ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/4 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/4 rup. 16
Ukuboko kwa Yezu kuriko guhanagura isi n’igitambara

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Yezu azokora iki muri kazoza?

Mu mwaka wa 33 Inyuma ya Kristu, Yezu yarapfuye, arazuka mu bapfuye maze yurira mw’ijuru. Mu nyuma yarahawe ububasha bwo gutegeka ari Umwami. (Daniyeli 7:13, 14) Muri kazoza, Umwami Yezu azogira ico akoze kugira azane amahoro kw’isi yongere akureho ubukene.​—Soma Zaburi 72:7, 8, 13.

Umwami Yezu azohanagura ibibi vyose kw’isi

Yezu azokora ibintu vyiza igitangaza kuko azoba ari we Mutegetsi w’abantu. Azokoresha ububasha Se yamuhaye kugira atume abantu basubira kuba abatunganye. Bazokwibera kw’isi ata kwigera basaza canke ngo bapfe.​—Soma Yohani 5:26-29; 1 Abakorinto 15:25, 26.

Yezu ariko akora iki ubu?

Yezu ubu ariko arayobora igikorwa co kwamamaza abayoboke biwe b’ukuri barangura kw’isi yose. Baragendera abantu kugira babereke ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Yezu yavuze ko yobandanije gushigikira igikorwa c’abigishwa biwe gushika Ubwami bw’Imana bukuyeho intwaro z’abantu.​—Soma Matayo 24:14; 28:19, 20.

Biciye kw’ishengero ry’ukuri rya gikirisu, Yezu ariko aratuma abantu babaho mu buryo bwiza kuruta. Azobandanya kubayobora igihe iyi si mbi izokurwaho maze binjire mw’isi nshasha Imana yasezeranye.​—Soma 2 Petero 3:7, 13; Ivyahishuwe 7:17.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 8 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika