ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 5 rup. 4-5
  • Ukuri ku bijanye n’abamarayika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri ku bijanye n’abamarayika
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika
    Be maso!—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 5 rup. 4-5
Wa mumarayika mukuru hamwe n’abandi bamarayika amamiliyaridi

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Ukuri ku bijanye n’abamarayika

Woba wipfuza kumenya ukuri ku bijanye n’abamarayika, ukamenya abo ari bo, ukuntu babayeho be n’ivyo bakora? Nta handi tworonderera inyishu hoza haruta mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) None Bibiliya ibivugako iki?

  • Cokimwe n’Imana, abamarayika na bo nyene ni impwemu zitaboneka, kuko “[ba]tagira inyama n’amagufa.” Abamarayika b’abizigirwa baba mw’ijuru kandi barishikira imbere y’Imana.​—Luka 24:39; Matayo 18:10; Yohani 4:24.

  • Rimwe na rimwe, abamarayika bariyambitse umubiri w’abantu kugira bakore igikorwa Imana yaba ibatumye kw’isi, bagihejeje bagaca biyambura uwo mubiri w’abantu.​—Abacamanza 6:11-23; 13:15-20.

  • Naho muri Bibiliya abamarayika bavugwa ari abagabo kandi bakama biyambika imibiri y’abagabo, muri bo nta mugabo canke umugore. Ntibubaka izabo canke ngo barondoke. Vyongeye, abamarayika si abantu babanje kuba ng’aha kw’isi, bagapfa ari utuyoya, ari abana canke bakuze. Abamarayika baremwe na Yehova. Ni co gituma Bibiliya ibita “abana b’Imana y’ukuri.”​—Yobu 1:6; Zaburi 148:2, 5.

  • Bibiliya iravuga ibijanye n’“indimi z’abantu n’iz’abamarayika.” Ivyo bitwereka ko ibiremwa vy’impwemu bifise ururimi n’imvugo bikoresha. Naho Imana yakoresheje abamarayika mu gushikiriza abantu ubutumwa bwayo, ntiyemera ko dusenga abamarayika.​—1 Abakorinto 13:1; Ivyahishuwe 22:8, 9.

  • Hari abamarayika ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo, kumbure bakaba ari amamiliyaridi n’ayandi.a​—Daniyeli 7:10; Ivyahishuwe 5:11.

  • Abamarayika “[bara]komeye mu bubasha.” Nta ho bahuriye n’abantu kandi barafise ubwenge burengeye cane ubwo dufise. Barashobora kugenda ku muvuduko udasanzwe, uruta kure n’iyo uwo dushobora kwiyumvira.​—Zaburi 103:20; Daniyeli 9:20-23.

  • Naho abamarayika bafise ubwenge bwinshi n’inkomezi nyinshi, barafise ivyo badashoboye be n’ivyo batazi.​—Matayo 24:36; 1 Petero 1:12.

  • Umumarayika wese yaremwe ameze ukwiwe, aremanwa kamere z’Imana be n’ububasha bwo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, cokimwe n’abantu, abamarayika barashobora kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi. Ikibabaje ni uko bamwe mu bamarayika bahisemwo kugarariza Imana.​—Yuda 6.

a Mu kigiriki co mu ntango, imvugo yakoreshejwe mu Vyahishuwe 5:11 itanga iciyumviro c’“ibihumbi mirongo incuro ibihumbi mirongo.” Birashoboka rero ko hari ibiremwa vy’impwemu imiliyoni ibihumbi amajana, ni ukuvuga amamiliyaridi n’amamiliyaridi!

Abamarayika b’Imana batunganijwe gute?

Umumarayika mukuru ari we Mikaheli, ni we aruta abandi mu nkomezi no mu bukuru. Ivyanditswe biratomora ko Mikaheli ari irindi zina rya Yezu Kristu.​—1 Abatesalonika 4:16; Yuda 9.

Abaserafi bafise ikibanza co hejuru cane, uravye uduteka n’icubahiro bafise. Vyongeye, barangurira igikorwa cabo iruhande y’intebe y’Ubwami y’Imana.​—Yesaya 6:1-3.

Abakerubi na bo nyene bafise ikibanza co hejuru be n’amabanga adasanzwe, afitaniye isano rya hafi n’ubuninahazwa bwa Mushoboravyose. Akenshi baboneka bariko bamukorera ari abishikira.​—Itanguriro 3:24; Ezekiyeli 9:3; 11:22.

Abandi bamarayika ibihumbi n’ibihumbi b’intwarabutumwa ni abakozi ba Musumbavyose bakaba n’ivyariho vyiwe mu gushitsa ivyo agomba.b​—Abaheburayo 1:7, 14.

b Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’abamarayika, raba ikigabane ca 10 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? be n’inyongera bijanye ivuga ngo “Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?” casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika