ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 4 rup. 8
  • Igituma Bibiliya yarokotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Bibiliya yarokotse
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Inkuru ukwiye kumenya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Ubona gute Bibiliya?
    Ubona gute Bibiliya?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 4 rup. 8
Umugabo ariko arasoma Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Igituma Bibiliya yarokotse

Bibiliya yararokotse. Ni co gituma ushobora kuyironka ukayisoma. Iyo rero uhisemwo iyahinduwe neza, uyisoma ata makenga ufise y’uko igisomwa cayo gihuje n’ico mu ntango.a Nk’uko twabibonye, Bibiliya yarashobora kubora, yararwanijwe cane kandi hari abagerageje kuyigoreka. Ariko yararokotse, kandi kenshi irokoka mu buryo butangaje cane. Wibaza ko ari kubera iki? Ico gitabu gitandukaniye he n’ibindi?

“Ubu ndazi neza ko Bibiliya mfise ari ingabire y’Imana”

Abantu benshi biga Bibiliya barashitse ku ciyumviro intumwa Paulo yashitseko, uwanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Babona yuko yarokotse kubera ko ari yo itekeye ijambo ry’Imana no kubera ko Imana ari yo yayizigamye gushika uno musi. Faizal, umwe twavuga mu kiganiro ca mbere, yahavuye afata ingingo yo kuvyitohoreza mu kwiga Bibiliya. Ivyo yabonye vyaramutangaje. Ntiyatevye kumenya ko nyinshi mu nyigisho zo mu madini y’abiyita abakirisu zidahuye n’izo muri Bibiliya. Yarakozwe ku mutima kandi n’umugambi Imana ifitiye isi uvugwa muri Bibiliya.

Avuga ati: “Ubu ndazi neza ko Bibiliya mfise ari ingabire y’Imana. Nakare, nimba Imana yarashoboye kurema ibiriho vyose, kuduha igitabu cayo no kukituzigamira ni vyo vyoyinanira? Kutavyemera ni nko kuvuga yuko ububasha bwa Mushoboravyose buri n’aho bugarukira! None jewe ndi iki aho nokwiyumvira ko ububasha bw’Imana bufise akarimbi?”​—Yesaya 40:8.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Wohitamwo gute impinduro nziza ya Bibiliya?” mu nomero y’iki kinyamakuru yo ku wa 1 Rusama 2008.

Twemezwa n’iki ko Bibiliya ari iy’ukuri?

Ibi biganiro vyasiguye ingene Bibiliya yazigamwe. None ni igiki cokwemeza ko atari igitabu c’imigani ahubwo ko ari “ijambo ry’Imana” vy’ukuri? (1 Abatesalonika 2:13) Raba akavidewo kavuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? munsi y’icigwa ca 3 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana kuri jw.org. (Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITATU N’UDUTABU)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika