ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/11 rup. 6
  • Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ikintu ca 2: Abanyakibi bababarizwa mu muriro udahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Umuriro Udahera Urabaho Koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Umuriro Udahera Iyo Nyigisho Vyayigendeye Gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Umuriro Udahera Uriho Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/11 rup. 6

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongwe

IVYO BENSHI BEMERA

“Ababa barakoze igicumuro co kubicisha, bakimara gupfa imitima yabo ica imanuka mu muriro w’i kuzimu, aho ironkera igihano c’i kuzimu, ni ukuvuga ‘umuriro udahera.’ ” (Catechism of the Catholic Church) Indongozi z’amadini zimwezimwe zivuga yuko abari mu muriro udahera batandukanijwe rwose n’Imana.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO

Bibiliya ivuga iti: “Umuntu acumura ni we azopfa.” (Ezekiyeli 18:4) Ivuga kandi yuko abapfuye “[ata] co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Urabona ko igihano c’umucumuzi ari urupfu, atari ukubabarizwa mu muriro. Vyongeye, nimba abapfuye ata co bazi, wumva none umuriro udahera wobababaza gute canke ngo bababazwe n’ukuba baratandukanijwe n’Imana ibihe bidahera?

Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo n’iry’ikigiriki akunze guhindurwa ngo “i kuzimu,” mu vy’ukuri asobanura imva y’abantu bose. Nk’akarorero, igihe Yobu yari asinzikajwe n’indwara, yasenze ati: “Icompa ukampisha i kuzimu.” (Yobu 14:13, Bibiliya Yera) Ico gihe Yobu yipfuza kuruhukira mu mva, ntiyipfuza kuja ahantu ho kubabarizwa canke ho gutandukanywa n’Imana.

IGITUMA BIHAMBAYE

Imana ruburakigongwe ntidushobora kuyikunda; ahubwo twoyica kure. Rocío wo muri Megizike avuga ati: “Nigishijwe umuriro udahera kuva nkiri umwana. Vyarantera ubwoba cane ku buryo ntashobora kwiyumvira ko Imana ifise kamere nziza n’imwe. Nabona ko yama yarakaye kandi ko ata we yihanganira.”

Ivyo Bibiliya ivuga mu buryo butomoye ku bijanye n’ibihano Imana itanga be n’ukuntu abapfuye bamerewe, vyarahinduye ukuntu Rocío yabona Imana. Avuga ati: “Naciye numva umengo ndabohowe, mera nk’aho ndemuruwe umutwaro nari nikoreye. Naciye ntangura kwemera ko Imana itwipfuriza ivyiza, ko idukunda kandi ko nanje nshobora kuyikunda. Imana imeze nka sebibondo afata ukuboko abana biwe kandi abipfuriza ivyiza.”—Yesaya 41:13.

Abantu benshi barihatira gukora ibigororotse kubera batinya umuriro udahera, ariko Imana ntishaka ko uyikorera kubera igutera ubwoba. Ahubwo Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe.” (Mariko 12:29, 30) Vyongeye, iyo tumenye ko Imana itarenganya, birashobora gutuma twizigira ko n’ibihano izotanga muri kazoza bitazobamwo akarenganyo. Nka kumwe kwa Elihu wa mugenzi wa Yobu, turashobora kuvuga ata mazinda duti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya.”​—Yobu 34:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika