Hagarara ushikamye wirinde imitego ya Shetani!
“[Muhagarare] mushikamye imbere y’amayeri ya Shetani.”—EF. 6:11.
WOKWISHURA UTE?
Umusavyi wa Yehova yokwirinda gute kugwa mu mutego wo guhahamira amaronko?
Ni ibiki vyofasha umukirisu yubatse kutagwa mu mutego wo kurenga ibigo?
Ni kubera iki wemera yuko kurwanya ushikamye ivyo guhahamira amaronko n’ubuhumbu bivamwo ivyiza?
1, 2. (a) Ni kubera iki Shetani ata kagongwe agirira abarobanuwe be n’abo mu “zindi ntama”? (b) Ni imitego ya Shetani iyihe yihwezwa muri iki kiganiro?
SHETANI WA MUBESHERANYI nta kigongwe agirira abantu, na canecane abakorera Yehova. Nkako, ariko ararwanya amasigarira y’abarobanuwe. (Ivyah. 12:17) Abo bakirisu b’umutima rugabo barayoboye igikorwa co kwamamaza Ubwami co mu gihe ca none bongera barerekana ko Shetani ari we mutware w’iyi si. Shetani ntakunda kandi abo mu “zindi ntama” bashigikira abarobanuwe kandi bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera, ico na co Shetani akaba atakigifise. (Yoh. 10:16) Ntibitangaje kuba ishavu riniga! Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke co kuba kw’isi, nta gukeka ko Shetani ataturonderera ineza. Afise intumbero yo kuducakira.—1 Pet. 5:8.
2 Kugira ngo ayishikeko, yarashizeho imitego itandukanye. Kubera ko ‘yahumye imizirikanyi’ y’abatemera, bano ntibakira inkuru nziza kandi ntibashobora kubona iyo mitego. Ariko rero, Shetani aratega kandi bamwebamwe mu bakira ubutumwa bw’Ubwami. (2 Kor. 4:3, 4) Ikiganiro c’imbere y’iki carerekanye ukuntu dushobora kwirinda imitego itatu ya Shetani, na yo ikaba ari: (1) amajambo ataranga ukwiyumvira, (2) ugutinya n’akosho, (3) be n’ukwiyagiriza birenze urugero. Nimuze ubu na ho turimbure ukuntu tworwanya dushikamye iyindi mitego ibiri ya Shetani, iyo na yo ikaba ari uguhahamira amaronko no kwoshwa gukora ivy’ubuhumbu.
GUHAHAMIRA AMARONKO NI UMUTEGO UNYOHA
3, 4. Amaganya y’ivy’iyi si yoshobora gute gutuma abantu bahahamira amaronko?
3 Muri kimwe mu bigereranyo Yezu yatanze, yaravuze ibijanye n’urubuto rwabibwe mu mahwa. Yarerekanye yuko umuntu yoshobora kwumva ijambo, “mugabo amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, maze agacika ikirumbirane.” (Mat. 13:22) Egome, uguhahamira amaronko ni umwe mu mitego wa mwansi wacu Shetani akoresha.
4 Hariho ibintu bibiri binyoha iryo jambo igihe biri hamwe. Kimwe muri ivyo ni “amaganya y’ivy’iki gihe.” Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” hariho ibintu vyinshi bishobora gutuma ugira amaganya. (2 Tim. 3:1) Kubera yuko ubuzima buzimvye, ubushomeri na bwo bukarushiriza kwongerekana, woshobora gusanga bigoye kuronka ibikubeshaho. Woshobora kandi kwiganyira ku bijanye na kazoza ukibaza uti: ‘Noba nzoronka amahera akwiye maze gukukuruka?’ Kubera ukwo kwiganyira, bamwebamwe baratwawe no kwiruka inyuma y’ubutunzi, biyumvira yuko amahera azotuma batekanirwa.
5. ‘Ububasha bw’ubutunzi’ bushobora gute kuba ubuhendana?
5 Yezu yaravuze ikindi kintu gishobora kunyoha rya jambo igihe kiri kumwe n’amaganya, ico na co kikaba ari “ububasha buhendana bw’ubutunzi.” Bibiliya iremera yuko “amahera akingira umuntu.” (Umus. 7:12) Ariko rero, kwiruka inyuma y’ubutunzi ntibiranga ubukerebutsi. Abantu benshi barabonye yuko uko barushiriza kwita ku rutare kugira baronke ubutunzi, ari ko barushiriza gufatwa n’umutego wo guhahamira amaronko. Hari n’abacitse abashumba b’ubutunzi.—Mat. 6:24.
6, 7. (a) Umuntu ashobora gute kugwa mu mutego wo guhahamira amaronko ku kazi? (b) Ni ibiki umukirisu akwiye kurimbura igihe asabwe gukora amasaha yiyongereye?
6 Umuntu yoshobora gutangura kwipfuza kuronka ubutunzi ata mvo mbi abigiranye. Nk’akarorero, rimbura iki kintu. Umukoresha wawe arakwegereye maze akubwira ati: “Ndagufitiye agakuru keza! Ishirahamwe ryacu ryatsindiye isoko rinini. Ivyo bizosaba ko tuza turakora kenshi amasaha yiyongereye mu mezi nk’angahe ari imbere. Mugabo ku bijanye n’agashahara ndazi yuko utazogaya.” Wovyifatamwo gute? Ego ni ko, kuba utegerezwa kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye mu vy’umubiri ni ibanga rihambaye, ariko si ryo ryonyene ujejwe. (1 Tim. 5:8) Hariho ibindi bintu bitari bike utegerezwa kubanza kurimbura. Uzokora amasaha yiyongereye angahe? Akazi kawe koba kazobangamira ibikorwa vyawe bijanye n’ivy’impwemu, harimwo amakoraniro y’ishengero n’umugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango?
7 Igihe uriko urazirikana ingingo wofata, ni igiki wobona yuko gihambaye kuruta ibindi vyose? Kwoba ari ukuntu ayo masaha yotuma amahera yawe yongerekana canke ni ukuntu yotuma umererwa mu vy’impwemu? Kuba ushashaye kuronka amahera yiyongereye vyoba bizotuma ureka gushira ivyungura Ubwami imbere mu buzima? Woba ubona ukuntu guhahamira amaronko vyogira ico bigukozeko hamwe wokwirengagiza amagara yawe yo mu vy’impwemu be n’ay’umuryango wawe? Nimba ivyo biriko biragushikira ubu, ushobora gute guhagarara ushikamye maze ukirinda kunyohwa n’umutego wo guhahamira amaronko?—Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.
8. Ni uburorero bwo mu Vyanditswe ubuhe tworimbura bigashobora kudufasha gusuzuma ukuntu tubayeho?
8 Kugira ngo wirinde kunyohwa n’uguhahamira amaronko, nuze urasuzuma ukuntu ubayeho uko haciye igihe. Ntiwokwigera wipfuza kumera nka Esawu, uwerekanye biciye ku bikorwa vyiwe yuko asuzugura ibintu vy’impwemu! (Ita. 25:34; Heb. 12:16) Kandi nta gukeka yuko udakwiye kumera nka wa mugabo w’umutunzi yasabwa kugurisha ivyo atunze, agaha aboro, maze agakurikira Yezu. Aho kubigenza gutyo, “[yagiye] intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi.” (Mat. 19:21, 22) Kubera yuko uwo mugabo yaguye mu mutego wo guhahamira ubutunzi, yaratakaje agateka gahambaye ko gukurikira umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose! Uraba maso nawe ntuhave utakaza agateka ko kuba umwigishwa wa Yezu Kristu.
9, 10. Dufatiye ku vyo Ivyanditswe bivuga, dukwiye kubona gute ibintu vy’umubiri?
9 Kugira ngo wirinde kurazwa ishinga birenze urugero n’ibintu vy’umubiri, nukurikize impanuro ya Yezu igira iti: “Ntimukigere mwiganyira ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ Kuko ivyo vyose ari vyo amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera.”—Mat. 6:31, 32; Luka 21:34, 35.
10 Aho gutwarwa n’ububasha buhendana bw’ubutunzi, niwihatire kubona ibintu nk’uko umwanditsi wa Bibiliya Aguri yabibona, uwavuze ati: “Ntureke ngo nkene cane canke ngo ntunge cane. Umpe ivyo nkeneye gusa.” (Imig. 30:8, Contemporary English Version) Biragaragara yuko Aguri yatahura ubushobozi amahera afise bwo gukingira umuntu hamwe n’ububasha buhendana bw’ubutunzi. Nutahure yuko amaganya y’ivy’iyi si be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bishobora gutuma uhabonera mu vy’impwemu. Kurazwa ishinga birenze urugero n’ibintu vy’umubiri birashobora kugutwara umwanya n’inguvu, maze ugasigara wiyumvamwo buhoro canke utiyumvamwo na gato ivyo gukurikirana ivyungura Ubwami. Niwiyemeze rero kudafatwa n’umutego wa Shetani wo guhahamira amaronko!—Soma Abaheburayo 13:5.
KURENGA IBIGO NI ICOBO GIHISHIJWE KU RUYERI
11, 12. Umukirisu yoshobora gute kugwa mu mutego wo kurenga ibigo aho akorera?
11 Abahigi bipfuza gufata igikoko gikomeye boshobora kubigira mu kwimba icobo mu nzira gikunda gucamwo. Ico cobo usanga bakinyegeza mu kukirenzako uduti n’akavu. Imwe mu nyosha mbi Shetani akoresha agafata abantu benshi imeze nk’uwo mutego. Ni igicumuro c’ubuhumbu. (Imig. 22:14; 23:27) Abakirisu batari bake baraguye muri ico cobo mu kwishira mu bintu bituma vyoroha cane ko bahemuka. Abakirisu bamwebamwe bubatse baraguye mu mutego wo kurenga ibigo aho bamariye gutsimbataza imigenderanire y’ivy’urukundo itabereye.
12 Imigenderanire y’ivy’urukundo itabereye yoshobora gutangura aho ukorera. Nkako, itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko ica kabiri kirenga c’abagore barenga ibigo be n’abagabo barenga ibigo nka 3 kuri 4 bari baragiraniye imigenderanire itabereye n’uwo bakorana. Akazi ukora koba gasaba yuko wifatanya n’abo mudasangiye igitsina? Nimba ari ukwo biri, imigenderanire mufitaniye imeze gute? Woba warishingiye uturimbi dutuma iyo migenderanire igarukira ku vy’akazi gusa kandi ntuyireke ngo ivemwo ikindi kintu? Nk’akarorero, mushiki wacu kanaka amaze kugiranira ibiyago bitari bike n’uwo bakorana w’igitsina-gabo, yoshobora kuza aramubwira ibintu vy’akabanga, mbere akamubwira ingorane afitaniye n’uwo bubakanye. Ahandi na ho, umuvukanyi kanaka amaze kugiranira ubugenzi n’uwo bakorana w’igitsina-gore, yoshobora kwiyumvira ati: “Araha agaciro ivyiyumviro vyanje kandi arantega yompi vy’ukuri igihe ndamuyagira. Vyongeye aranshima. Icompa nkarushiriza gufatwa gutyo i muhira!” Woba ubona ukuntu abakirisu ivyabo vyifashe gutyo bashobora rwose kurenga ibigo?
13. Umuntu ashobora gute gutangura kugiranira imigenderanire y’ivy’urukundo itabereye n’uwo mw’ishengero?
13 Umuntu yoshobora gutangura kugiranira imigenderanire y’ivy’urukundo itabereye n’uwo mw’ishengero. Rimbura aka karorero k’ibintu vyabaye koko. Uwitwa Daniel be n’umugore wiwe Saraha bari abatsimvyi basanzwe. Daniel kandi yari “umukurambere atigera avuga ngo oya,” nk’uko avyivugira. Yaremera abishashaye agateka kose yaba atewe. Mu busuku Daniel yarangura, yarigana Bibiliya n’abasore batanu, batatu muri bo bakaba bahavuye babatizwa. Abo bavukanyi bari baherutse kubatizwa bari bakeneye gufashwa cane. Igihe Daniel yaba afatiriwe n’ibikorwa bitandukanye vya gitewokarasi, akenshi Sarah yarabafasha. Bidatevye haratsimbataye ibi bintu: Abo bahoze bigana Bibiliya na Daniel barakenera kuremeshwa, Sarah akabaremesha. Sarah na we yarakenera kwitwararikwa, na bo bakamwitwararika. Umutego wica wari wamaze gutegwa. Daniel avuga ati: “Amezi umugore wanje yamaze ariko aritanga yatumye ahabonera mu vy’impwemu no mu vy’inyiyumvo. Ivyo, hamwe no kuba nari maze igihe ntamwitwararika, vyatumye haba ikintu c’agahomerabunwa. Umugore wanje yararenze ibigo n’umwe muri abo bavukanyi twari twariganye Bibiliya. Yari yaragoyagoye mu vy’impwemu turi kumwe, mugabo nkishinga kwitwararika cane uduteka twanje twinshi ku buryo ntanabibona.” Ushobora gute none kwirinda icago nk’ico?
14, 15. Ni ibiki bishobora gufasha abakirisu bubatse kwirinda umutego wo kurenga ibigo?
14 Kugira ngo wirinde umutego wo kurenga ibigo, nuzirikane insobanuro y’indagano y’ukwabirana. Yezu yavuze ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:6) Ntukigere wiyumvira ko uduteka twawe twa gitewokarasi duhambaye kuruta uwo mwubakanye. Vyongeye, numenye yuko kuza uramara umwanya utari kumwe n’uwo mwubakanye uriko urakora ibikorwa bidahambaye cane vyoshobora kwerekana ko umubano wanyu ugoyagoya kandi birashobora gushikana ku nyosha mbi no ku gicumuro gikomeye.
15 Ariko none nimba uri umukurambere, tuvuge iki ku bijanye n’ubusho? Intumwa Petero yanditse ati: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye.” (1 Pet. 5:2) Nta gukeka ko udakwiye kwirengagiza abagize ishengero ujejwe. Ariko rero, ntukwiye kurangura uruhara rwawe rwo kuba umwungere ngo wibagire urwo kuba umunega. Kwitwararika gusa ivyo kugaburira ishengero mu gihe uwo mwubakanye ariko aricirwa n’inzara i muhira mu buryo bw’ikigereranyo, nta co vyoba bimaze, eka mbere vyoba birimwo akaga. Daniel avuga ati: “Hariho ibintu bihambaye mu buzima kuruta kwita ku rutare witwararika amabanga kandi umuryango wawe uriko urahabonera.”
16, 17. (a) Ni ibintu ngirakamaro ibihe abakirisu bubatse bokora ku kazi kugira berekane yuko badashaka kugiranira imigenderanire y’ivy’urukundo n’uwundi muntu atari uwo bubakanye? (b) Tanga akarorero k’amakuru yasohowe yofasha abakirisu kwirinda kurenga ibigo.
16 Hariho impanuro nziza nyinshi zasohotse mu Munara w’Inderetsi no muri Be maso! kugira ngo zifashe abakirisu bubatse kutagwa mu mutego wo kurenga ibigo. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2006 watanze iyi mpanuro igira iti: “Igihe uri ku kazi canke ahandi hantu, niwirinde ibintu vyoshobora gutuma haba ubucuti bwa hafi hagati yawe n’uwundi muntu mudasangiye igitsina. Nk’akarorero, kumara amasaha yiyongereye uriko ukorana n’umuntu mudasangiye igitsina birashobora gutuma woshwa nabi. Kubera ko uri umugabo canke umugore yubatse, ukwiye kwerekana mu buryo butomoye, mu mvugo no mu nyifato, yuko udashaka kugiranira mwene ubwo bucuti n’uwundi muntu atari uwo mwubakanye. Kubera ko uri umuntu arondera kwubaha Imana, nta gukeka ko utorondera gutuma uwundi muntu mutubakanye atangura kukwiyumvira kandi bitabereye, mu kumenyerana na we cane canke mu kwambara kibure kwitunganya mu buryo butaranga urupfasoni. . . . Kuba ufise amafoto y’[uwo mwubakanye] be n’ay’abana bawe aho ukorera bizoza birakwibutsa vyongera vyibutsa n’abandi yuko uri n’abo ushira imbere. Niwiyemeze kutigera ukora ibintu bituma uwundi muntu yubahuka kukuryosharyosha canke mbere ngo wirekerane.”
17 Ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Kudahemukira uwo mwubakanye bisobanura iki vy’ukuri?” co muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ndamukiza 2009 caragabishije ku bijanye no kwiyumvira ivyo guhuza ibitsina n’uwundi muntu atari uwo mwubakanye. Ico kiganiro cerekanye yuko bene ivyo vyiyumviro bishobora gutuma bishoboka rwose ko urenga ibigo. (Yak. 1:14, 15) Nimba wubatse, vyoba vyiza mwe n’uwo mwubakanye mugiye murihweza ayo makuru muri kumwe uko haciye igihe. Umubano w’ababiranye ni intunganyo yashizweho na Yehova ubwiwe, kandi ni mweranda. Gutegekanya umwanya wo kuyaga n’uwo mwubakanye ibijanye n’umubano wanyu ni uburyo bwiza bwo kwerekana yuko muha agaciro ibintu vyeranda.—Ita. 2:21-24.
18, 19. (a) Ni ingaruka izihe ziva ku kurenga ibigo? (b) Kudahemuka mu mubano w’ababiranye bivamwo ivyiza ibihe?
18 Nimba uriko uroshwa kugiranira n’umuntu kanaka imigenderanire y’ivy’urukundo itabereye, nuzirikane ingaruka mbi ziva ku busambanyi no ku kurenga ibigo. (Imig. 7:22, 23; Gal. 6:7) Abakora ivy’ubuhumbu barababaza Yehova kandi baragirira nabi abo bubakanye bakongera bakigirira nabi. (Soma Malaki 2:13, 14.) Igihushanye n’ivyo, rimbura ivyiza abaguma bafise ingeso zitanduye bironkera. Uretse ko bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera, baragira n’ubuzima bwiza kuruta muri iki gihe, harimwo n’ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi.—Soma Imigani 3:1, 2.
19 Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Abakunda itegeko [ry’Imana] bagira amahoro menshi, kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba.” (Zab. 119:165) Ku bw’ivyo, nukunde ukuri kandi ‘ugume uraba neza ukuntu ugenda, ntugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko ugende nk’abantu b’inkerebutsi’ muri ibi bihe bibi. (Ef. 5:15, 16) Inzira ducamwo zuzuyemwo imitego Shetani yateze kugira ngo acakire abasavyi b’Imana b’ukuri. Mugabo turafise ibikenewe vyose kugira ngo twikingire. Yehova yaraturonkeje ivyo dukeneye kugira ngo ‘duhagarare dushikamye’ maze “[tuzimye] imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha”!—Ef. 6:11, 16.
[Akajambo k’epfo]
a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
[Ifoto ku rup. 26]
Guhahamira amaronko birashobora kunyoha umuntu mu buryo bw’impwemu. Ntureke ngo bigushikire
[Ifoto ku rup. 29]
Kumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina birashobora gushikana ku kurenga ibigo