ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/99 rup. 4
  • Nukoreshe Neza Umwanya Wawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe Neza Umwanya Wawe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Nube kirumara mu busuku urangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 6/99 rup. 4

Nukoreshe Neza Umwanya Wawe

1 Twese indwi yose tuba dufise umwanya ungana. Igihimba cawo duhebera ugukwiragiza inkuru nziza ni ic’agaciro bidasanzwe kubera yuko ari umwanya tuba tumaze mu gikorwa co kurokora ubuzima. (Rom. 1:16) Twerekana ko ivyo tubikenguruka mu kwitegurira neza umurimo wateganijwe, tugashika ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro ku gihe, kandi tugaca tuja mu karere tudatevye. Dukwiye kuba turiko turamamaza inkuru nziza aho gutebera kuri mwene ayo makoraniro. Kubera ko Yehova yatwigishije yuko “ikintu cose cashingiwe igihe caco,” birakenewe ko vy’ukuri dukoresha neza umwanya twageneye igikenurwa.—Umus. 3:1.

2 Nukoreshe n’Ubukerebutsi Umwanya Wawe: Hari imihezagiro myinshi turonka igihe twumira ku rutonde rutuma dushobora kugira uruhara mu gikenurwa co mu ndimiro tudahorereza. Mu bisanzwe, ibintu vyiza dushikako mu gikenurwa bikwiye kuba bihuye n’umwanya tumara muri uwo murimo. Hagize utwo duhindura mu bikorwa vyacu vya misi yose, twoba dushobora guhebera umurimo wo mu ndimiro umwanya munini gusumba? Nk’akarorero, turangije umurimo wo gushikiriza ibinyamakuru ku wa Gatandatu, twoba dushobora gufata akandi kanya ko gusubira kugendera abantu bakeyi? Mu gihe tumaze umwanya mutoyi mu gikenurwa co mu ndimiro ku w’Iyinga, twoshobora kumara akandi kanya dusubira kugendera abantu canke tuyobora inyigisho ya Bibiliya? Vyoba bishoboka ko igikenurwa turangura inzu ku nzu tucuhiriza ugushinga intahe mw’ibarabara? Muri ubwo buryo canke mu bundi, kumbure twoshobora kuryohora umurimo wacu.

3 Igihe turi mu gikenurwa, turashobora gutakaza umwanya w’agaciro tutabaye maso. Birumvikana, igihe ijuru rimeze nabi, akaruhuko kagufi karashobora kutugarurira agatege kandi kakadufasha kubandanya. Ariko rero uragira uburimbane, kubera yuko utwo turuhuko dushobora kuba tudakenewe igihe cose.

4 Muri iyi myaka iheruka, gusanga abantu i muhira vyagumye birushiriza kugorana. Kugira ngo abamamaji benshi ivyo babitorere umuti, bashinga intahe inzu ku yindi mu bihe bitandukanye vy’umusi. Ubwo none aho bishoboka ntiwogerageza gushinga intahe bugorovye canke bugiye kwira?

5 Vyoba vyiza kuruta tutagiye mu biyago igihe turiko turakorera mw’ibarabara. Ahubwo, nidutandukane maze twegere abantu kugira ngo dutanguze na bo ibiyago. Gutyo umwanya uzokoreshwa mu buryo burushirije kuba kirumara, kandi ico gikorwa tuzokironkeramwo umunezero mwinshi.

6 Ntitugishe Uturyo two Gushinga Intahe: Igihe umuntu bari basanze mu rugo yavuga yuko bitamushimisha, hari Icabona yabajije niba ata wundi muntu ari muri iyo nzu yoshobora kuganiriza. Ivyo vyatumye ayaga na serugo yari amaze imyaka itari mike arwaye kandi igihe kinini akaba yama ari ku musego. Icizigiro kiri mw’Ijambo ry’Imana caratumye asubira gukunda ubuzima. Bukeye kabiri yarakize, yitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami yongera arashikiriza abandi ico cizigiro yari aherutse kwubura!

7 Hari umuvukanyikazi w’umuyabaga yashize mu ngiro inama yo kuja mu murimo wo mu ndimiro mw’isaha y’imbere y’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Ku muryango wa mbere yadodoyeko, yahuye n’umukobwa w’imyaka 13 yamuteze yompi yongera arakira ibisohokayandikiro. Ku musi ukurikira ari kw’ishure, uwo muvukanyikazi akiri muto yarabonye wa mukobwa nyene. Hashize igihe gito, yarasavye uwo mwigeme ko bokwigana Bibiliya, uno na we aremera.

8 Uwo Mwanya Ntimuwupfishe Ubusa: Kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro tudahengeshanya biradufasha gutsimbataza ubuhanga bwacu mu vy’ugushikiriza inkuru nziza. Woba ushobora gutera imbere mu buhanga ufise mu vy’ugutanguza ikiganiro ku rugi mu gukoresha amajambo ntanguzakiyago kirumara kuruta? Woba ushobora gucika umwigisha w’umuhanga kuruta igihe urongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana? Ubigize gutyo, urashobora koko gutuma ukoresha neza umwanya umara mu murimo kandi ugatuma igikenurwa urangura kirushiriza kwimbuka.—1 Tim. 4:16.

9 Kubera yuko ‘igihe gisigaye ari kigufi,’ ubuzima bwacu bukwiye kwuzura ibikorwa vya gikirisu. (1 Kor. 7:29) Guha umwanya umurimo wo kwamamaza inkuru nziza bikwiye kuja hejuru ku rutonde rw’ivyo dushira imbere y’ibindi. Nimuze tugire uruhara mu gikenurwa mu buryo ngirakimazi kandi dushirutse ubute. Umwanya ni ubutunzi bw’akaroruhore Yehova yaduhaye. Nitwame nantaryo tuwukoresha n’ubukerebutsi kandi neza.

[Box on page 4]

Rimbura Izi Nama:

◼ Nushike ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro ku gihe.

◼ Mu buryo bushoboka, imigwi y’abagiye gushinga intahe nigume ari mitomito.

◼ Niwirinde gushika mu karere watevye.

◼ Nukorere mu karere igihe abantu benshi bari i muhira.

◼ Rimwe na rimwe niwikorane niba ata ngorane umuntu yoronka abigize.

◼ Nusubire kugendera abantu baba hafi y’akarere wakoreyemwo inzu ku yindi.

◼ Nugume ukora umurimo mu gihe abandi batevye ku muryango munaka.

◼ Igihe bishoboka hose, bivuye ku kuntu ibintu vyifashe, numare igihe kirenga isaha mu murimo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika