ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/8 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Womenya gute abasenga mu kuri?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ni ibiki bizoshikira amadini?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Womenya gute ugusenga kw’ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/8 rup. 16
Ivyabona vya Yehova bava mu bwoko butandukanye bari kumwe mu Ngoro y’Ubwami

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?

Nimba wumviriza amakuru yo hirya no hino kw’isi, ushobora kuba umaze kubona ko rimwe na rimwe abantu bakora amabi bitwaje idini. Amadini yose ntashimwa n’Imana y’ukuri. (Matayo 7:15) Kukaba nkako, abantu benshi barazimiye.​—Soma 1 Yohani 5:19.

Naho ari ukwo, Imana irabona abantu b’umutima utagira uburyarya bakunda ukuri n’iciza. (Yohani 4:23) Imana iriko iratera akamo abantu mwene abo ngo bige ukuri kwo mw’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Soma 1 Timoteyo 2:3-5.

None ushobora gute kumenya idini ry’ukuri?

Yehova Imana ariko aratuma abantu bavuye mu madini atandukanye bunga ubumwe mu kubigisha ukuri no gukundana. (Mika 4:2, 3) Ku bw’ivyo, abari mw’idini ry’ukuri urashobora kubamenyera ku kuntu bitwararikana.​—Soma Yohani 13:35.

Yehova Imana ariko aratuma abantu b’ubwoko bwose bunga ubumwe biciye ku gusenga kw’ukuri.​—Zaburi 133:1

Abasenga Imana mu buryo yemera bashingira ukwizera kwabo kuri Bibiliya kandi bakabaho bayisunga. (2 Timoteyo 3:16) Vyongeye, baratera iteka izina ry’Imana. (Zaburi 83:18) Ikindi kandi, barigisha abandi ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira. (Daniyeli 2:44) Cokimwe na Yezu, barareka ‘umuco ukaka’ mu gukorera abandi ivyiza. (Matayo 5:16) Abakirisu b’ukuri bashobora rero kumenyekanira ku kuntu bitaho abandi mu kubagendera kugira bababwire inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—Soma Matayo 24:14; Ivyakozwe 5:42; 20:20.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 15 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika