ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/99 rup. 1
  • Niturushirize Gushinga Intahe Uko Umuhero Wegereza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niturushirize Gushinga Intahe Uko Umuhero Wegereza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene tworushiriza kubona ko kwamamaza vyihutirwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • ‘Niwamamaze rya Jambo . . . Uvyihutira’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Imirima ireze, igeze kwimbura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 4/99 rup. 1

Niturushirize Gushinga Intahe Uko Umuhero Wegereza

1 Iyimbura ni igihe c’umunezero. Ni igihe kandi gisaba abantu gukora bagatama. Umwanya wo gusarura uba ari muto. Abakozi ntibokwubahuka kwijandajandira mu gikorwa cabo.

2 Yezu akoresheje imvugo ngereranyo, yagereranije “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” n’igihe c’iyimbura. (Mat. 13:39, NW) Ubu turi mu gihe c’insozero y’uru runkwekwe rw’ibintu, tukaba dufise igihe gito cane co gushinga intahe “mw isi yose.” (Mat. 24:14) Uko muhero uguma wegereza, ni ko bikenerwa ko turushiriza kugira uruhara mu gikenurwa. Kubera iki? Yezu yasiguye ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.”—Mat. 9:37, 38; Rom. 12:11.

3 Nuyishinge Uvyihutira: Igihe Yezu yatangura ca gikorwa ciwe gihambaye co kwamamaza inkuru nziza, yari afise gusa imyaka itatu n’igice yo kurangura ico yari yarashinzwe gukora. Yamamaje inkuru nziza abona ko vyihutirwa, avuga ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.”—Luka 4:43.

4 Yezu yarinjije mu bigishwa biwe ukubona ko ibintu vyihutirwa nk’ukwo nyene. (Mrk. 13:32-37) Ni co gituma “imisi yose mu rusengero no mu mihana [bat]ahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga [Kirisitu, Yezu].” (Ivyak. 5:42) Imirimo ihambaye buhoro si yo bashira imbere mu buzima bwabo. Naho bari bake, barashoboye kwamamaza inkuru nziza “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.”—Kol. 1:23.

5 Tweho turafise imvo inahambaye kuruta yo gutsimbataza ukwo kubona yuko ibintu vyihutirwa muri iki gihe, uko “umuhero wa vyose [uba] hafi.” (1 Pet. 4:7) Yehova yarashinze umusi n’isaha iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu rizoshikirako. (Mat. 24:36) Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kizorangira mu gihe gisigaye. Ni co gituma tubandanya kwongereza utwigoro twacu kugira ngo turushirize gushikira abantu benshi gusumba tubazaniye inkuru nziza.

6 Turushirije kugira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe uko umuhero wegereza, nka kumwe kwa Yezu tuzoshira akanyota ko kubwira Yehova duti: ‘Twaranonosoye igikorwa waduhaye gukora.’—Yoh. 17:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika