Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umurovyi
“[Yezu] ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero be na Andereya mwene wabo, bariko barekurira mu kiyaga urusenga rwo kuroba, kuko bari abarovyi. Hanyuma ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.’”—MATAYO 4:18, 19.
AMAFI, uburovyi n’abarovyi biravugwa kenshi mu nkuru zo mu Njili. Nkako, Yezu yarakoresheje akatari gake ibigereranyo bijanye n’uburovyi. Kandi ntibitangaje! Yaramara umwanya utari muto yigishiriza ku nkengera z’Ikiyaga ca Galilaya canke hafi yaho. (Matayo 4:13; 13:1, 2; Mariko 3:7, 8) Ico kiyaga c’amazi apfutse gifise uburebure bw’ibilometero nka 20,92 n’ubwaguke bw’ibilometero nka 11,27. Mu ntumwa za Yezu, abashika ku ndwi bashobora kuba bari abarovyi, aho tukaba twovuga nka Petero, Andereya, Yakobo, Yohani, Filipo, Toma na Natanayeli.—Yohani 21:2, 3.
None umurovyi wo mu gihe ca Yezu yari ameze gute? Ntiwoshima none kumenya na bikeyi ku vyerekeye abo barovyi be n’umwuga wabo? Vyotuma urushiriza gutahura ivyerekeye izo ntumwa, ukarushiriza no gutegera ivyo Yezu yakoze n’ibigereranyo yatanze. Reka tubanze turabe ingene gukorera ku Kiyaga ca Galilaya vyari bimeze.
“Mu kiyaga havyuka inkuruma ikomeye”
Ikiyaga ca Galilaya giteze mu kinyika, uburinganire bwaco bukaba buri nko ku metero 210 munsi y’inivo y’ibahari. Gihanamiwe n’imisozi y’ibibuyebuye, mu buraruko na ho hakaba Umusozi Herumoni ugereza iyo hejuru. Mu gihe c’urushana, hari igihe imiyaga ikanye cane ituma haba udupfunda twinshi kuri ico kiyaga. Mu ci na ho, imiyaga ishushe ni yo usanga ibarizwa ku mazi y’ico kiyaga. Ibihuhusi bikaze biturutse mu misozi ikikuje ico kiyaga biratera bitateguje, bikarekurira uburake bwavyo ku bariko baragendesha amato bajabuka ico kiyaga. Yezu n’abigishwa biwe baratewe n’igihuhusi mwene ico.—Matayo 8:23-27.
Abarovyi bakoresha ubwato bukozwe mu giti bwapima imetero nka 8,27 z’uburebure, n’imetero nka 2,3 z’ubwaguke. Menshi mu mato yabo yaba afise inkingi be n’ahantu umuntu ashobora kwikinga munsi y’igice c’inyuma, igikunze kwitwa itenzi. (Mariko 4:35-41) Mwene ubwo bwato bwagenda buhorobuhoro yamara bwari bukomeye. Naho imiyaga yakubita ku gitambara cabwo no ku nkingi yabwo bigatuma buhengamira ku ruhande rumwe, uburemere bw’urusenga bwaca bubugarura ku rundi ruhande, gutyo nya bwato bugatsinda iyo miyaga.
Ubwo bwato babusoza bakoresheje ingafe zaba ziri ku mpande zompi zabwo. Umugwi w’abantu babukorerako washobora kuba ugizwe n’abarovyi batandatu canke barenga. (Mariko 1:20) Vyongeye, ubwato bwarashobora kugenda bufise ibintu mwene ibi: igitambara c’ilino c’ubwato (1), umugozi (2), ingafe (3), urubuye rukoreshwa nk’inanga (4), impuzu zumutse zo kwambara mu mbeho (5), ibifungurwa (Mariko 8:14) (6), ibiseke (7), umusego (Mariko 4:38) (8), n’urusenga (9). Bwarashobora kandi kugenda bwitwaje ibikoresho vyiyongereye bashira ku rusenga kugira rurerembe (10), ibikoresho bituma rwibira (11), ivyo gusanasanisha (12), be n’ibimuri (13).
“Begeranya ifi indiri n’indiri”
Muri iki gihe, nk’uko vyari biri no mu kinjana ca mbere, ibibanza usanga bibonekamwo cane amafi gusumba ibindi mu Kiyaga ca Galilaya ni ibiri hafi y’aho amasôko menshi n’inzuzi vyisukira muri ico kiyaga. Aho hantu usanga ivyatsi vyinjira mu kiyaga, ivyo bigatuma amafi ahaza. Mu gihe ca Yezu, abarovyi bakunda kuroba mw’ijoro bakoresheje ibimuri kugira bafate amafi. Igihe kimwe, bamwe mu bigishwa ba Yezu baramaze ijoro ryose baroba ariko ntibaronka n’iy’umuti. Mugabo bukeye, barasubiye kumanurira insenga zabo mu mazi nk’uko Yezu yari abibabwiye maze bafata amafi menshi cane ku buryo amato yabo yahatswe no kuzama.—Luka 5:6, 7.
