ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/00 rup. 1
  • “Gume Muri Maso”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Gume Muri Maso”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • “Mwame Mugavye”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Hahiriwe Abaguma Bari Maso!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Dufashe abantu ‘bikangure bave mw’itiro’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 5/00 rup. 1

“Gume Muri Maso”

1 Amaze kubadondorera ibintu vy’agakura vyoranze imisi y’iherezo y’uru runkwekwe rw’ibintu, Yezu yahimirije abigishwa biwe ‘kuguma bari maso.’ (Mrk. 13:33, NW) Ni kuki Abakirisu bategerezwa kuguma bari maso? Kubera ko tuba mu gihe c’akaga kitigeze kubaho mu nkuru ya kahise k’umuntu. Dutegerezwa kudatura ingiga mu vy’impwemu. Ivyo vyotuviramwo kutaba tugishima igikorwa twahawe na Yehova ngo tugikore muri iki gihe c’iherezo. Ico gikorwa ni ikihe?

2 Yehova ariko aratuma abantu biwe bamamaza kw’isi hose inkuru nziza yerekeye Ubwami bwiwe, bukaba ari bwo cizigiro conyene abantu bakwiye kugira. Gukorana cane n’ishirahamwe ry’Imana bituma tuba Abakirisu baguma bibuka ibihe, bakibuka kandi ko bikenewe yuko abandi bafashwa ngo bumve “amajambo y’ubu[zima] budashira.” (Yoh. 6:68) Tugize uruhara muri ico gikorwa gihambaye kuruta vyose kandi tukabigirana umwete, turatanga ikimenyamenya c’uko turi maso mu vy’impwemu.

3 Turavyurirwa Umutima wo Kwamamaza Inkuru Nziza: Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, twari dukwiye kubona ibintu neza ku biraba igikorwa cacu. Urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu ni rwo rutuma ubwacu tugira uruhara mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. (1 Kor. 9:16, 17) Tubigenjeje gutyo, tuzokwikiza twongere dukize n’abatwumviriza. (1 Tim. 4:16) Nimuze twiyemeze kudahorereza uko bishoboka kwose, mu kugira uruhara kandi tugakora umwanya munini n’ubwira igihe cose bikenewe, mu kwamamaza inkuru nziza yerekeye intwaro nziza kuruta izo abantu boshobora kuronka zose, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana!

4 Ukwihutirwa kw’igikorwa cacu turakwumvishwa n’ikintu kimwe gihambaye, na co ni iyaduka rya ya marushwa ahambaye rizoshika mu kiringo tuzoba tukiriko turarangura ico gikorwa. Kuba tutazi umusi n’isaha bisaba yuko tuguma turi maso kandi twiteguye igihe cose, tukiheka kuri Yehova mw’isengesho. (Ef. 6:18) Urugero rw’uwo murimo wo kwamamaza rubandanya kwaguka. Ariko umusi uri izina ubu bwa vuba, igikorwa co gushinga intahe gisumba ibindi vyose mu nkuru ya kahise k’abantu kizoshika ku gihe c’agaheta.

5 Nukwirikire udahemuka rya bwirizwa rya Yezu ryo ‘kuba maso.’ Ivyo birakenewe rwose muri iki gihe kuruta ikindi gihe cose cigeze kubaho. Ese twovyitaba tuvyihutira! Muri iki gihe, ndetse imisi yose, nimuze tugumane uburimbane mu vy’impwemu, turi maso, kandi turi n’ubwira mu murimo wa Yehova. Egome, “nitw[a]me tugavye kandi twigerere.”—1 Tes. 5:6, UB.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika