ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/7 rup. 7
  • Hoba hariho idini wokwizigira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hariho idini wokwizigira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Nomenya gute idini ry’ukuri?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Kubera iki wosuzuma idini?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/7 rup. 7

Hoba hariho idini wokwizigira?

Nimba hari idini ryakuvunye umutima, hari aho vyokugora kwizigira idini na rimwe. Ariko ico womenya co ni uko hariho idini ushobora kwizigira. Igihe Yezu yari kw’isi, yaratororokanije abayoboke b’abizigirwa, arabigisha kubaho bisunga ivyo Imana isaba. N’ubu haracariho abayoboke nyakuri ba Kristu bihatira kubaho rukirisu. None wobamenya gute?

Umwe Estelle yavugwa mu kiganiro kimwe c’imbere y’iki, avuga ati: “Nahavuye ntangura kumenya ivyo Bibiliya yigisha igihe natangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Sinatevye gutahura ibivugwa muri Yohani 8:32, ahagira hati: ‘Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.’ ”

N’umwe Ray twavuga, agira ati: “Kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova vyaratumye menya ko Imana atari yo yobazwa imibabaro ishikira abantu. Narahimbawe cane igihe natahura ko hari imvo zumvikana zatumye Imana ireka ubukozi bw’ikibi bukabandanya gushika ubu kandi ko isezerana kuzobukuraho vuba.”

Birumvikana yuko bitoroshe gukora ibibereye mw’isi aho usanga abantu benshi bitaho buhoro ivyo kwigenza neza. Ariko birashoboka. Hari abantu benshi bipfuza uwobafasha gutahura ivyo Bibiliya yigisha no kubishira mu ngiro. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bafasha abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kwiga Bibiliya babasanze ku mihana yabo kandi ku buntu. Buri ndwi, abantu ibihumbi bariga ivyo Bibiliya yigisha. Ivyo bituma biyegereza Umuremyi wabo kandi bakarushiriza guhimbarwa mu buzima.a

Ubona gute ubajije Ivyabona vya Yehova igituma bizigira idini barimwo?

Niwasubira kubonana n’Ivyabona vya Yehova, ubona gute ubabajije igituma bizigira idini barimwo? Nusuzume ivyo bigisha be n’ukuntu bigenza, uheze wirabire nimba hariho idini ushobora kwizigira.

a Nimba wipfuza kumenya n’ibindi, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika