyezi wiwe ari abasuku b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova be n’uko bipfuza kubandanya ico gikorwa. Uwo muvukanyi ataragira ikindi kintu avuze, nya mukoresha yavuze ati: “Nari nzi ko hariho ikintu utandukaniyeko n’abandi! Igihe dawe yari ku mpfiro, babiri mu bo musangiye ukwemera baraza buri musi bakamusomera Bibiliya. Nariyemeje yuko ndamutse ndonse akaryo ko gufasha Icabona ca Yehova, nobigize.” Bukeye, uwo muvukanyi yarahawe ka kazi nyene wa mukoresha wiwe wa mbere yari yaramwimye. Ego cane, igihe dushize ivyungura Ubwami imbere y’ibindi mu buzima bwacu, Yehova arashitsa ivyo yadusezeraniye yuko tutazobura ivyo dukenera mu vy’umubiri.—Mat. 6:33.
UKWIZERA BE N’ICIZIGIRO NI NTAHARA
17. Ni igiki kizodufasha kwitega kazoza tubigiranye ukwizigira?
17 Ubukurikira Dawidi arashimika ku vy’uko dukeneye kugira ukwizera n’icizigiro, mu kuvuga ati: “Iyo ntaba nizeye kubona ukumera neza kwa Yehova mu gihugu c’abazima. . . !” (Zab. 27:13) Nkako, ubuzima bwacu buba bwifashe gute iyo tutaba dufise icizigiro twahawe n’Imana kandi tukaba dukenguruka ibintu bivugwa muri Zaburi ya 27? Ese rero twobandanya gusenga tubigiranye ukwizigira dusaba inkomezi no kurokorwa uko twihanganira ingorane gushika kuri Harumagedoni.—Soma Zaburi 27:14.
[Ifoto ku rup. 23]
Dawidi yarakomezwa no kwibuka ukuntu Yehova yagiye aramurokora
[Ifoto ku rup. 25]
Twoba tubona ko ingorane z’ivy’ubutunzi ari akaryo ko kwagura ubusuku bwacu?