Inyigisho za Bibiliya Zimbukamwo Abigishwa
1 “Ikimbuza kubatizwa n’iki?” ni ko inkone y’umunyetiyopiya yabajije Filipo, uwari ‘yamumenyesheje inkuru nziza yerekeye Yezu.’ (Ivyak. 8:27-39) Iyo nkone yari imaze kwiyumvamwo ugukunda ivyanditswe bihumekano vy’Imana, kandi inyuma y’ukuronka imfashanyo yo mu vy’impwemu ya Filipo, yari igabirije gucika umwigishwa. Mugabo abantu bose ntibaranyurwa n’ivy’uko bakeneye gutohoza Ivyanditswe bo nyene ubwabo.
2 Nako tugahirwa, iyungungane rya Yehova ryaraturonkeje iboroshire nshasha ifise umutwe uvuga ngo Un livre pour tous (Igitabu Candikiwe Abantu Bose), isaba abantu gutohoza ubutumwa bwa Bibiliya bw’iki gihe cacu. Ibiri muri yo bikwiye gukwegēra abantu b’inziraburyarya, kumbure bize amashure, ariko batazi vyinshi kuri Bibiliya. Ico gikoresho c’agatangaza categuwe kugirango kibahe icipfuzo co kwicarira ico gitabu.
3 Igihe twanzitse inyigisho ya Bibiliya, vyotubera ngirakimazi dusubiyemwo amagîrenama y’igitangaza yasohowe mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1996, yerekana uburyo bw’ukurongora inyigisho zimbuka dufashijwe n’igitabu Ubumenyi. Mu gihe c’iyo nyigisho, nitwiteho iterambere ry’uwo muntu kugirango dushishoze imice ikwiye gushirwako umutima birushirije. Nitumuremeshe yitegure imbere y’igihe kandi arabe imirongo ya Bibiliya. Inyishu atunganya mu majambo yiwe bwite zishobora kubonekesha ugukenguruka ukuri bigera kure. Mu bisanzwe, abasoma ibindi bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe bakongera bakarorēra amakoraniro badahorereza, baragira iterambere ryihuta. Nituremeshe uwo muntu avuge hirya no hino ivyo ariko yiga. Nitumwereke n’ubuntu ico akwiye gukora kugirango atere imbere mu vy’impwemu. Ntitwokwigana ubudaheza n’abantu badafata ingingo. Abatohoji bakwiye kwibwiriza ivy’ukwiga, kugira impagararo ihamye ku vyerekeye ukuri n’ivy’ugutera imbere bagana ku kwiyegurira Imana no kw ibatisimu.
4 Mu ngo zimwezimwe, hariho inyigisho za Bibiliya zirenga imwe, kubera yuko abagize urugo batari bake biga umwumwe ukwiwe. Ariko rero mu bihe nka vyose, kurongora inyigisho y’urugo vyoba vyiza kuruta, kubera yuko ivyo bituma urugo rwunga ubumwe mu vy’impwemu.
5 Yezu atubwiriza guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19) Kubera ico, dukwiye kurongora inyigisho zikabura abantu ngo batere imbere gushika aho babaza, bati “Ikimbuza kubatizwa n’iki?”