Hari igihe wasanga abarovyi basoza bakaja mw’igezi. Bageze aho barobera, amato abiri yaca akorana. Abarovyi barasanza urusenga hagati y’ayo mato abiri, bagaca basoza n’inguvu nyinshi bamwe baja iburyo abandi ibubamfu bagira umuzingi, bakagenda bararekura nya rusenga gushika bakikuje amafi. Ayo mato yaca yugara uwo muzingi, amafi akaba araguye mu mutego. Nya barovyi baca barwana urugamba rwo gukwega imigozi iboheye ku mitwe y’urwo rusenga, bagakwegera mu bwato amafi bafashe. Urwo rusenga rwarashobora kuba rufise imetero zirenga 30 z’uburebure n’imetero zababa 2 n’igice z’uburebure bw’amajepfo, rukaba rero rwarashobora gucakira umugwi munini w’amafi. Igice co hejuru carwo caba kiriko ibituma rureremba, ic’epfo na co kikaba kiriko ibituma rwibira. Abo barovyi barasubira gutegesha nya rusenga hanyuma bakarukwega, gutyogutyo amasaha n’amasaha, ivyo bakabigira incuro n’izindi.
Aho wasanga atari mw’igezi, abarovyi bakoresha ubundi buhinga. Ubwato bwarava ku nkengera y’ikiyaga bukinjira mu mazi bufashe umutwe umwe w’urusenga rw’umukwabu, bukagenda bugira umuzingi bugaruka ku nkengera, amafi akaba arafatiwe muri uwo muzingi. Ababa bari ku nkengera baca bakwega nya rusenga, amafi bafashe bakayarunda aho ku nkengera hanyuma bakayarobanura. Amafi meza baca bayashira mu biseke. Amwamwe yaca agurishwa mu kibano agiheza kurobwa. Ariko menshi baca bayumisha bakayashirako umunyu canke bakayashira mu mazi arimwo inkarihe canke umunyu, bakayabika mu bikono vy’ibumba, mu nyuma akagurishwa i Yeruzalemu canke mu bindi bihugu. Amafi atagira ibigaragamba canke amababa, nk’umurombo n’ayandi, yaca atabwa kubera ko yabonwa yuko ahumanye. (Abalewi 11:9-12) Ubwo buhinga bwo kuroba ni bwo Yezu yafatiyeko igihe yagereranya “ubwami bwo mw’ijuru” n’urusenga rw’umukwabu, amafi atandukanye na yo akayagereranya n’abantu beza canke babi.—Matayo 13:47-50.
Umurovyi aroba ari wenyene yarashobora kurobesha amagera ariko ivyambo canke agakoresha urusenga rutoyi. Mu guterera urwo rusenga mu mazi, yarinjira mu mazi, akarushira ku kuboko akaruzunguriza mu kirere agaca arurekura. Igihe yaba ariko araruzunguriza, rwaca rumera nk’umubirikira. Arurekuye rwaca rwisanza, rugakorokera ku mazi rugaca rwibira. Uwo murovyi agize amahirwe, urusenga rwarafata amafi makeyi igihe yaba ariko ararukwega akoresheje umugozi warwo wo hagati.
Insenga zari zizimvye kandi kuzibungabunga cari igikorwa kitoroshe, akaba ari co gituma abarovyi batapfa uko bazikoresheje. Umurovyi yaramara umwanya utari muto ariko arasanasana insenga, azoza yongera azanikira, ivyo akaba yabikora igihe cose ahejeje kuroba. (Luka 5:2) Intumwa Yakobo na mwene wabo Yohani bari bicaye mu bwato bwabo bariko basanasana insenga zabo igihe Yezu yabahamagara ngo bamukurikire.—Mariko 1:19.
Mu bwoko butandukanye bw’amafi abarovyi bo mu kinjana ca mbere baroba, harimwo ubwoko bw’amakoke yitwa tilapiya bwari bugwiriye cane. Iyo fi yari mu vyo benshi mu baba i Galilaya bakunda gufungura, kandi Yezu ashobora kuba yarafunguye kuri iyo fi iryoshe. Ca gihe yagaburira ku gitangaro abantu ibihumbi akoresheje ifi zibiri, ashobora kuba yakoresheje mwene izo fi zumye zashizweko umunyu. (Matayo 14:16, 17; Luka 24:41-43) Iyo fi ikunze kwoga ifise icana cayo mu kanwa. Ariko iyo idafise icana cayo mu kanwa, ishobora kuba ifise akabuye canke mbere igatora igiceri gica ibibatsi kiba kiri epfo mu nda y’ikiyaga.—Matayo 17:27.
Mu kinjana ca mbere, kugira abarovyi baroranirwe bashike ku co bipfuza, vyasaba ko bihangana, bagakora cane kandi bakemera bagacumukura. Abitabiriye akamo Yezu yabateye ko kwifatanya na we mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, na bo nyene bari bakeneye kamere nk’izo kugira baroranirwe mu gikorwa co ‘kuroba abantu.’—Matayo 28:19, 20.
[Ifoto ku rup. 19]
(Raba ico gitabu)