‘Niwamamaze rya Jambo . . . Uvyihutira’
1 Mu gihe uronse ikintu canditseko ngo “BIRIHUTIRWA,” ukibona gute? Ijambo “birihutirwa” risobanura ko “bisabwa kwitwararikwa buno nyene.” Intumwa Paulo rero yabitumwe n’imvo nziza mu kubwiriza Abakirisu ‘kwamamaza rya jambo . . . bavyihutira.’ (2 Tim. 4:2) Woba uvyitaba mu kwitwararika ico gikorwa buno nyene?
2 Paulo ashobora kuba yarashikirijwe inkuru yuko bamwe mu bavukanyi biwe bariko baragaragaza impengamiro yo ‘kugira urwangara mu bikorwa vyabo’ vya gikirisu. (Rom. 12:11) Ivyo vyaragabanya ico ubutame bwabo bwovuyemwo kimwe n’umunezero boshoboye kuronkera mu gufasha abandi.
3 Ukuntu Yezu Yabona Igikenurwa: Ese akanyamuneza Yezu yakuye mu kurangura igikenurwa ciwe! Yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” Akarorero ka Yezu karavyuriye umutima abigishwa biwe, abo yaremesheje mu kubabwira yuko ‘imirima yeze igeze kwimbura.’ (Yoh. 4:34, 35) Kuba yarumva ko ibintu vyihutirwa mu gikenurwa ciwe vyaribonekeje igihe yabwira abigishwa biwe ngo “[b]inginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” (Mat. 9:38) Yezu yaratahura yuko igikorwa-banga ciwe cari ico kwamamaza inkuru nziza, kandi yari yiyemeje kutareka ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kugikora.
4 Tweho Bite? Muri iki gihe, ikintu cihutirwa gihambaye gusumba ikindi gihe cose cigeze kubaho ni uguteza imbere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Mu mihingo myinshi yo kw’isi, imirima ireze igeze kwimburwa. No mu bihugu nyene bisa n’uko vyashinzwemwo intahe inogangije, abantu ibihumbi n’ibihumbi baguma babatizwa uko umwaka utashe. Kubera iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu ririko riregereza ningoga, hariho ‘vyinshi vyo gukora mu bikorwa vy’Umwami wacu.’ (1 Kor. 15:58) Gusumba ikindi gihe ico ari co cose, birahambaye yuko twihata n’umwete mu gusangira n’abandi ubutumwa bw’Ubwami.
5 Nimuze twitwararike cane gushikanako abandi inkuru nziza, mu kuva ku nzu tuja ku yindi hamwe no mu kuja mu kandi karere kose dushobora gusangamwo abantu. Mu kugira uruhara bimwe vyuzuye uko dushoboye kwose mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, tuba twerekanye neza ko twashize imbere ivy’Ubwami mu buzima bwacu. (Mat. 6:33) Ukudahemuka kwacu mu kwamamaza rya jambo tuvyihutira bizotuzanira umunezero mwinshi.