Umwisilamu Uzomubwira Iki?
1 Woba umaze gushinga intahe ku Mwisilamu? Nimba umaze kubigira, kumbure warabonye yuko Abisilamu bafise ubwira bwo kwemera Imana. Ariko rero, bazi bike ku vyerekeye Iparadizo izoza ngaha kw’isi nk’uko vyavuzwe n’abahanuzi batumwe na Yehova, kandi twashaka gusangira na bo ico cizigiro. (1 Tim. 2:3, 4) Ibivuzwe bikurikira bikwiye kugufasha gushinga intahe neza.
2 Abisilamu bemera Allah, canke Imana, kandi bemera yuko Muḥamedi ari umuhanuzi yatumwe n’Imana. Igitabu cabo gitagatifu ni Korowani, hanyuma idini yabo ikitwa Isilamu, bisobanura “ukuyoboka.” Korowani ivuga yuko kubesha no gusenga ibigirwamana ari bibi, yuko Imana ari imwe, kandi yuko Imana atari umuce w’Ubutatu. Vyongeye, irigisha ukudahwera kw’ubugingo, umuriro udahera, n’iparadizo yo mw’ijuru. Abisilamu baremera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ariko bakiyumvira yuko yahinduwe, mu gihe Korowani yo, iyikiri mu rurimi yanditswemwo mu ntango yagumye ari ya yindi.
3 Niwifate Kigenzi, Ugengeze, Kandi Ube Inkerebutsi: Igihe winjije Umwisilamu mu kiyago, niwifate kigenzi kandi ugengeza. (Imig. 25:15) Uribuka yuko ivyo Abisilamu bemera bihamangiye cane, kandi ko vyinshi muri vyo babifashe ku mutwe. Ivyo vyatumye batikomeza mu vy’impwemu mu kuzirikana ku nyigisho z’idini no mu kwiyemeza ivyo Imana igomba ivyo ari vyo. (Rom. 12:2) Kugira dufashe Abisilamu, ukwiyumanganya n’ugutahura ni ivya nkenerwa.—1 Kor. 9:19-23.
4 Uririnda gukoresha imvugo izotuma mu muzirikanyi w’Umwisilamu abona ko usa n’uwo mu madini y’Abitwa Abakirisu. Niwerekane neza ko utari uwo mw’idini y’Abagatolika canke y’Abaporotisanti, yuko utandukanye na bo. Urerekeza kuri Bibiliya uvuga ko ari Igitabu c’Imana. Kubera Abisilamu banka cane imvugo ngo “Umwana w’Imana,” mu bisanzwe biraba vyiza kuruta tutayikoresheje canke ngo tuganire ivy’ico kibazo imbere y’uko haba iterambere mu vy’impwemu. Mugabo, urashobora kuvuga ivyerekeye Yezu, umwita umuhanuzi canke intumwa. Uririnda guharira. Nimba ubonye yuko ishavu ritanguye guseruka, n’uce wigira ubwo nyene n’urupfasoni.
5 Biraba vyiza kuruta tuganiriye n’umuntu umwe gusa ntituganire n’umugwi. Mu bisanzwe, vyoba vyiza abagore bashinze intahe ku bagore, n’abagabo ku bandi. Biraboneka ko bitama ari ukwo, ariko harakwiye gukoreshwa ukubona ibintu neza. Vyongeye, Abisilamu benshi babona ningoga ivyo bafata ko ari inyambaro y’abakenyezi itabereye, n’ukwitunganya kutabereye. Abavukanyikazi bacu bakeneye kumenya ico kintu.—1 Kor. 10:31-33.
6 Ibintu Mwoganira: Nuvuge utarya umunwa ivy’uko Imana ihambaye hamwe n’urukundo rwayo. Ntugonanwe kuvuga ko wemera vy’ukuri yuko Imana ari imwe (atari Ubutatu), kandi yuko gusenga ibigirwamana ari bibi. Nuvuge ivyerekeye ubukozi bw’ikibi buri kw’isi muri kino gihe—intambara, umudugararo, indyane z’amoko, n’uburyarya bwibonekeza mu bantu benshi bo mu madini.
7 Agatabu The Guidance of God—Our Way to Paradise (Ubuyobozi bw’Imana Ni Yo Nzira Izodushikana mw’Iparadizo) kazoguha ubundi bwenge bwerekeye ivyo woshobora gukoresha mu gutanguza ikiyago n’Abisilamu. Kagenewe gukwegera Abisilamu baba ahantu bokwumva bafise umwidegemvyo wo kwiga Bibiliya.
8 Mu kuremesha ikiyago, woshobora nko kuvuga uti:
◼ “Ndagira akigoro kadasanzwe ko kuganira n’Abisilamu. Narasomye ivyerekeye idini ryanyu nkaba nibaza yuko ntoba nihenze mvuze ko Abisilamu bemera Imana imwe y’ukuri be n’abahanuzi bose. [Numureke yishure.] Noshima kuganira nawe ku vyerekeye ubuhanuzi bwa kera bubūra ko isi izohinduka iparadizo. None noshobora kugusomera ivyo umuhanuzi yanditse? [Soma Yesaya 11:6-9.] Ubwo buhanuzi butuma niyumvira amajambo yakuwe muri Korowani ari muri aka gatabu.” Zingurura ku rupapuro rw’9 mu gatabu Guidance of God, maze usome ivyanditse mu ndome zizize, bivuga yuko abantu b’abagororotsi bazoragwa isi. Nimba yerekanye ugushimishwa, nubandanye ikiyago mu kuganira ingingo y’7 gushika ku y’9 ku rupapuro rukurikira. Numusigire ako gatabu, hanyuma muhane isango igihe uzosubirira kumuraba.—Ku vyerekeye ubundi buryo bwo kuremesha ikiyago, raba Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 1998, urupapuro rwa 6, ingingo ya 27.
9 Igihe usavye umuntu kurimbura ibiri mu gatabu Guidance of God, vyoba vyiza kuruta uvyise ikiganiro, ntuvyite inyigisho ya Bibiliya. Nimwaheza ako gatabu, uwo mutohoji akwiye kuba yiteguriye kwiga agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Ibindi bisohokayandikiro vyagenewe Abisilamu ni canecane ya taragiti Le chemin du paradis: Comment le trouver? hamwe na ka gatabu Le temps de la vraie soumission à Dieu.
10 Dufise ubwo bumenyi bw’ivyo Abisilamu bemera tukaba tuzi n’ivyo babona ningoga badakunda, turashobora gutahura ibisohokayandikiro twocagura kubashikiriza be n’uburyo twoshinga intahe kuri bo. Ese Yehova yobandanya ahezagira utwigoro twacu two gusahiriza abantu b’uburyo bwose kwambaza izina ryiwe maze bagakizwa.—Ivyak. 2:21.