ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/3 rup. 15-19
  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI KUBERA IKI IGIKORWA CACU CO KWAMAMAZA CIHUTIRWA?
  • KWAMAMAZA TUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA BISOBANURA IKI?
  • URABA MASO NTUREKE KUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA
  • TUBAYEHO MU BIHE BIHAMBAYE CANE
  • KUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA VYARATUMYE BAGIRA ICO BAKOZE
  • Ingene tworushiriza kubona ko kwamamaza vyihutirwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Twamamaze tuvyihatira!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Niwamamaze rya Jambo . . . Uvyihutira’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/3 rup. 15-19

Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa

“Wamamaze rya jambo, uvyihatire.”​—2 TIM. 4:2.

WOSHOBORA KUBISIGURA?

Ni kubera iki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bamamaza babona ko ibintu vyihutirwa?

Dushobora gute kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa?

Ni kubera iki kwamamaza Ubwami vyihutirwa cane ubu kuruta ikindi gihe cose?

1, 2. Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye n’itegeko ryo kwamamaza tubona ko ibintu vyihutirwa?

ABANTU bakora akazi ko kurokora ubuzima akenshi bakora babona ko ibintu vyihutirwa. Nk’akarorero, abazimyamuriro barihutira kuja iyo babateye akamo babatabaza; baba bazi ko ubuzima bushobora kuba buri mu kaga.

2 Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, twipfuza gufasha abantu kurokoka. Ku bw’ivyo, turafatana uburemere igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko ntiwumve, ntidupfa gukora ibintu gihutihuti. None intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yahanura Timoteyo kwamamaza rya jambo avyihatira, ni ukuvuga abona ko ibintu vyihutirwa? (2 Tim. 4:2) Dushobora gute kwamamaza tubona ko ibintu vyihutirwa? Kandi ni kubera iki igikorwa cacu cihutirwa cane?

NI KUBERA IKI IGIKORWA CACU CO KWAMAMAZA CIHUTIRWA?

3. Hashobora kuvamwo iki igihe abantu bemeye ubutumwa bw’Ubwami canke batabwemeye?

3 Igihe uzirikanye ukuntu igikorwa cacu co kwamamaza gishobora kurokora ubuzima, birashoboka ko uca ubona yuko bikenewe ko wihutira kubwira abandi inkuru nziza. (Rom. 10:13, 14) Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ninabwira umubisha nti: ‘Ntuzobura gupfa,’ na we agahindukira vy’ukuri agaheba igicumuro ciwe, agashishikara ubutungane n’ubugororotsi, . . . ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa. Nta na kimwe mu bicumuro yacumuye kizokwibukwa ngo agihorwe.” (Ezk. 33:14-16) Nkako, Bibiliya ibwira abamamaza ubutumwa bw’Ubwami iti: “Uzokwikiza [ukize] n’abakwumviriza”​—1 Tim. 4:16; Ezk. 3:17-21.

4. Ni kubera iki ubuhuni bwatumye igikorwa co kwamamaza kiba icihutirwa mu kinjana ca mbere?

4 Kugira dutahure igituma Paulo yahimirije Timoteyo kwamamaza abona ko ibintu vyihutirwa, rimbura amajambo amwamwe akikuje icanditswe cacu c’ishimikiro. Dusoma duti: “Wamamaze rya jambo, uvyihatire mu gihe ciza, mu gihe kigoye, ukangire, ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose n’ubuhanga bwo kwigisha. Kuko hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe; kandi bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri.” (2 Tim. 4:2-4) Yezu yari yaravuze yuko hobayeho ubuhuni. (Mat. 13:24, 25, 38) Kubera yuko ubwo buhuni bwari bwegereje, vyarihutirwa ko Timoteyo ‘yamamaza rya jambo’ no mw’ishengero kugira ngo abakirisu ntibazimizwe n’inyigisho z’ikinyoma zikwegakwega. Ubuzima bwari mu kaga. Tuvuge iki muri iki gihe?

5, 6. Ni ivyiyumviro bikwiragiye hose ibihe twoshobora kwumva igihe turi mu busuku?

5 Ubuhuni bwarongerekanye bwongera burakwiragira. (2 Tes. 2:3, 8) Ni inyigisho izihe zagaza amatwi y’abantu muri iki gihe? Mu mihingo myinshi, abantu barigisha ivy’ihindagurika babigiranye ishaka nka rirya nyene bagirira idini ryabo. Naho nyene inyigisho y’ivy’ihindagurika ikunda gusigurwa hishimikijwe siyansi, isigaye ari nk’idini, ikaba igira ico ikoze ku kuntu abantu babona Imana n’bandi bantu. Iyindi nyigisho ikwiragiye hose ni iy’uko ngo Imana ititaho ivy’abantu, bikaba rero bidakenewe ko na bo bitaho ivyayo. Ni kubera iki abantu amamiliyoni bumviriza izo nyigisho zituma basinzira mu buryo bw’impwemu? Zompi zirimwo ubutumwa bugira buti: ‘Urashobora gukora ikintu cose wipfuza kubera ko ata co uzobazwa.’ Emwe, ubwo ni ubutumwa bwagaza amatwi y’abantu benshi.​—Soma Zaburi 10:4.

6 Mugabo hariho ubundi buryo abantu bagazwa amatwi. Bamwebamwe mu bakija gusenga, usanga bahimbarwa no kuba bafise abigisha bababwira bati: ‘Ico wokora cose, Imana iragukunda.’ Abapatiri n’abapasitori baragaza amatwi y’abandi bantu mu kubemeza yuko ibirori, imisa, imisi mikuru be n’ibishusho, bituma Imana ibahezagira. Abo bayoboke b’amadini ntibatahura na gato yuko bari mu kaga. (Zab. 115:4-8) Yamara, igihe dushoboye kubakangura mu buryo bw’impwemu ku buryo batahura ubutumwa nyakuri bwo muri Bibiliya, barashobora kwungukira ku Bwami bw’Imana.

KWAMAMAZA TUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA BISOBANURA IKI?

7. Twokwerekana dute yuko tubona ko ibintu vyihutirwa?

7 Umuganga abaga yitwararika ibintu ategerezwa kwitunira ku gikorwa ciwe kubera ko ubuzima buba buri mu kaga. Mu busuku twebwe abakirisu turangura, turashobora kwerekana ko tubona yuko ibintu vyihutirwa mu kwitunira ku gikorwa cacu, nk’akarorero mu kwiyumvira ibintu, ibibazo canke amakuru vyoshimisha abantu duhura. Kubona ko ibintu vyihutirwa vyoshobora kandi gutuma duhindura urutonde rwacu kugira ngo tugendere abantu igihe biba bishoboka ko batwakira.​—Rom. 1:15, 16; 1 Tim. 4:16.

8. Kubona ko ibintu vyihutirwa usanga bisaba iki?

8 Kubona ko ibintu vyihutirwa bisaba kandi ko ushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi. (Soma Itanguriro 19:15.) Nk’akarorero, dufate yuko umaze kuronka inyishu z’ibipimo wagirishije maze umuganga wawe akaguhamagara mu biro vyiwe hanyuma akakubwira ashimitse ati: “Urabona ko ivyawe vyihutirwa. Usigaje ukwezi kumwe kutarenga kugira ngo ugire ico ukoze kuri iyo ndwara yawe.” Birashoboka yuko utoca uva muri ivyo biro vyiwe wihuta nka kurya kw’umuzimyamuriro bateye akamo bamutabaza. Mugabo nta gukeka ko wokwumviriza inama akugiriye, ugataha maze ukaraba neza ivyo ukwiye gushira imbere y’ibindi.

9. Ni kubera iki twovuga yuko Paulo yamamaza abona ko ibintu vyihutirwa igihe yari i Efeso?

9 Turashobora gutahura ukuntu Paulo yabona ko ibintu vyihutirwa mu kwihweza ivyo yabwiye abakurambere b’i Efeso ku bijanye n’ukuntu yamamaje inkuru nziza mu ntara ya Aziya. (Soma Ivyakozwe 20:18-21.) Biboneka ko kuva ku musi yashikiyeko, yagumye agendera abantu inzu ku nzu ababwira inkuru nziza. Vyongeye, yaramaze imyaka ibiri akurikiza urutonde rwo kwama “ku musi ku musi [ashikiriza] insiguro mu ngoro y’ishure rya Tirano.” (Ivyak. 19:1, 8-10) Biragaragara ko kuba Paulo yarabona yuko ibintu vyihutirwa vyagize ico bikoze ku rutonde rw’ivyo yama akora. Akamo duterwa ko kurangura ubusuku bwacu tubona ko ibintu vyihutirwa, ntigafise intumbero yo gutuma duteshwa umutwe n’igikorwa twashinzwe. Naho ari ukwo, igikorwa co kwamamaza gikwiye kuza mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.

10. Ni kubera iki twohimbarwa n’uko abakirisu bakoze babona ko ibintu vyihutirwa mu myaka nka 100 iheze?

10 Akarorero k’umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya batanguye kwamamaza inkuru nziza imbere ya 1914, karerekana ico bisobanura kubona ko ibintu vyihutirwa. Naho bari ibihumbi bikeyi gusa, baratahuye ko ibintu vyihutirwa ico gihe maze babigiranye umwete baratangura gukora igikorwa co kwamamaza Ubwami. Barasohoye insiguro mu binyamakuru amajana n’amajana bongera barashikiriza porogarama igizwe n’amafoto be n’amasenema, iyo bise “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema.” Muri ubwo buryo, barabwiye inkuru nziza abantu amamiliyoni. Iyo bataba babona ko ibintu vyihutirwa, ni bangahe muri twebwe bari kwumva ubutumwa bw’Ubwami?​—Soma Zaburi 119:60.

URABA MASO NTUREKE KUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA

11. Ni ibiki vyatumye bamwebamwe bareka kubona ko ibintu vyihutirwa?

11 Ibisamaza birashobora gutuma umuntu areka kubona yuko igikorwa co kwamama gihambaye. Isi ya Shetani ifise intumbero yo gutuma dutwarwa cane n’ivyacu be n’ibindi bintu bidahambaye. (1 Pet. 5:8; 1 Yoh. 2:15-17) Abantu bamwebamwe bigeze kuba bashira imbere umurimo wa Yehova bararetse kubona ko ibintu vyihutirwa. Nk’akarorero, wa mukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Dema yaramaze igihe ‘akorana’ na Paulo, mugabo yarasamajwe n’ivy’iyi si itibanga Imana. Aho kubandanya ashira imbere ivyo gukomeza uwo muvukanyi wiwe Paulo mu bihe bitoroshe, yaramutaye.​—Flm. 23, 24; 2 Tim. 4:10.

12. Ni akaryo akahe dufise ubu, kandi ni uturyo utuhe tuzoronka ibihe bidahera?

12 Nimba twipfuza kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa, turakeneye kurwanya icipfuzo co kurushiriza guhimbarwa n’ivyo isi itanga. Tubwirizwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo “[du]cakire bwa buzima nyakuri.” (1 Tim. 6:18, 19) Nta gukeka ko wemera yuko kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi urongowe n’Ubwami bw’Imana bizotuma uronka uturyo twinshi two gukora ibikorwa bigushimisha. Mugabo, akaryo dufise ubu ko gufasha abandi kuzorokoka Harumagedoni ntituzosubira kukaronka.

13. Ubu ko twabaye abakirisu, dushobora gute kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa?

13 Ko benshi mu bantu bo kw’isi badukikuje basinziriye mu buryo bw’impwemu, ivyo bikaba bitaranga ubukerebutsi, ni igiki codufasha kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa? Turashobora kuzirikana ibijanye n’uko twigeze kuba ari nk’aho dusinziriye mu mwiza. Mugabo twarakanguwe, kandi Kristu yaraturasiye umuco, nk’uko Paulo yabivuze. Ubu turafise agateka ko kuba abatwara umuco. (Soma Abanyefeso 5:14.) Paulo amaze kuvuga ivyo, yanditse ati: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye, kubera ko imisi ari mibi.” (Ef. 5:15, 16) Muri iyi si mbi, birahambaye ko ‘twicungurira umwanya’ wo gukora ibikorwa bishobora gutuma tuguma turikanuye mu buryo bw’impwemu.

TUBAYEHO MU BIHE BIHAMBAYE CANE

14-16. Ni igiki gituma kwamamaza Ubwami biba ivyihutirwa cane ubu kuruta ikindi gihe cose?

14 Ubusuku bwa gikirisu bwamye bwihutirwa, mugabo ubu burihutirwa kuruta ikindi gihe cose. Kuva mu 1914, ca kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi kidondorwa mw’Ijambo ry’Imana gisigaye kigaragara cane. (Mat. 24:3-51) Ubuzima bw’abantu buri mu kaga kuruta ikindi gihe cose. Naho ibihugu vya rutura biheruka kugiranira amasezerano yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda, biracafise ibishika 2.000 vyiteguriye guterwa. Abategetsi batanga amaraporo yerekana ko hariho ibintu bakoramwo ibirwanisho ruhonyanganda vyazimiye incuro amajana n’amajana, bakivugisha ko batazi irengero ryavyo. Ba gaterabwoba boba none bafise bimwebimwe muri vyo? Abihweza utuntu n’utundi bavuga yuko abantu boshobora guherengetezwa bitagoranye n’intambara itangujwe n’umwe muri ba gaterabwoba. Ariko rero, intambara si co kintu conyene kigeramiye ubuzima bw’abantu.

15 Raporo imwe yasohowe mu 2009 n’ikinyamakuru kimwe (The Lancet) be na kaminuza y’i Londres (University College) ivuga iti: “Ihindagurika ry’ikirere ni co kintu kibangamiye amagara kw’isi yose gikomeye kuruta ibindi vyose vyo mu kinjana ca 21.” Yavuze kandi iti: “Mu myaka mirongo iri imbere, ingaruka ihindagurika ry’ikirere rigira ku magara zizoshikira benshi mu bantu bo kw’isi zongere zitume ubuzima bw’abantu amamiliyaridi be n’ukumererwa neza kwabo birushiriza kugeramirwa.” Ahantu henshi hoshobora gutikira bitumwe n’iyongerekana ry’amazi yo mu biyaga, uruzuba, imyuzure, ibiza, ibivumbuzi be n’intambara ziterwa n’igabanuka ry’ubutunzi. Egome, intambara be n’ivyago vy’ivyaduka birageramiye abantu.

16 Hari aboshobora kwiyumvira ko hamwe hokwaduka intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda, yotuma haba ibintu bishitsa ca “kimenyetso” be n’iherezo ry’isi. Ariko rero, benshi ntibatahura insobanuro nyakuri y’ico kimenyetso. Kimaze imyaka mirongo cibonekeza, ivyo bikaba vyerekana ko ukuhaba kwa Kristu atari umugani be n’uko iherezo ry’ivy’isi si ririko riregereza ryihuta. (Mat. 24:3) Ntitwari bwigere tubona ibintu vyinshi cane bigize ico kimenyetso nk’uko tubibona muri iki gihe. Harageze ko abantu bikangura bakava mw’itiro ryo mu buryo bw’impwemu. Ubusuku bwacu burashobora kubibafashamwo.

17, 18. (a) “Ikiringo” turimwo kigira ico gikoze gute kuri twebwe? (b) Ni ibiki vyoshobora gutuma abantu bahindura ukuntu babona ubutumwa bw’Ubwami?

17 Hasigaye igihe gito gusa co kwerekana urukundo dukunda Yehova no guheraheza igikorwa co kwamamaza yadushinze muri iyi misi ya nyuma. Ivyo Paulo yabwiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Roma birahambaye mbere kuruta muri iki gihe, na vyo bikaba ari ibi: “Mu[ra]zi iki kiringo, yuko isaha y’uko mwikangura mukava mw’itiro imaze kugera, kuko ubu ubukiriro bwacu buri hafi kuruta igihe twacika abemera.”​—Rom. 13:11.

18 Ibintu vyari vyaravuzwe ko bizoba mu misi ya nyuma birashobora gutuma abantu batahura yuko bakeneye ivy’impwemu. Abandi baratahura yuko abantu bakeneye gufashwa igihe bihweje ukuntu intwaro z’abantu zitashoboye gutorera umuti ingorane z’ivy’ubutunzi, ingeramizi z’ibirwanisho ruhonyanganda, ubugizi bwa nabi, canke uguhonya ibidukikije. Abandi na bo baratahura yuko bakeneye ivy’impwemu iyo baravye ibintu biba mu muryango wabo bwite, nk’ingorane z’amagara, ukwahukana canke ukubura uwabo. Igihe tugira uruhara mu busuku, turashobora gufasha abantu nk’abo.

KUBONA KO IBINTU VYIHUTIRWA VYARATUMYE BAGIRA ICO BAKOZE

19, 20. Ni gute kubona ko ibintu vyihutirwa vyatumye abakirisu benshi bagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo?

19 Kubona ko ibintu vyihutirwa vyaratumye abakirisu benshi barushiriza kugira uruhara mu busuku. Nk’akarorero, hari umugabo n’umugore bari baherutse kwubakana bo muri Équateur bafashe ingingo yo kworosha ubuzima bwabo aho bamariye kwitaba iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu 2006 ryari rifise umutwe uvuga ngo: “Nugume uremuruye ijisho ryawe.” Baragize urutonde rw’ibintu badakeneye, maze mu mezi atatu bava mu nzu yabo y’ivyumba bitatu bimukira mu nzu y’icumba kimwe, baragurisha ibintu bimwebimwe maze barariha amadeni bari bafise. Bidatevye, baratanguye gukora ubutsimvyi bwo gufasha bongera barashira mu ngiro inama umucungezi w’umuzunguruko yabagiriye yo gukorana n’ishengero ryari rikeneye abamamaji kuruta.

20 Umuvukanyi umwe wo muri Amerika yo mu Buraruko yandika ati: “Igihe twe n’umukenyezi wanje twitaba iteraniro mu 2006, twari tumaze imyaka 30 tubatijwe. Igihe twari mu muduga dutashe iryo teraniro rirangiye, twaraganiriye ukuntu twoshobora gushira mu ngiro impanuro zari zatanzwe ku bijanye no kworosha ubuzima bwacu. (Mat. 6:19-22) Twari dufise inzu zitatu, itongo, imiduga izimvye, ubwato be n’umuduga abantu bashobora kubamwo. Kubera ko twiyumvira yuko abandi bategerezwa kuba babona ko turi abakirisu b’ibipfu, twarafashe ingingo yo kwishingira umugambi wo gukora ubusuku bw’igihe cose. Mu 2008 twarifatanije n’umukobwa wacu mu gukora umurimo w’ubutsimvyi busanzwe. Ese ukuntu kurushiriza gukorana n’abavukanyi vyatumye tugira umunezero! Twarashoboye gukorera aho bikenewe kuruta ahandi. Vyongeye, kuba twarongereje ibikorwa dukorera Yehova vyatumye turushiriza kumwiyegereza. Ikintu canecane kiduhimbara ni agateka ko kwibonera ukuntu abantu akamwemwe kabasya igihe bumvise bakongera bagatahura ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.”

21. Ni ibiki tuzi bituvyurira umutima wo kugira ico dukoze?

21 Turazi ibigiye gushikira iyi si mbi, na vyo bikaba ari “umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” (2 Pet. 3:7) Kuba tuzi ivyo Ijambo ry’Imana rivuga biratuvyurira umutima wo gutangaza n’umwete ya makuba akomeye ariko araza be n’isi nshasha izoca ikurikira. Tuguma turushiriza kubona ko kubwira abantu ibijanye n’icizigiro nyakuri vyihutirwa. Tugize uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa cihutirwa, tuba twerekanye ko dukunda vy’ukuri Imana n’abantu nkatwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika