ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/12 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Imana yoba izoshiraho intwaro izoganza isi yose?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ku bijanye n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/12 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki Kristu azogaruka?

Imbere y’uko Yezu Kristu aduga mw’ijuru mu mwaka wa 33 mu gihe cacu, yasezeranye ko yogarutse. Yigereranije n’umuntu wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo, maze haciye igihe kirekire agaruka afise ububasha bwo kuganza ari umwami. Yezu azogaruka kugira ngo aronse abantu intwaro nziza.​—Soma Luka 19:11, 12.

Yezu azozanira abantu intwaro nziza

None Kristu azogaruka afise umubiri umeze gute? Yazuwe afise umubiri utaboneka. (1 Petero 3:18) Yaciye aduga mw’ijuru, yicara iburyo bw’Imana. (Zaburi 110:1) Haciye igihe kitari gito, Yezu yararengutse imbere ya Yehova Imana, “Umwe wa kera mu misi,” na we aca aha Yezu ububasha bwo kuganza umuryango w’abantu. Yezu rero ntagaruka ari umuntu, ahubwo agaruka ari Umwami akomeye ataboneka.​—Soma Daniyeli 7:13, 14.

Yezu azokora iki niyagaruka?

Yezu niyagaruka mu buryo butaboneka ari kumwe n’abamarayika biwe, azocira urubanza abantu. Azotikiza ababisha mugabo abemera kuganzwa na we abahe ubuzima budahera.​—Soma Matayo 25:31-33, 46.

Intwaro ya Yezu izotuma isi ihinduka Iparadizo. Azozura abapfuye kugira ngo bibere muri iyo si y’iparadizo.​—Soma Luka 23:42, 43.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba urupapuro rwa 73-85 muri iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika