ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/8 rup. 20-24
  • Uraba maso ku mitego ya Shetani!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uraba maso ku mitego ya Shetani!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUZIMYE UMURIRO W’AMAJAMBO ATARANGA UKWIYUMVIRA
  • NUHUNGE UMUTEGO W’UGUTINYA BE N’AKOSHO
  • NIWIRINDE UMUTEGO UJANJAGURA WO KWIYAGIRIZA BIRENZE URUGERO
  • NTITUYOBEWE IMIGABO YA SHETANI
  • Urashobora kuva mu mitego ya Shetani!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Nimurwanye Shetani”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Murwanye Shetani, na we azohunga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/8 rup. 20-24

Uraba maso ku mitego ya Shetani!

“[Nuve] mu mutego wa Shetani.”​—2 TIM. 2:26.

WOKWISHURA UTE?

Ni ukwisuzuma ukuhe ukeneye kugira nimba ufise agatima ko gutora abandi amahinyu mu buryo burenze urugero?

Ni ibiki wokwigira ku karorero ka Pilato n’aka Petero ku bijanye no kudatwarwa n’ubwoba be n’akosho?

Ushobora gute kwirinda kwiyagiriza birenze urugero?

1, 2. Ni imitego ya Shetani iyihe twihweza muri iki kiganiro?

SHETANI agenda yomboka inyuma y’abasavyi ba Yehova, arondera kubagirira nabi. Intumbero yiwe si ngombwa ngo ibe iyo kubica, nka kurya umuhigi w’ibikoko bininibinini yica igikoko aba ariko arahiga. Ahubwo, intumbero nyamukuru ya Shetani ni iyo gufata umuntu ari muzima maze akamukoresha ico ashaka.​—Soma 2 Timoteyo 2:24-26.

2 Kugira umutezi afate igikoko ari kizima, yoshobora gukoresha ubwoko kanaka bw’umutego. Yoshobora kugerageza gutuma igikoko kinyeguruka kikaja aho ashobora kugifata akoresheje umugozi w’impururu. Canke yoshobora gukoresha umutego unyegeje ahantu uriko imbarutso maze ugafata ico gikoko bukwi na bukwi. Shetani akoresha imitego nk’iyo kugira afate abasavyi b’Imana ari bazima. Nimba twipfuza kudafatwa, dutegerezwa kuba maso kandi tukitaho ibimenyetso vyo kutuburira vyerekana ko umwe mu mitego ya Shetani uri hafi yacu. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ukuntu dushobora kwirinda itatu mu mitego Shetani akoresha akaroranirwa ku rugero runaka. Iyo mitego ni (1) amajambo ataranga ukwiyumvira, (2) ugutinya n’akosho, (3) n’ukwiyagiriza birenze urugero. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino iyindi mitego ibiri ya Shetani.

NUZIMYE UMURIRO W’AMAJAMBO ATARANGA UKWIYUMVIRA

3, 4. Kudacungera ururimi rwacu vyoshobora kuvamwo iki? Tanga akarorero.

3 Kugira ngo umuhigi anyegurure ibikoko aho vyinyegeje, yoshobora guturira igice kinaka c’ishamba, akagenda arafata ivyo bikoko uko bigerageza guhunga. Mu buryo bw’ikigereranyo, Shetani yipfuza guturira ishengero rya gikirisu. Aroraniwe, arashobora gutuma abarigize bava aho hantu hatagira inkomanzi bakagwa mu vyara vyiwe. Dushobora gute gusanga twafashije Shetani tutabiciye n’ikanda maze akaducakira?

4 Umwigishwa Yakobo yagereranije ururimi n’umuriro. (Soma Yakobo 3:6-8.) Mu gihe tudashoboye gucungera ururimi rwacu, twoshobora kwatsa umuriro w’ikigereranyo mw’ishengero. Ivyo vyoshika gute? Rimbura aka karorero: Kw’ikoraniro rimwe ry’ishengero, harashikirijwe itangazo ry’uko mushiki wacu umwe yagenywe kuba umutsimvyi asanzwe. Inyuma y’iryo koraniro, abamamaji babiri barayaga ibijanye n’iryo tangazo. Umwe araserura umunezero afise maze akipfuriza uwo mutsimvyi mushasha kuroranirwa. Uwundi arerekana ko afise amakenga ku catumye uwo mushiki wacu afata ubutsimvyi maze akavuga yuko yabigize arondera gusa kwiyerekana mw’ishengero. Ni uwuhe muri abo bamamaji babiri woshima ko akubera umugenzi? Ntibigoye kumenya muri abo babiri uwoshobora guturira ishengero biciye ku vyo avuga.

5. Kugira ngo tuzimye umuriro ugereranya amajambo ataranga ukwiyumvira, ni ukwisuzuma ukuhe vyoba vyiza tugize?

5 Dushobora gute kuzimya umuriro ugereranya amajambo ataranga ukwiyumvira? Yezu yavuze ati: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.” (Mat. 12:34) Ikintu ca mbere twogira rero ni ugusuzuma umutima wacu. Twoba twirinda inyiyumvo mbi zituma tuvuga amajambo asambura? Nk’akarorero, igihe twumvise ko umuvukanyi kanaka ariko ararondera gukwiza ibisabwa kugira ngo aterwe agateka kanaka k’umurimo, twoba duca twiyumvira ko abitumwa n’imvo nziza, canke duca twiyumvira ko abitumwa no kwironderera inyungu ziwe? Nimba dufise agatima ko gukekeranya ku mvo abandi bakorana ibintu, vyoba vyiza twibutse yuko Shetani yakekeranije ku mvo wa musavyi w’Imana w’umwizigirwa Yobu yakorana. (Yobu 1:9-11) Aho kwikeka umuvukanyi wacu, vyoba vyiza dusuzumye igituma turiko turamutora amahinyu. Twoba vy’ukuri dufise imvo yumvikana yo kugira ico kintu? Canke umutima wacu woba warandujwe n’agatima kataranga urukundo kiraye muri iyi misi ya nyuma?​—2 Tim. 3:1-4.

6, 7. (a) Ni imvo zimwezimwe izihe zoshobora gutuma dutora amahinyu abandi? (b) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe dututswe?

6 Rimbura izindi mvo zimwezimwe zoshobora gutuma dutora abandi amahinyu. Imvo imwe yoshobora kuba ari uko twipfuza ko ivyo turangura birushiriza kwibonekeza. Ni nk’aho twoba turiko turarondera kuboneka ko turi barebare kuruta abandi mu kubacinya. Canke twoshobora kuba turiko turagerageza kwerekana igituma tudakora ikintu ciza. Twaba tubitumwa n’ubwibone, agashari canke ukubura amahoro, nta kindi bivamwo atari ugusambura.

7 Twoshobora kubona ko turi n’imvo yumvikana yo gutora amahinyu umuntu. Ashobora kuba yaratubwiye amajambo ataranga ukwiyumvira. Nimba ari ukwo biri, kumwihora si wo muti. Ubigenjeje gutyo uba gusa wunyuye ibintu kandi uba ukoze uhuza n’ivyo Shetani agomba, aho guhuza n’ivyo Imana igomba. (2 Tim. 2:26) Vyoba vyiza twiganye Yezu muri ivyo. Igihe yatukwa, “ntiyasubizayo igitutsi.” Ahubwo, “yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.” (1 Pet. 2:21-23) Yezu yari yizigiye yuko Yehova yotunganije ibintu mu buryo abona ko bubereye no ku gihe abona ko kibereye. Turakwiye kwizigira Imana muri ubwo buryo nyene. Igihe dukoresha imvugo yacu mu kuvura, tuba dufashije kuzigama “umugozi w’amahoro wunga ubumwe” mw’ishengero ryacu.​—Soma Abanyefeso 4:1-3.

NUHUNGE UMUTEGO W’UGUTINYA BE N’AKOSHO

8, 9. Ni kubera iki Pilato yaciriye rubi Yezu?

8 Igikoko gifashwe mu mutego ntikiba kigishoboye kuva aho kiri. Muri ubwo buryo nyene, umuntu aguye mu mutego wo gutinya abantu be n’akosho bijana, hari ukuntu ataba agishoboye kuganza ubuzima bwiwe. (Soma Imigani 29:25.) Nimuze twihweze uburorero bw’abagabo babiri batandukanye cane batwawe n’akosho be n’ugutinya maze turabe ico twokwigira ku vyabashikiye.

9 Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato yari azi ko Yezu ari umuntu ata co azira kandi biboneka ko atipfuza kumugirira nabi. Nkako, Pilato yavuze ko Yezu “[ata] kintu na kimwe [yari yakoze] gikwiriye kumwicisha.” Ariko rero, nticabujije ko Pilato amucira urwo gupfa. Kubera iki? Kubera ko yatwawe n’akosho k’isinzi. (Luka 23:15, 21-25) Abarwanya Yezu basemereye bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari,” gutyo baramuremera kugira ngo akore ivyo bipfuza. (Yoh. 19:12) Pilato ashobora kuba yatinya ko yotakaza ikibanza ciwe, canke kumbure ubuzima bwiwe, aramutse ashigikiye Kristu. Yarirekeranye aratwarwa n’akosho maze akora ivyo Shetani agomba.

10. Ni igiki catumye Petero yihakana Kristu?

10 Intumwa Petero yari umwe mu bagenzi somambike ba Yezu. Yaravuze ku mugaragaro ko Yezu yari Mesiya. (Mat. 16:16) Petero yagumye ari intahemuka igihe abandi bigishwa batatahura ivyo Yezu avuze maze bakamuta. (Yoh. 6:66-69) Kandi igihe abansi baza gufata Yezu, Petero yarakoresheje inkota mu kurwanira Shebuja. (Yoh. 18:10, 11) Ariko rero, mu nyuma Petero yaraguye mu mutego wo gutinya maze arihakana Yezu Kristu. Iyo ntumwa yaramaze igihe gito yaguye mu mutego wo gutinya abantu maze irawureka uramubuza gukorana umutima rugabo.​—Mat. 26:74, 75.

11. Ni utwosho tubi utuhe vyoba ngombwa ko turwanya?

11 Twebwe abakirisu, turakeneye kunanira akosho ko gukora ibintu bitohimbara Imana. Abakoresha canke abandi boshobora kugerageza kuduhata ngo dukore ibintu biranga ubugunge canke bagashobora kurondera kutwosha ngo dukore ivy’ubuhumbu. Vyoshobora kuba ngombwa ko abanyeshure barwanya abo mu runganwe rwabo bagerageza kubosha ngo bibe ibibazo, barabe amashusho yerekana ubushegabo, banywe itabi, bihereze ibiyayuramutwe, banywe izirenze canke ngo bakore ivy’ubuhumbu. Ni igiki none codufasha guhunga umutego wo gutinya abantu barondera kutwosha ngo dukore ibintu bidahimbara Yehova?

12. Ni ivyigwa ibihe twokwigira kuri Pilato na Petero?

12 Nimuze turabe ico twokwigira ku karorero ka Pilato n’aka Petero. Pilato nta vyinshi yari azi kuri Kristu. Naho ari ukwo, yari azi ko Yezu ata caha camwagira be n’uko yari umuntu adasanzwe. Mugabo Pilato ntiyicisha bugufi kandi ntiyakunda Imana y’ukuri. Shetani yaramufashe ari muzima bitagoranye. Petero wewe yari afise ubumenyi butagira amakosa kandi yarakunda Imana. Ariko rero, vyarashitse arabura ukwifata ruto, aragira ubwoba maze aratwarwa n’akosho. Imbere y’uko Yezu afatwa, Petero yiyemeye ati: “Niyo abandi bose botsitara, jeho sinzotsitara.” (Mrk. 14:29) Iyo ntumwa yari kurushiriza kwitegurira ibigeragezo vyari biraririye kuyishikira iyo igira impagararo nk’iy’umwanditsi w’amazaburi yizigiye Imana akaririmba ati: “Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya. Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki?” (Zab. 118:6) Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yarajanye Petero n’izindi ntumwa zibiri hagati mw’itongo ry’i Getsemani. Ariko rero, aho kugira ngo Petero na bagenziwe bagume bari maso, barasinziriye. Yezu yarabakanguye maze ababwira ati: “Gume muri maso kandi musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” (Mrk. 14:38) Mugabo Petero yarongeye gusinzira maze mu nyuma aratinya yongera aratwarwa n’akosho.

13. Dushobora gute kunanira akosho ko gukora ikintu kibi?

13 Uturorero twa Pilato na Petero turashobora kutwigisha ikindi cigwa gihambaye cane, na co kikaba ari iki: Kugira ngo dushobore kunanira akosho bisaba ko tuba dufise ubumenyi butagira amakosa, ukwicisha bugufi, ukwifata ruto, ugukunda Imana be n’ugutinya Yehova, aho gutinya abantu. Nimba ukwizera kwacu gushingiye ku bumenyi butagira amakosa, tuzovuga ivyo twemera tubigiranye umutima rugabo n’ukujijuka. Ivyo bizodufasha kunanira akosho no gutsinda ugutinya abantu. Ariko ntiwumve, dutegerezwa kutigera tubona ko dufise inkomezi nyinshi. Ahubwo nyabuna, turakwiye kwemera twicishije bugufi yuko dukeneye ububasha bw’Imana kugira ngo tunanire akosho. Turakeneye gusenga Yehova tumusaba impwemu yiwe kandi dutegerezwa kureka urukundo tumukunda rukatuvyurira umutima wo gushigikira izina ryiwe n’ingingo mfatirwako ziwe. N’ikindi kandi, turakeneye kwitegurira akosho imbere y’uko dushikirwa n’ikigeragezo. Nk’akarorero, igihe abana bacu biteguye imbere y’igihe babijanisha n’isengesho birashobora kubafasha kuvyifatamwo neza igihe abo mu runganwe rwabo bagerageje kubosha ngo bakore ikintu kibi.​—2 Kor. 13:7.a

NIWIRINDE UMUTEGO UJANJAGURA WO KWIYAGIRIZA BIRENZE URUGERO

14. Shetani yipfuza ko dushika ku ciyumviro ikihe ku bijanye n’amakosa twakoze kera?

14 Rimwe na rimwe umutego w’ibikoko usanga ugizwe n’urugiga canke urubuye ruremereye rurekera hejuru y’aho igikoko gikunda guca. Igikoko ata co cinona kiraca ku mugozi uteze, bigatuma urwo rugiga canke urwo rubuye rugwa kuri nya gikoko, rukakijanjagura. Kwiyagiriza birenze urugero vyoshobora kugereranywa n’urwo rugiga ruremereye rujanjagura. Igihe twibutse ibijanye n’ikosa twakoze kera, twoshobora kwumva “[tu]janjaguritse bihebuje.” (Soma Zaburi 38:3-5, 8.) Shetani yipfuza ko dushika ku ciyumviro c’uko Yehova adashobora kutugirira imbabazi be n’uko tudashobora gushitsa ivyo asaba.

15, 16. Ushobora gute kwirinda kugwa mu mutego wo kwiyagiriza birenze urugero?

15 Wokwirinda gute uwo mutego ujanjagura? Nimba warakoze igicumuro gikomeye, nugire ico ukoze ubu kugira ngo unagure ubucuti ufitaniye na Yehova. Niwiture abakurambere, ubasabe bagufashe. (Yak. 5:14-16) Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo usubize ibintu mu buryo. (2 Kor. 7:11) Niwatozwa indero, ntucike intege. Ugutozwa indero ni ikimenyamenya c’uko Yehova agukunda. (Heb. 12:6) Niwiyemeze kudasubira gukora ibintu vyagushikanye kuri ico gicumuro, kandi ukore uhuza n’uwo mwiyemezo. Umaze kwigaya no guhindukira, niwizere yuko inkuka y’incungu ya Yezu Kristu ishobora vy’ukuri gupfuka amakosa yawe.​—1 Yoh. 4:9, 14.

16 Hari ababandanya kwiyagiriza ku bicumuro baba barababariwe vy’ukuri. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, niwibuke yuko Yehova yababariye Petero n’izindi ntumwa kuba barataye Umwana wiwe mukundwa Yezu igihe yari abakeneye kuruta ikindi gihe cose. Yehova yarababariye wa mugabo yari yaraciwe mw’ishengero ry’i Korinto kubera ubushegabo bw’agahomerabunwa yari yarakoze mugabo mu nyuma akigaya. (1 Kor. 5:1-5; 2 Kor. 2:6-8) Ijambo ry’Imana riravuga ibijanye n’abacumuzi katwa bigaye maze Imana ikabababarira.​—2 Ngo. 33:2, 10-13; 1 Kor. 6:9-11.

17. Incungu ishobora kudukorera iki?

17 Yehova azobabarira amakosa wakoze kera yongere ayibagire niwigaya vy’ukuri kandi ukemera imbabazi ziwe. Ntukigere wiyumvira ko inkuka y’incungu ya Yezu idashobora gupfuka ibicumuro vyawe. Wiyumviriye gutyo, woba uguye muri umwe mu mitego ya Shetani. Naho Shetani yipfuza ko wiyumvira gutyo, incungu irashobora gupfuka ibicumuro vy’abo bose baguye mu gicumuro hanyuma bakigaya. (Imig. 24:16) Kwizera incungu birashobora kukuremurura umuzigo wo kwiyagiriza birenze urugero bikongera bikagura inkomezi zo gukorera Imana n’umutima wawe wose n’umuzirikanyi wawe wose be n’ubuzima bwawe bwose.​—Mat. 22:37.

NTITUYOBEWE IMIGABO YA SHETANI

18. Twokwirinda gute imitego ya Shetani?

18 Shetani ntarazwa ishinga n’imitego yoducakira iyo ari yo; igihambaye kuri we ni uko yoducakira. Kubera ko tutayobewe imigabo yiwe, turashobora kwirinda gufatwa na we. (2 Kor. 2:10, 11) Ntituzogwa mu mitego yiwe nitwasenga dusaba ubukerebutsi bwo kuvyifatamwo neza mu bigeragezo bidushikira. Yakobo yanditse ati: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” (Yak. 1:5) Turakeneye gukora duhuza n’amasengesho dutura mu kwama twiyigisha no mu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana. Ibisohokayandikiro bidufasha kwiga Bibiliya duhabwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge vyaratweretse imitego ya Shetani, bikaba kandi bidufasha kuyirinda.

19, 20. Ni kubera iki dukwiye kwanka ikibi?

19 Gusenga no kwiga Bibiliya biratuma turushiriza gukunda iciza. Mugabo birahambaye kandi yuko dutsimbataza agatima ko kwanka ikibi. (Zab. 97:10) Kuzirikana inkurikizi ziva ku gukurikirana ivyipfuzo vy’ubwikunzi birashobora kudufasha kuvyirinda. (Yak. 1:14, 15) Twize kwanka ikibi maze tugakunda vy’ukuri iciza, icambo Shetani ashira mu mitego yiwe kiratuma duhunga, aho kudukwegakwega.

20 Ese ukuntu dukenguruka kuba Imana idufasha kugira ngo Shetani ntadushikire! Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, araturokora “mu kudukiza wa mubisha.” (Mat. 6:13) Mu kiganiro gikurikira, tuzokwiga ukuntu twokwirinda iyindi mitego ibiri Shetani yabonye ko imufasha gufata abasavyi b’Imana ari bazima.

[Akajambo k’epfo]

a Vyoba vyiza abavyeyi baganiriye n’abana babo ibiri ahavuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, urupapuro rwa 132-133. Ayo mayagwa yoshobora gukoreshwa mu gihe ca wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango.

[Ifoto ku rup. 21]

Amajambo ataranga ukwiyumvira arashobora guturira ishengero mu kuriteza ingorane

[Ifoto ku rup. 24]

Urashobora kwitura umuzigo wo kwiyagiriza birenze urugero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika