ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/09 rup. 1
  • Twamamaze tuvyihatira!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twamamaze tuvyihatira!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene tworushiriza kubona ko kwamamaza vyihutirwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Niwamamaze rya Jambo . . . Uvyihutira’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 12/09 rup. 1

Twamamaze tuvyihatira!

1. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze dukwiye kwitwararika muri iki gihe cacu?

1 “Wamamaze rya jambo, uvyihatire.” (2 Tim. 4:2) Ni kubera iki iyo mpanuro ya Paulo ihambaye cane muri iki gihe cacu? Ayo majambo ashobora gute kugira ico akoze ku buzima bwacu no ku bw’abandi?

2. Ni kubera iki turonderana umwete abantu batarumva inkuru nziza?

2 Birerekeye ubuzima bw’abantu: Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi ntibarumva inkuru nziza ishobora kubashikana ku bukiriro. (Rom. 10:13-15; 1 Tim. 4:16) Abantu benshi b’umutima nziraburyarya usanga bari mu cibare gikunze gukorerwamwo. Hamwe twohagendera ku wundi musi canke ku kindi kiringo c’umusi, hari aho twohasanga umuntu tutari bwahasange. Mwene ukwo kurondera abantu tubigiranye umwete bituma tugira ijwi ryo mu mutima ryiza, bigatuma kandi twumva ko tutāgirwa n’amaraso.—Ibik. 20:26.

3. Dushobora gute gukoresha umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi igihe turi mu busuku?

3 Naho abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahanganye n’ukurwanywa gukaze, ‘barujuje Yeruzalemu inyigisho yabo.’ (Ibik. 5:28) Twoba natwe twariyemeje “gushinga intahe inogangije” nk’ukwo nyene? (Ibik. 10:42) Igihe turi mu busuku, twoba dukoresha umwanya wacu tubigiranye ubukerebutsi? Nimba turindiriye mu gihe abandi baba basubiye kuraba uwo baganiriye, twoba twibwiriza kuganiriza abahita?

4. Kwamamaza tuvyihatira bidufasha gute kuguma turi maso?

4 Biratuma turushiriza kurikanura: Kubera ko iherezo ry’ivy’iyi si riri hafi, dutegerezwa kuguma turikanuye, tukaguma turi maso. (1 Tes. 5:1-6) Igihe tuvuga tudahorereza ivyerekeye icizigiro cacu c’Ubwami, tuba twirinze kuremerwa n’ivy’iyi si. (Luka 21:34-36) Ivyo biraheza bigatuma tuvyurirwa umutima wo kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kirokora ubuzima, uko tugumiza umusi wa Yehova “hafi ku muzirikanyi.”—2 Pet. 3:11, 12.

5. Ni gute ukwubaha ubuzima bituma tugira umwete mu busuku?

5 Igihe twamamaje tuvyihatira, tuba tugaragaje ko tubona ubuzima nk’uko Yehova abubona, na we akaba “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashikira ukwigaya.” (2 Pet. 3:9; Ezk. 33:11) Ese twokwiyemeza kuyagisha abantu benshi bashoboka mu cibare twakebewe, ivyo vyose tukabigira kugira Yehova ashemezwe!—Zab. 109:30.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika