ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 6 rup. 3
  • Ivyo abantu bibaza ku baba mu karere k’impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo abantu bibaza ku baba mu karere k’impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ijuru ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya irahishura ababa mw’ijuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Imana yarerekanye ivyo mu karere k’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?
    Woba ufise umutima w’ubwenge udapfa?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 6 rup. 3
Ijuru risa n’ubururu be n’ibicu

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI BANDE BABA MW’IJURU?

Ivyo abantu bibaza ku baba mu karere k’impwemu

Woba urigera wibaza ibijanye n’akarere k’impwemu be n’abakabamwo? Nimba umaze kuvyibaza, uri mu bandi. Haraheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi abantu batanga ivyiyumviro bitandukanye kuri ico kibazo. Bamwe biyumvira ko akarere k’impwemu kabamwo aba kera dutegerezwa kwubaha cane. Abandi babona ko ari ahantu h’agahimbare n’itekane ntangere bita mw’ijuru, ngo haba abamarayika be n’abantu beza bapfuye. Abandi na bo babona ko ari ahantu haba imana amamiliyoni n’amamiliyoni.

Abantu benshi bivugira yuko ata na kimwe dushobora kumenya ku bijanye n’akarere k’impwemu ngo kubera ko ata wavuyeyo kugira atwiganire ivyaho. Ariko rero, ico ciyumviro si co. Imbere y’uko Yezu Kristu aza kw’isi, yaba mw’ijuru, kakaba ari akarere k’impwemu. Ivyo ni vyo yabwiye indongozi z’amadini zo mu kinjana ca mbere atarya umunwa, ati: “Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.” Igihe rero Yezu yabwira intumwa ziwe ngo “mu nzu ya Dawe hariho aho kuba henshi,” yariko ababwira ivyo azi.​—Yohani 6:38; 14:2.

Se wa Yezu ni Imana, na yo ikaba yitwa Yehova. Vyongeye, “inzu” ya Yehova iri mw’ijuru. (Zaburi 83:18) Ni co gituma ata wodondora neza akarere k’impwemu kuruta Yehova Imana na Yezu Kristu. Ibintu bitangaje bahishuriye abantu b’abizigirwa, biraduha amakuru menshi atuma tumenya ibijanye n’akarere k’impwemu.

Mu kiganiro gikurikira, turihweza inkuru zo muri Bibiliya zivuga ibintu bitandukanye abantu beretswe. Uko turimbura izo nkuru, uraguma wibuka ko ivyo mu karere k’impwemu atari ibintu bifadika, ni ukuvuga ivyo dushobora kubona n’amaso canke gukorakora. Ni co gituma Imana yadusiguriye ivyo mw’ijuru ikoresheje imvugo dushobora gutahura, aho gukoresha imvugo zotahurwa n’ibiremwa vy’impwemu gusa. Ivyo nya bantu beretswe, biraza kugufasha kumenya ababa muri ako karere k’impwemu karimwo “aho kuba henshi.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika