Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Ni nde akwiye gutura isengesho ku makoraniro y’ishengero?
Isengesho ryo mw’ishengero ni umuce uhambaye w’ugusenga kwacu. Guserukira abandi imbere ya Yehova ni agateka ntangere bikaba n’ibanga riremereye. Turavye uburemere bwaryo, abakurambere barakeneye gukoresha ubukerebutsi igihe bahitamwo abavukanyi bakwije ibisabwa kugira ngo bature isengesho ku makoraniro. Abavukanyi babatijwe baserukira ishengero bakwiye kuba ari abasuku b’Abakirisu bakomeye mu vy’impwemu, bazwi ko batanga akarorero keza kandi bakaba bubaha ishengero. Amasengesho yabo aranga ugusonera Imana n’ukwubaha bikwiye guhishura imigenderanire myiza bafitaniye na Yehova Imana. Ikiganiro “Gutura Isengesho Imbere y’Abandi n’Umutima Uciye Bugufi” co mu nomero y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 1986 (mu Gifaransa), kiratanga ingingo zihambaye zifasha canecane abaserukira ishengero mu gutura amasengesho ku mugaragaro.
Abakurambere ntibotora umuvukanyi ngo ature isengesho nimba azwiko amahinyu canke atigenza neza. Umuvukanyi ari n’impengamiro yo gushavura cane canke ahengamiye ku gukoresha isengesho ryo ku mugaragaro nk’uburyo bwo gushira ahabona amatati abantu bafitaniye, uwo ntazotorwa. (1 Tim. 2:8) Naho nyene umuvukanyi w’umuyabaga ashobora kuba yarabatijwe, abakurambere bazobwirizwa kuraba nimba akomeye mu vy’impwemu ku buryo yoserukira ishengero mw’isengesho.—Ivyak. 16:1, 2.
Rimwe na rimwe ku makoraniro yo gusohoka mu gikorwa co mu ndimiro, vyoshobora kuba ngombwa ko umuvukanyikazi yabatijwe atura isengesho nimba ata muvukanyi akwije ibisabwa ahari kugira ngo aserukire uwo mugwi. Yoshobora kwipfunga igitambara kibereye. Nimba bisa n’uko umuvukanyi akwije ibisabwa atazoba ari ho ari ku makoraniro amwamwe yo gusohoka mu ndimiro, abakurambere bakwiye gutora umuvukanyikazi akwije ibisabwa kugira ngo arije imbere.
Bisanzwe bimenyerewe yuko umuhagarikizi w’Ikoraniro ry’Icese ari we atura isengesho ryo gutangura. Ariko rero, ku yandi makoraniro y’ishengero, iyo hariho abavukanyi benshi bakwije ibisabwa, uwundi muntu atari wa muvukanyi atanguza ikoraniro canke atari urya aba yashinzwe gushikiriza ikigabu ca nyuma, ashobora guhamagarwa gutura isengesho ryo gutangura canke ryo gusozera. Mu gihe ico ari co cose, umuvukanyi ahamagarwa gutura isengesho kw’ikoraniro ry’ishengero akwiye kubimenyeshwa imbere y’igihe kugira ngo ashobore gutegura ivyo aja kuvuga. Gutyo arashobora gutura isengesho ritomoye, rivuye ku mutima kandi ribereye iryo koraniro.
Mwene ayo masengesho ntibikenewe ko aba maremare. Iyo umuvukanyi ashikiriza isengesho ryo ku mugaragaro, mu bisanzwe isengesho atura rirumvikana neza iyo ahagaze, akavuga n’ijwi rikwiye, kandi agatobora. Ivyo bizofasha abakoraniye aho bose kwumva isengesho kandi rirangiye bakavuga bati “Amen!”—1 Ngo. 16:36; 1 Kor. 14:16.