IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | YEZU ARAKIZA—ADUKIZA IKI?
Icibutso c’urupfu rwa yezu kizoba ryari kandi kizobera he?
Buca Yezu apfa, yarategetse abigishwa biwe kwibuka ikimazi yagira atange. Yababwiye ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”—Luka 22:19.
Muri uyu mwaka, Icibutso c’urupfu rwa Yezu kizohimbazwa ku wa gatanu igenekerezo rya 3 Ndamukiza, 2015, izuba rirenze. Ivyabona vya Yehova baragutumiye wewe n’umuryango wawe ngo muzoze kwumviriza insiguro izokwerekana igituma urupfu rwa Yezu ruhambaye cane n’ico rwokumarira.