Niwige Ijambo ry’Imana
Woba ushobora kubaho ibihe bidahera?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Kubera iki tubona ko ubuzima bwacu ari bugufi?
Hari ibinyamasyo bimara imyaka 150, hakaba n’ibiti bimara imyaka 3.000. Tugereranije abantu n’ivyo biremwa, twovuga ko bamara igihe gito cane. Naho ari ukwo, ubuzima bwacu burashobora kugira ico buvuze kuruta ubw’ikinyamasyo canke ubw’igiti. Yehova Imana yaremanye abantu ubushobozi bwo kuryohererwa umuziki, ukwinonora imitsi, ugufungura, ukwiga ibintu, ukugira ingendo, n’ukugenderanira n’abandi. Yarashize mu mitima yacu icipfuzo co kubaho ibihe bidahera.—Soma Umusiguzi 3:11.
2. Twoba vy’ukuri dushobora kubaho ibihe bidahera?
Yehova abaho ibihe bidahera. Ntapfa. Kubera ko ari we Sôko ry’ubuzima, arashobora gutuma n’abandi babaho ibihe vyose. (Zaburi 36:9; Habakuki 1:12) Vyongeye, yarasezeranye ko azoha ubuzima budahera abo bose bamugamburukira. Azokuraho ubusaza, abantu basubire itoto.—Soma Yobu 33:24, 25; Yesaya 25:8; 33:24.
Ibikorwa vy’ububasha Yezu yakoze vyarerekanye yuko dushobora kwizigira umuhango Imana yatanze wo gutuma abantu babaho ibihe bidahera bafise amagara atagira agahaze. Yezu yarakijije indwara z’ubwoko bwinshi, mbere arazura n’abantu bari bapfuye.—Soma Luka 7:11-15, 18, 19, 22.
3. Ni ryari abantu bazobaho ibihe bidahera?
Imana yipfuza ko tubaho ibihe bidahera, tutaba mw’isi yuzuye ubukozi bw’ikibi n’agahahazo, ahubwo tuba mw’isi y’Iparadizo. Yipfuza ko twumva dutekaniwe. (Zaburi 37:9, 29; Yesaya 65:21, 22) Igihe isi izoba iriko irasubira kuba Iparadizo, abantu amamiliyoni bapfuye bazosubira kuba bazima. Abazohitamwo gusenga Imana no kuyumvira bazoca biberaho ibihe bidahera.—Soma Luka 23:42, 43; Yohani 5:28, 29.
4. Dushobora gute kuronka ubuzima budahera?
Imana ni yo yonyene ishobora kuturonsa ubwo buzima butagira iherezo. Vyoba vyiza rero tuyiyegereje mu kumenya ibiyerekeye. Kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana, Bibiliya ibigereranya n’ukwigaburira. (Matayo 4:4) Gufungura biraryoshe, mugabo kurondera ibifungurwa no kubitegura bisaba akigoro. Kwigaburira mu vy’Imana na vyo nyene bisaba akigoro. Ariko naho bisaba akigoro, hari ikintu none cotugirira akamaro coza kiruta ukwiyegereza Imana n’ukwironkera ubuzima budahera?—Soma Luka 13:23, 24; Yohani 6:27; 17:3.