Imirima ireze, igeze kwimbura
1. Ni igikorwa gihambaye ikihe kiriko kirakorwa muri iki gihe?
1 Yezu ahejeje kubwira inkuru nziza Umusamariyakazi umwe, yabwiye abigishwa biwe ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” (Yoh. 4:35, 36) Ico gihe hariko haraba iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu, kandi Yezu yarashobora kubona imbere y’igihe yuko ico gikorwa coranguwe kw’isi yose. Yezu aho ari mw’ijuru, aguma yitwararika cane iryo yimbura. (Mat. 28:19, 20) Ni ibimenyamenya ibihe bitwereka yuko ico gikorwa kibandanya kwiyongera no kwihuta uko kigana ku gihe caco c’agaheta?
2. Ni ibintu ibihe vyerekana ko igikorwa c’iyimbura kirangurwa kw’isi yose kiriko kirushiriza kwiyongera no kwihuta?
2 Iyimbura riba kw’isi yose: Mu mwaka w’umurimo wa 2009, igitigiri c’abamamaji kw’isi yose carongerekanye ibice 3,2 kw’ijana. Mu bihugu usanga igikorwa co kwamamaza kiburabuzwa, harabaye iyongerekana ry’ibice 14 kw’ijana. Igitigiri c’inyigisho za Bibiliya zayobowe buri kwezi cararenze 7.619.000, kikaba ari igitigiri kiruta igitigiri kinini kuruta ibindi c’abamamaji bose. Vyongeye, ugereranije n’igitigiri c’inyigisho za Bibiliya zayobowe mu mwaka w’imbere y’uwo, ico gitigiri kirengako hafi igice c’umuliyoni. Uko ico gikorwa gitera caguka ningoga mu mihingo myinshi, haguma harushiriza gukenerwa abamisiyonari baciye mw’Ishure ry’i Gileyadi. Mu bihugu bitari bike, ivyibare birimwo abantu bavuga indimi z’inyamahanga biriko birimbuka cane. Biribonekeza ko Yehova ariko arihutisha igikorwa mu kiringo c’insozero y’iyimbura. (Yes. 60:22) Woba ubona mu buryo bwiza “imirima” yo mu cibare cawe?
3. Ni igiki bamwebamwe bashobora kwibwira baravye ingene ivyibare vyabo vyimbuka?
3 Iyimbura mu cibare cawe: Hari uwovuga ati: “Jewe mbona icibare canje kitimbuka cane.” Ni ivy’ukuri yuko ivyibare bimwebimwe bisa n’uko bitimbuka cokimwe n’ibindi canke bitacimbuka nk’uko vyahora. Hari Ivyabona bamwebamwe boca bibwira yuko iyimbura ryamaze gushika ku gihe caryo c’agaheta muri utwo turere, akaba rero ata kindi gisigaye atari ukwegeranya utwoba dusigaye. Vyoba vy’ukuri ari ukwo biri?
4. Ni mu buryo bwiza ubuhe dukwiye kubona ubusuku bwacu, kandi kubera iki?
4 Kuva ku ntango gushika kw’iherezo, iyimbura riguma ari ikiringo c’ibikorwa vyinshi kandi vyihuta. Raba ukuntu amajambo Yezu yavuze yerekana ko ico gikorwa cihuta. Yavuze ati: “Ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Yehova, we Mukuru w’iyimbura, ni we amenya igihe be n’ahantu umwimbu uronkeka. (Yoh. 6:44; 1 Kor. 3:6-8) None twebwe ico tujejwe gukora ni igiki? Bibiliya yishura iti: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke.” (Umus. 11:4-6) Urumva nawe ko igihe iyimbura rigira rishike ku gihe caryo c’agaheta atari co gihe co kureka ukuboko kwacu ngo kuruhuke!
5. Ni kubera iki dukwiye kubandanya kwamamaza n’umwete mu vyibare bisa n’ibitimbuka?
5 Nubandanye kwimbura: Naho icibare cacu coba kimaze gukorerwamwo incuro n’izindi kikaba kandi gisa n’ikitimbuka, hariho imvo zumvikana zotuma tubandanya gukora dufise umwete kandi tubona ko ibintu vyihuta. (2 Tim. 4:2) Amahinduka ateye ubwoba ariko araba kw’isi aratuma abantu bahindura uburyo babona ibintu maze bakarushiriza kuzirikana ata gufyina ku bijanye na kazoza. Uko abakiri bato bakura, boshobora kwumva bakeneye gutekanirwa no kuronka amahoro yo mu mutima. Hari n’abandi boshobora gutangazwa n’ukuntu twumira kw’ibanga. Egome, abatatwumvirije muri kahise boshobora kwakira ubutumwa. Mbere n’abanka n’ibigirankana ubutumwa tubashikiriza barakeneye kuburirwa.—Ezk. 2:4, 5; 3:19.
6. Nimba icibare cacu kitoroshe, ni ibiki bizodufasha kugumana umwete?
6 Nimba icibare cacu kitoroshe, ni ibiki bizodufasha kugumana umwete? Kumbure twoshobora kugira uruhara mu yindi mice y’ubusuku uretse ugukora inzu ku nzu, nk’akarorero tukamamaza mu vyibare bikorerwamwo ivy’ubudandaji canke tugashinga intahe biciye kuri telefone. Canke na ho twoshobora guhindura ukuntu dushikiriza inkuru nziza maze tugakoresha uburyo bushasha. Twoshobora guhindura urutonde rwacu maze tukaja mu busuku ku mugoroba canke mu yandi masaha abantu boshobora kuba bari i muhira. Hari n’aho twoshobora kwiga urundi rurimi kugira ngo dushikire abantu benshi kuruta, tubashiriye inkuru nziza. Hari igihe vyodushobokera tukagura ubusuku bwacu mu gukora ubutsimvyi busanzwe. Canke na ho twoshobora kwimukira ahantu hari abimbuzi bake. Igihe tubona iyimbura mu buryo bwiza, tuzokwihatira kugira uruhara uko dushoboye kwose muri ico gikorwa gihambaye.
7. Dukwiye kubandanya igikorwa c’iyimbura gushika ryari?
7 Abarimyi usanga bataba bafise umwanya munini cane wo kwegeranya ivyimburwa, akaba ari co gituma bakora badatezura, bakaruhuka ari uko igikorwa kirangiye. Iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu na ryo nyene risaba ko tuguma tubona ko ibintu vyihuta. None dukwiye kubandanya ico gikorwa c’iyimbura gushika ryari? Ni mu kiringo cose c’“insozero y’ivy’isi” gushika kw’“iherezo.” (Mat. 24:14; 28:20) Nka kumwe kwa wa Musuku mukuru wa Yehova, twipfuza kurangiza igikorwa twashinzwe. (Yoh. 4:34; 17:4) Nimuze rero tubandanye kurangura ubusuku bwacu dufise umwete n’umunezero kandi tubona ibintu mu buryo bwiza, gushika kw’iherezo. (Mat. 24:13) Erega iyimbura ntirirahera!
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 2]
Kuva ku ntango gushika kw’iherezo, iyimbura riguma ari ikiringo c’ibikorwa vyinshi kandi vyihuta