Turigishwa na Yehova
1 Biyobowe n’Imana, porogarama yo kwigisha kw’isi yose ubu iriko iragirwa mu bihugu 233. Nta kintu na kimwe iyi si ifise yotanga gishobora kugereranywa n’iyo porogarama. Umwigisha wacu Mukuru, Yehova, ariko aratwigisha ibitugirira ikimazi ubu, mu gihe kandi anatwigisha ngo tuzogire ubuzima budahera.—Yes. 30:20; 48:17.
2 Amashure Yigisha ivy’Imana: Rimbura amashure ahari muri iki gihe ku bw’inyungu y’abasavyi ba Yehova. Rya Shure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, irirongorwa indwi ku ndwi mu mashengero nk’87 000, riramenyereza abamamaji b’Ubwami amamiliyoni kuba abakenuzi kirumara b’inkuru nziza. Woba wararyiyandikishijemwo? Woba uri muri ba bantu ibihumbi n’ibihumbi bitavye rya Shure ry’Umurimo w’Abatsimvyi rimara indwi zibiri? Kumbure kwa kugerurwa kw’amasaha abatsimvyi b’intahorereza basabwa kuzotuma abantu benshi bashobora gukora ubutsimvyi maze bagakwiza ibisabwa kugira bitabe iryo shure. Rya Shure Rimenyereza Abakenuzi rimara amezi abiri, ubu rikaba rirongorwa mu ndimi nkurunkuru hirya no hino kw’isi, ririko rirafasha abakurambere n’abakozi b’ishengero batarubaka kuronka ibikenewe kugira ngo bashingwe amabanga yiyongereye ya gitewokarasi. Uko hashira igihe, abakurambere be n’abakozi b’ishengero bose bararonka inyigisho zidasanzwe muri rya Shure ry’Igikenurwa c’Ubwami.
3 Inyubakwa zo kw’Iyigishirizo rya Watchtower i Patterson muri New York, ziriko ziragirirwamwo amashure adasanzwe atatu amenyereza mu vya gitewokarasi. Ivyigwa bimara amezi atanu vya rya Shure ry’Ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi bitegura abakenuzi ku bw’igikorwa c’ubumisiyonari bakorera mu mahanga. Abagize Amakomite y’Ishami baturuka hirya no hino kw’isi baritaba ivyigwa bimara amezi abiri vyerekeye iyungunganywa ry’amashami. Mu kwa Rusama mu 1999, ivyigwa bishasha bimara amezi abiri bigenewe abacungezi b’ingenzi vyatanguranye n’isomero ririmwo abigishwa 48 baturuka muri Reta Zunze Ubumwe no muri Kanada. Abasavyi ba Yehova bose baraheza bakungukira cane kuri ukwo kumenyerezwa na we biciye kuri ayo mashure anyuranye.
4 Kubera Iki Twigishwa? Hari umwe mu bagize Inama Nyobozi yavuze ati: “Porogarama y’inyigisho iriho ubu igenewe gutuma abasavyi ba Yehova bose aho boba bari hose bashika ku kuba abantu bahumuye, mu buryo budondorwa mu Migani 1:1-4.” Yehova nabandanye guha umwe wese muri twebwe “ururimi rw’abigishwa.”—Yes. 50:4.