115 Ewe Yehova, ntutuninahaze, oya ntutuninahaze,
ahubwo nuninahaze izina ryawe+
kubera urukundo rwawe n’ukudahemuka kwawe+.
 2 Kubera iki amahanga yovuga ngo:
«Imana yabo iri hehe+?»
 3 Imana yacu iri mw’ijuru,
kandi ico ishatse cose iragikora.
 4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu,
kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.
 5 Bifise umunwa ariko ntibivuga+.
Bifise amaso ariko ntibibona.
 6 Bifise amatwi ariko ntivyumva.
Bifise amazuru ariko ntibimoterwa.
 7 Bifise intoke ariko ntibishobora gukorakora.
Bifise amaguru ariko ntibishobora gutambuka+.
Imihogo yavyo ntisohora ijwi+.
 8 Ababikora bazomera nka vyo+,
eka mbere n’abavyizigira bose+.
 9 Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+:
ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe+.
10 Ewe nzu ya Aroni+, niwizigire Yehova:
ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe.
11 Yemwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+:
ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu+.
12 Yehova aratwibuka kandi azoduhezagira.
Azohezagira inzu ya Isirayeli+,
ahezagire n’inzu ya Aroni.
13 Yehova azohezagira abamutinya,
abato cokimwe n’abahambaye.
14 Yehova azotuma mugwira,
mwebwe n’abana banyu+.
15 Ese Yehova yobahezagira+,
we Muremyi w’ijuru n’isi+.
16 Ijuru ni irya Yehova+,
ariko isi yayihaye abana b’abantu+.
17 Abapfuye ntibashemeza Yehova+,
kandi n’abari mu mva bose ntibashobora kumushemeza+.
18 Ariko twebwe tuzoshemeza Yehova,
kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
Shemeza Yehova!